‘‘Kuharya i reggae’’ vyamaze kuba igikorwa kimenyerewe aha i Bujumbura na canecane muri iyi misi ikibazo c’igitoro cabaye urusyo. Ubu benshi ntibacemera guta umwanya ngo barindiriye ibibunguruza, bariyunguruza. Ego gutambuka ni vyiza muga iyo utaravye neza abo mufatanye urugendo, hari […]
Urwaruka
#ZaNzoga : inzira zijana kurusoma ziri kune ziri gutanu
Kwisanga mu bakunzi b’agacupa canke umwerera bitangura kwinshi nk’uko twabibonye ubuheruka. Kuva ku gakuku, agaharawe ngo ni kwitanaho (ivyo bita care mu congereza) hamwe n’akamenyero, ibijana umuntu gukunda inzoga si bike. Nsengiyumva* w’i Makamba araducira ku mayange uko vyamugendeye n’uko […]
Intahe: “Uko narongowe n’inzoga nkiri ikibondo”
Kuri bamwe kunywa inzoga ni kugira winezereze. Ku bandi ni kugira uje mu bandi, kuba umugabo, guteramana n’abo mungana, eka n’ibindi. Akenshi, ivyo kunywa abantu babijamwo bisumbuye gato, nk’iyo bari canke begereje ubuyabaga. Kuri Raoul wo mu ntara ya Rumonge […]
Inama nkuru y’urwaruka mu Burundi : tuva he tukaja he ?
Kw’igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2022, hazoba amatora y’abarongoye inama nkuru y’urwaruka ku rwego rw’igihugu. Intambamyi nyamukuru zahanze urwo rwego mu kiringo giheze, ni uko ata mategeko arugenga yari ahari kandi n’uburyo rukoresha “bwari buke cane”. None hokorwa iki kugira ivyo […]
Kwibonanya: ico uwo vyiziziye yokora ngo abihebe
Ku myaka 18 amaze yubatse, David* afise abana bane, kandi umuhererezi afise imyaka 11. Yemeza ko vyanse ko aheba kwibonanya, kandi yubatse, ata n’ico akema umugore wiwe mu mabanga y’urugo. Bimubabaza ku mubiri no ku mutima, ariko vyaramunaniye guheba. None […]
“Twibaruke ku rugero ku neza yacu”: urwaruka rwo si ko ruvyumva !
Si agaseseshwarumuri, igitigiri c’abenegihugu kibandanya ciyongera mu Burundi. Mu gihe Reta, amashirahamwe n’amashengero bahimiriza kwibaruka ku rugero, urwaruka rubibwirwa rworwo, bica mu gutwi bigaserukira mu kundi.
Miss Burundi : ni igiki cokorwa kugira iryo higanwa riheshe iteka Umurundikazi ?
Uburundi bwaraye buhimbaje, umusi mpuzamakungu wahariwe uguharanira agateka k’umukenyezi. Ivyo bihuriranye n’uko hariko hatunganywa ihiganwa Miss Burundi. Uno mwanditsi abona ko rishobora gusubiza inyuma agateka k’Umurundikazi, aho kugateza imbere. Muti kuki ? Kubera ibikenewe vyose bitahari kugira rimuheshe agateka. Arabituyagira. […]
Tahura muri make urukundo rw’ukuri urwo ari rwo
Birashika, urwaruka rukagwa mu mutego w’abigira ngo barakundana, bakaja gutahura, amazi yarenze inkombe, ko uwo bihebeye yishakira ibindi. Urwaruka rukwiye kwama rwiyubara, rukamenya gutandukanya urukundo rw’ukuri hamwe n’urwuzuye uburyarya. Muti bobimenya bate ?
Ubuyabaga n’ubukangara : inyifato ibereye ku rwaruka rudashimishwa n’uko rumeze
“ Kudashimishwa n’uko umuntu ameze !” Aha benshi bokwibaza bati : “Ivyo birabaho ?” Egome cane birabaho kandi biraraje ishinga abatari bake, na canecane abayabaga n’abakangara. Bibatuma batuntura ku mutima, bakiyanka, bakanagira inyifato zitari nziza ku buzima bwabo. None koko […]