Ingorane y’ugusegerereza isa n’iyabaye kananirabagabo mu gisagara ca Bujumbura. Ni ko, nta kintu kiboneka kirakorwa kugira itorerwe umuti, ariko muri zone ya Buterere y’ikomine ya Ntahangwa, hari ishirahamwe ry’urwaruka ririko rirakora uko rishoboye.
Urwaruka
« Hari urwaruka ruja gushurashura mu bibanza rusangi » : uruhara rw’abavyeyi
Muri ino minsi, iyo ugorobereje muri bimwe bimwe mu bibanza rusangi vyo mu gisagara ca Bujumbura, ubona vyinshi. Hirya no hino, urwaruka biboneka ko rukiri mu myaka y’ubuyabaga, bariko basomana canke bari mu mibonano mpuzabitsina, nk’uko womengo bari kw’isi ya […]
Burundi: icokorwa kugira Intamba zishike mu nkino z’igikombe ca Afrika mu 2019
Umurwi nserukiragihugu mu rukino rw’umupira w’amaguru, Intamba mu rugamba, w’abadakwiza imyaka mirongo ibiri, uheruka gutera iteka igihugu mu kuronka itike yo kwitaba igikombe ca Afrika kizobera mu gihugu ca Niger mu ntango z’umwaka w’2019. Hari haheze imyaka ishika kuri mirongo […]
« Kuja mu rwanda » : umugirwa wo kunezereza abanega utabuze ingaruka
Mu ntara z’uburaruko bushira ubuseruko bw’Uburundi, hari umugirwa witwa « kuja mu rwanda ». Uwo mugirwa rero ukorwa n’abigeme bakiri bato, hagati y’imyaka 14 na 16, mu ntumbero yo kuzonezereza abagabo babo igihe bamaze kwubaka izabo. Franck Arnaud Ndorukwingira aratwiganira ibijanye n’uwo […]
Kuvuka uri nyamwema ni nk’umuvumo ?
Haraciye iminsi 15 isi yose ihimbaje umunsi mpuzamakungu wahariwe abanyamwema. Uwo munsi uhimbazwa buri genekerezo rya 13 Ruheshi uko umwaka utashe. Naho hari intambwe iboneka imaze guterwa ku bijanye n’ukwubahiriza ubuzima bwa ba nyamwema, hari akagihaze. Prosper Niyonkuru araduha uturorero […]
Uburundi mu nkino z’isi yose z’umupira w’amaguru mu mwaka w’2026
Mu gihe ibihugu bitandukanye vyo kw’isi biriko birahiganirwa igikombe c’isi mu nkino z’umupira w’amaguru, si benshi bishikira kwiyumvira ko Uburundi hazogera igihe bugahiganirwa ico gikombe. Ariko ngo biri mu nteguro. Rukundo Landry aratubwira ivy’iyo myiteguro, hamwe n’ibikwiye gukorwa kugira iyo […]
Abigeme bakoresha uburyo bukinga imbanyi mu ntumbero zitabereye
Naho uburyo bukinga ugusama imbanyi umuntu atiteguriye bwari bwagenewe abubatse canke abamaze gushika mu bigero, ngo hari abigeme batarashika mu bigero usanga babukoresha. Ivyo rero ngo bifasha iyo miyabaga kwishora mu ngeso z’ubushurashuzi nk’uko Ndikumwenayo Rénovat atera ivyatsi imigambi n’amayeri […]
« Natanguye kunywa itabi mfise imyaka icenda: ico vyavuyeko n’aho vyanshikanye »
Ni igenekerezo rya 31 Rusama, amakungu arahimbaza umusi wahariwe kurwanya amabi aturuka ku kunywa itabi. Mu mugwi w’abihereza itabi mu Burundi, harimwo n’abana bakiri bato. Ariko ivyo bizi bake. Muti none biterwa n’iki? Abo bana bo biraheza bikabashikana he? Divin […]
Abana bahoze mw’ibarabara baraye bambitse iteka Uburundi mu makungu
Kw’ igenekerezo rya 20 rusama uno mwaka turimwo, umurwi w’abakinyi b’umupira w’amaguru Imboneza ni ho waganuka uvuye guserukira igihugu mu gikombe c’isi yose c’abana bahoze baba mw’ibarabara. Vyabereye mu gihugu c’Uburusiya. Rukundo Landry aratwiganira uko Uburundi bwifashe mw’izo nkino.