Biramenyerewe ko abana bakiri bato bikorakora ku bihimba vy’irondoka, canke bakibonanya bigiwe haruguru. Abavyeyi b’abana babikora barabura uko bifata ku buryo bakitamwo kurya umutima abo bana mu kubakubita canke bakabatukagura. Ariko rero, ubushakashatsi bwerekana ko uwo atari wo muti w’iyo […]
Urwaruka
Umuyabaga yatewe ubwoba n’ihinduka ry’umubiri, twomuganiriza gute ?
Umuntu ageze mu myaka y’ubuyabaga, hahinduka vyinshi kuri we, na canecane ku mubiri. Uwo bishikiye aragira ubwoba kuko biza bukwi na bukwi, adafise aho akura umuco bikamuvyimvya umutima. Yamara, ntivyategerezwa kugenda gutyo. Uyu umuco dukura ku rubugwa rwa Brunet uradufasha […]
Amareresi y’urukozasoni: “Umwana wanje yayaravye akiri musi y’imyaka indwi”
Muri iki gihe c’uburuhuko, abavyeyi bazinduka baja ku mirimo, abana bakaguma i muhira. Bivanye n’aho bari canke abo basigarana, abo bana basigara barakora ibintu bitandukanye, n’ibitabereye bidasizwe inyuma; nk’ibi vyashikiye umwana wanje. Intahe.
Indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka : urwaruka rw’Abarundi ruziziko iki ?
Ba sokuru barayamaze bati : “intamenya irya ishano”. Ubumenyi buke cane mu bijanye n’indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka buranga urwaruka n’imiyabaga mu Burundi ni bwo butuma izo ndwara zibabangamira cane, inganda zigatikira. Turabire hamwe uko vyifashe n’icokorwa.
Ingene ugukundana vyatwirukanishije kw’ishure
Gucungwa, gukurwa amanota y’indero, kwugaranwa, …. ng’ivyo bimwe mu vyo abanyeshure baba mu ndaro mu mashure yisumbuye babayemwo. Ariko hari abarega kuri izo nzitizi zose bakinjira mu rukundo, n’aho biba bigoye. Na rirya abo banyeshure baba bari mu myaka y’ubuyabaga, […]
Amareresi y’ubuhumbu: umugera ugeramiye urwaruka
N’aho ata biharuro dufise twokwisunga bigaragara, abantu batari bake bararaba amareresi y’ubuhumbu ; hagera mu rwaruka hoho bikaba ibindi. Iyo uwukiri umuyabaga canke uwashitse mu bigero abiraba kenshi, inkwirikizi ntazitura, nk’uko bisigurwa na Sébastien Garnero, umuhinga mu vy’inyifato n’ibijanye n’ubuzima […]
Augustin Ndabagumije: ibintu bine mwomenya kuri iyo ntwari yaraye ishengeye
Kuri uyu wa 14 Mukakaro 2020, Uburundi bwaraye bubuze inararibonye, umunyakaranga rurangiranwa yateje imbere umuziki kama w’igihugu kuva mu myaka y’1970, Augustin Ndabagumije. Uwo muhumure yitavye Imana afise imyaka 61, yarakoze birashimwa, ibikorwa vyiwe twama tuvyumva ku maradiyo. Ng’ibi ibintu […]
Imibonano mpuzabitsina mu miyabaga : « ntimukaruce rutarama ! »
Muri iyi ndwi, twarabonye ukuntu usanga imiyabaga bazazanirwa ku bijanye n’ubuzima ndorabitsina, ku buryo badaheza ngo bamenye uko bitwara mu buyabaga bwabo. Kubera ko benshi baba bakiri ku ntebe y’ishure, bakaba bagiye mu buruhuko, reka twifashishe igitabo kigenewe abanyeshure citwa […]
« Uko nabaye mu musi w’amatora » : baratwiganira
Itariki 20 Rusama, Abarundi bazindukanye n’iyonka kwitorera indongozi nshasha. Abanditsi babiri ba Yaga baratwiganira uko uwo musi wagenze kuri bo.