article comment count is: 10

Gukundana n’uwuri kure yawe : ibintu bitanu vyofasha urwo rukundo gukomera

Gukundana ntivyoroshe na gato, habamwo ibigorana vyinshi. Utwo mupfa ntitubura : ukudatahurana, ishari, ukwikwegerako, n’ibindi. Iyo uwo mukundana  ari i buheramaso hoho biza bivuna. None umuntu yobigenza gute ngo agume mu rukundo rutotahaye be n’uwo bakundana ari kure yiwe?

Hari abakunda kwivugira ko impinga n’urukundo bimeze nka kurya kw’umuyaga n’umuriro. Iyo akariro ari gake, umuyaga uje urakazimya. Ariko iyo umuriro ari mwinshi, haje umuyaga, uwutuma urandagata hose ukaba mwinshi cane. Ivyo ni ivy’ukuri. Gukundana n’umuntu ari kure biragoye mugabo birashoboka kuguma mukundana n’aho biri uko. Ng’ubu rero uburyo butanu umuntu yikwisunga kugira ngo agume mu rukundo rwuzuye n’uwiwe ari i mpinga.

Kumukunda urwuzuye 

Ica mbere kugira urukundo rwanyu ruze rugire ivyamwa vyiza, ni ukwumva ko umukunze utekanye, urukundo ruhoraho. Mu bisanzwe womenga vyoroshe kuvuga gusa, mugabo hatarimwo urukundo, bizokunanira kwihanganira iyo mpinga ibatandukanya. Muzokwaduka mupfe akantu gasanzwe cane mukagagamishe usange havuyemwo imyikomo y’urudahera ndetse n’ugucanamwo kuziremwo. 

Kuvugana kenshi

Kuba umufitiye urukundo ntivyikwiye vyonyene. Uwo ukunda uramuvugisha kandi kenshi. Uramuterefona canke ukamwandikira kenshi ku buryo hataza kuba igihengeri mu rukundo rwanyu, nk’imisi yose canke imisi 5 ku 7 n’imiburiburi. Mugabo rero ngaho ni ukuhagabira, ntuhave usanga uriko uramubuza amahoro. Iyo atagutorana agahengwe bishobora gutuma arambirwa, akabihirwa. Ni ukumureka akidagadura, akaryoherwa yisanzuye. Ahandi hoho womengo uriko uramugenza ivyo akora imisi yose. 

Gutahurana no kwizigirana

Birashobora gushika ko uwo mukundana atakwitaba kw’iterefone canke ntiyishure ningoga ubutumwa wamwandikiye. Ntuce ubigagamisha. Erega ntuzokwama uzi ivyo arimwo buri mwanya, kandi ntibigutume uca ugerageza kumugenzura. Udafise amakuru yiwe, mwandikire uheze umubwire ko aza kukwandikira igihe azoba asomye ubutumwa bwawe afise akanya. Umubwire ko umukumbuye, n’ayandi majambo y’inkoramutima. Ivyo bituma mudaharira canke ngo mureke gutahurana, ari navyo bituma urukundo rugoyagoya. Mubona hari ico mwogorora, mubigire mutaranze imitsi hanyuma mutore umuti.

Kuvugana utu na turiya twose

Ganira. Kandi kenshi. Ariko mu kuganira ntimwame muvugana ibintu womenga birahambaye gusa, kandi ntimwame kuri vya bindi nyene. Ubona ko « ijambo ryama mu kanwa ricika inkonda », no kwama muvugana vya bindi nyene birareteba bikarambira. Rimwe na rimwe muracishamwo mugatwenga, mugatebura mukanatetekana. Rungikiranire ubutumwa buciye mu majwi canke amasanamu. Uvuge ico ukunda ku wundi, munavuge n’ibijanye n’ubuzima ndorabitsina. Ukamubwira uko wipfuza ko muvyifatamwo igihe mwoba muri kumwe. Ntimwishinge kuguma mubona ko impinga ari ndende, nyabuna mugerageze mumarane iryo rungu. Urukundo muzoba muruvomereye cane.

Tegekanya kandi mwitegurire igihe muzohurira

Umwizero wo kubonana canke gusubira kubonana utegerezwa kugumaho. Ahubwo bituma ikiringo mumara mutabonanye kitabavuna, eka ntunabona ko ari kure yawe. Mutegerezwa nyabuna kugumana umwizero ko muzobonana, kandi mukanabitegekanya, mukavyitegurira. Umwe wese muri mwebwe rero aritegura haba ku mutima, ku mubiri no mu buryo bwo kubonana. Ivyo rero ntibitegerezwa kuraza ishinga umwe gusa, nyabuna biraba mwempi. 

N’aho gukunda uwo mutabonana biremera, birashoboka cane. Igikuru ni ishaka, kwihangana no kutadohoka. Erega na kare bavuga bati : « urukundo rurihangana, urukundo rugira neza, rwemera vyose, rurinda vyose, urukundo ntiruhera ».

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (10)

  1. mfise uwoshak gukunda ariko ivyombona agira ntibinshimisha,arigenza kubahungu keshi,agakubagana,niyobamukoz kumaber ntiyanka.Mumpanuye iki?

  2. je ndi umuhungu agereranye sindi munin cnk mutomut eka sindi muremure cnk muguf kand naho nirabura sicane kurivyo rero nshaka umukobwa w’inzobe yubaha atari babandi uwo bahuye asiga amututs kand atar njana nabaja