Muri iyi ndwi, twarabonye ukuntu usanga imiyabaga bazazanirwa ku bijanye n’ubuzima ndorabitsina, ku buryo badaheza ngo bamenye uko bitwara mu buyabaga bwabo. Kubera ko benshi baba bakiri ku ntebe y’ishure, bakaba bagiye mu buruhuko, reka twifashishe igitabo kigenewe abanyeshure citwa « Ihinduka ry’inyifato rihera kuri jewe », maze turabire hamwe inyifato zibabereye.
Ico gitabu gitanga indangurakintu y’urukundo kiti: “Urukundo ni kwihimbara n’uguhimbarwa n’abandi, kwitwararika abandi, kwerekana ko usonera abandi, gushima no gufata abantu uko bari, kwizigira abandi. » Kivuga kandi ko urukundo ari « ibintu vyose vyiza bigiye hamwe. »
Baraheza rero bakatubarira ko « umaze gukura, bishika ugasanga wipfuza gukundana n’abandi. Urashobora kwumva ikintu kikugutura (kigushikura umutima) mbere ukumva ushaka kugira imibonano n’abo bantu.»
Aho rero ngo rimwerimwe bimara igihe gito. Ni nk’iyo ukunze umuhungu canke uri umuhungu ugakunda umukobwa mutaramenyana neza, canke igihe muganiriye, umwe agasanga vyoba vyiza mugumye muri abagenzi basanzwe.
Urukundo si uguhuza ibitsina gusa
Uravye uko babivuga muri ico gitabu, abantu ntibabona kumwe ibijanye n’ukuba mu rukundo. Batanga akarorero k’uwitwa Simoni* adatahura igituma ata mukobwa bakundana. Umugenzi w’uwitwa Berenise* na we « agomba ko bahuza ibitsina kandi atari vyiza imbere y’ukwubaka urugo rwabo. »
Ku bijanye n’ibibazo urwaruka rw’imiyabaga rufise ku vyerekeye imibonano mpuzabitsina, baravuga bati: « Gukundana si uguhuza ibitsina gusa. Hagize uwuguhata ngo muhuze ibitsina abicishije mu nzira iyo ari yo yose, muhakanire. »
Ico gitabu kiraha umuco abandi biyumvira ukundi. Ngo kuganira n’uwundi muhuza, ni yo nzira y’imigenderanire izira agatosi kandi itanga urweze. Nimba wandika ntakwishure, ni uko ashobora kuba atari uwawe. Bahanura ko muri ico gihe woca witekanira, kuko « uzoruha uronke uwo mushobora guhuza.»
Uwurajwe ishinga n’ukubona adafise uwo bakundana, na we nyene ngo ntagumane umutima uhagaze, umusi wiwe uzoshika.
Utegerezwa kwiga
Twisunze impanuro zitangwa muri ico gitabu, baremeza ko uwukiri muto afise uburenganzira bwo kwinezereza. Mugabo n’aho biri uko, bavuga bati: “Nta n’umwe afise uburenganzira bwo kukuremera ngo muje mu vyo guhuza ibitsina. Hari ivyo ufitiye uburenganzira, ariko nawe, hari ivyo utegerezwa kurangura. »
Ndabashimiye kurizo nyigisho muduhaye.
Inyigisho mutanze ninziza Can kimwe gusa n’uko urwaruka rwubu bamwe dusigaye dufata yuko guhuza ibitsina ari ukwinezereza mubindi mbere bamwe bamwe (Abahungu canke Abakobwa) basigaye bafata yuko umuhungu canke umukobwa atabikora adakomeye ariko sivyo nagato
Muri kigihe turimwo imico nakaranga y’urwaruka vyarahindutse kuko tubiravye umwana ashika 7è azi ivyurukundo Aho rero iyo amaze kuvyinjiramwo akiri muto za ngeso zubuhumbu niho zitangurira. Rero izo nyigisho muzikomeze kugira muhindure ivyiyumviro vy’urwaruka kuko ntaho turiko turaja tugifise ivyiyumviro nkivyo
Ndabashimiy Kukunt Mwitanga M,uguhanur Urwaruka
Murakoze cane