Biramenyerewe ko abana bakiri bato bikorakora ku bihimba vy’irondoka, canke bakibonanya bigiwe haruguru. Abavyeyi b’abana babikora barabura uko bifata ku buryo bakitamwo kurya umutima abo bana mu kubakubita canke bakabatukagura. Ariko rero, ubushakashatsi bwerekana ko uwo atari wo muti w’iyo ngeso. Turabire hamwe icokorwa, twisunze umuco duhabwa n’umuhinga Sophia Lessard ku rubuga rwa Planète Santé.
Ivyo kwikorakora ku bihimba vy’irondoka ku mwana, ntarinda kubishiramwo ubwenge ngo avyiyumvire, asanga vyabaye. Biraduka akikorakora ku bihimba vy’irondoka, mu nyuma akumva “aryohewe”. Ntawovuga ko aba ariko arondera kuryoherwa kurya kw’umuntu akuze, ahubwo abigwako we nyene. Amaze kwumva ko kwikorakora aho hantu bitandukanye no kwikora ahandi, azoca aguma abisubiramwo, kugira ngo atahure ibica biba mu mubiri wiwe. Umuhinga Sophia Lessard avuga ko umwana aca aguma yumva yobigira kenshi “nka kurya aguma akinisha akantu gashasha bamugabiye”.
Muri rusangi rero ivyo ngo bitangura hagati y’imyaka ibiri n’itatu. Amatohoza amaze kugirwa, ngo basanze, “ica gatatu c’abana bafise imyaka iri hagati y’itatu na munani bikorakora.”
Ntiwiyanke canke ngo umaramare
Kwikorakora ni ndemanwa, kandi umuntu arashobora gusaza yibonanya. Umwana arabigira kandi ataco yiyagiriza, kugira yumve ingene umubiri wiwe umeze, bikanamutuma ashobora kuzogira neza imibonano.
Ntugahirahire ngo umukankamire. Nk’akarorero ntukavuge uti : “Reka canke akana kawe karacika”, “Reka uce ugenda gukaraba !”, “Genda ubigirire mu cumba cawe !”,…
Uvuze bene uko, bishobora gutuma umwana yumva ko ibijanye n’ubuzima ndorabitsina ari ibintu bicafuye kandi bikoza isoni, ku buryo umuntu yikorako yinyegeje. Erega kandi no guca umubwira ikindi yokora ukamusamaza, bituma yibaza ikindi kitameze neza, ku buryo aca agira abona ko mu kwikorako ategerezwa kwinyegeza.
Igishe abana nyabuna ibijanye n’ibihimba bihishwa
Igihe umwana atanguye kwikorakora, ni akaryo keza ko kumwigisha ibijanye n’ukutagaragaza ibihimba vy’irondoka, kandi ko umubiri ari uwiwe. Lessard ati : “Kutabigaragaza si ukubinyegeza.”
Ahubwo umubwira ko mu gukora ivyo akunda ari ukuja ahantu ha wenyene nko mu cumba atawumukomanga, aba atekanye, agakorerayo ivyo akunda nko : gucapa, gutondekanya udukinisho, gusoma ibitabo, n’ibindi. Uwo muhinga avuga ko ivyo bimukingira, kuko ngo naho yokwikorakora, nta wundi muntu aba amubona, kumbure ahave amwigisha ibindi . Umuhinga ati : “Uko kubona ibijanye n’ubuzima ndorabitsina we nyene ku mubiri wiwe, bimukingira mbere amabi afatiye ku gitsina.”
Bihagarika umutima
Umwana arashobora kwikorakora, bikagaragaza ko umubiri wiwe wahungabanye kubera ivyamushikiye. Aha nk’akarorero, ni mu gihe aba yabonye amasanamu y’ubuhumbu, iyo yabonye abantu bakuze bariko bagira imibonano mpuzabitsina, canke mu gihe hari abandi bana bamusumba bamwigishije ibintu bitabereye. Biratera amakenga ku buryo umuntu yokwegera abahinga (nk’uwanonosoye ibijanye n’ubuzima ndorabitsina) iyo ubona ko umwana yabandanije cane ivyo kwikorakora abigira kenshi kandi umwanya munini, ashobora no kwibabaza ku bihimba vy’irondoka.
Uwo muhinga asozera avuga ko, kugira umwana w’umwigeme ntahave ahurumbira kugira imibonano n’abahungu agira ati : “Abana bategerezwa kwigishwa ko ata kintu na kimwe bategerezwa gushira mu ntoboro ziri ku mubiri wabo, canke ku ziri kuri bagenzi babo. Haba mu matwi, mu mazuru, mu kanwa, ku gihimba c’irondoka canke mu kibuno. Aho uba umwigishije kugira aho atarenga, kandi akaba azi ko afise uburenganzira bwo guhakana iyo ikintu kitari co.”
Merci bcp ku mpanuro
Vyukuri invugo yakoresheje
Ni sawa .ndavuga nkiyanyuma
Ko kizira gusbira ikintu na kimwe
Ahari intoboro hose .merci.
Hari aho mwanditse muvuga ko ari vyiza guhimiriza umwana gukorera ivyo akunda ahantu hinyegeje( nko mucumba iwe). Personally, nibaza ko ukwo kwoba ari kumuhimirkiza kubandanya yikorakora( yikinisha ku) ibihimba vy’irondoka kuko aba ari ahantu hisanzuye ata muntu amuraba. Ahubwo vyoba vyiza gusomera( gucapira,..) Iruhande y’abandi( nko muri Salon) gutyo abavyeyi bakarinda amwana kwigunga kandi bakaza baramuganiriza kenshi ibijanye n’ihinduka riba ritanguye kwigaragaza kumubiri wiwe. Murakoze!