N’aho ata biharuro dufise twokwisunga bigaragara, abantu batari bake bararaba amareresi y’ubuhumbu ; hagera mu rwaruka hoho bikaba ibindi. Iyo uwukiri umuyabaga canke uwashitse mu bigero abiraba kenshi, inkwirikizi ntazitura, nk’uko bisigurwa na Sébastien Garnero, umuhinga mu vy’inyifato n’ibijanye n’ubuzima ndorabitsina mu kiganiro yahaye ikinyamakuru “Le Point.”
Ku bwa Garnero, kwumva ko umwana wawe yaravye ayo masanamu, birababaza, imyaka yoba afise yose. Ikibabaje, nk’uko abandanya abivuga, ni uko uyu musi abana bafise imyaka mike, nko kuva kuri 11 usanga babiraba. Iterambere ry’ubuhinga ngurukanabumenyi rikaba ari ryo ryatumye ivyo vyose.
Benshi mu rwaruka rero, bibaza ko ari yo nzira irashe yo kumenya canke kuraba ibijanye n’ubuzima ndorabitsina. Yamara, nk’uko umuhinga abivuga, kubiraba kenshi si ivyo gufata minenerwe, kuko inkwirikizi zishobora kuba amananiza ku bijanye n’ugukura kw’umwana.
Gupfa ugenda
Uwo muhinga atera akamo avuga ati: “Amasanamu y’ubuhumbu arahungabanya ibijanye n’ubuzima ndorabitsina, ugasanga nta rukundo umuntu agifise muri vyo. Aho urwaruka ruca rwibaza ko mu mibonano mpuzabitsina ata rukundo rubamwo.”
Ikindi congeyeko, ni uko ayo masanamu atesha agaciro umukenyezi, rimwe na rimwe n’ak’umugabo, kuko muri ayo mareresi bagaragara nk’ibikoresho mu vyo guhuza ibitsina. Urwaruka ruza kwigereranya n’abakinyi bavyo mu bijanye n’inguvu zo ku mubiri. Aho naho baca biyanka kuko batabona bashoboye kubigira nk’uwo barorereye.
Ibikurikira bica biba bibi cane mu buzima bw’uwabiravye, ari naco gituma hakenewe gukurikirana neza ingendo y’ubuzima bw’urwaruka.
Ikiyago
Birakenewe ko muvugana ibijanye n’ubuzima ndorabitsina ata kubica iruhande ! Igihambaye ni ugusigurira urwaruka ko ayo masanamu ari amareresi (isinema), atari ivy’ukuri na gato. Umuntu yokora ibishoboka vyose kugira amukuremwo ivyo vyiyumviro bitari vyo aba afise kubera ivyo yaravye. Ibijanye n’ubuzima ndorabitsina ntivyigirwa na gatoya ku mareresi bene ayo y’ubuhumbu. Ikirengeye iki, abavyeyi bokwishura ibibazo vy’abana ataco basize inyuma. Ikindi ni uko ababanyi, incuti n’abandi begereye abana, bategerezwa kubahimiriza kurwanya indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka.
N’amasomero atabisiga inyuma
Uwo muhinga abona kandi ko abana boronkera ubumenyi bwerekeye ubuzima ndorabitsina mu mashure, kandi bakavyigishwa n’abahinga. Agira ati : “Ku vyiza, abana bobareka bakaja mu mashirahamwe canke imigwi bashobora kuvuganiramwo n’abandi ibijanye n’ubuzima ndorabitsina batarya umunwa, batitinya. Abari mu gisata c’amagara y’abantu, na bo nyene barafise uruhara rudasanzwe mu kuganira kuri ico kintu. Ntimureke rero kubwira umwana wanyu ari mu buyabaga ko yoja kwitura abahinga (umuganga, umuhinga mu vy’inyifato canke uwanonoseye ivy’ubuzima ndorabitsina), igihe afise ibibazo vyinshi bijanye n’ihindagurika ry’umubiri wiwe, kutitahura uko ameze ; eka ibibazo vyose bikeneye inyishu mu bijanye n’ubuzima ndorabitsina, ibishobisho canke gutangura gukundana.”
Tres intéressant et important. Amareresi aba yahinyanyuwe hakajamwo n’indenzarugero. Akarorero n’umwanya bamara bariko bakora imibonano mw’ireresi kubera baba bagiye baraterateranya uduce twinshi. Biranatuma hari n’abaca barondera kunywa des excitants zishobora no kubangamira amagara ya bo à la longue.
Mbanj kubashimira koko birakwiye these Ku tubigwanya umwe were muruhara rwiw biranatuma urwaruka gwinshi rwisambanya kuko bibatera ukwipfuza kwinshi kandi navyo bigira infaruka zidasanzwe kuribo
Thank For That, AHama J Ikindi Mbona Kiriho Kandi Gishoboka Nuko Imiyabaga Bogerageza Ubwamber Bakunde Imana Niho Vyonoroha Guhangana Nicokibazo Hama Biragoye Kuko Abavyeyi Barabigiramwo Uruhara Kuko Nibusanga Babaha Nivyovyuma Vyubuhinga Wajaho Ugasanga Umupapa Canke Umumama Ariko Abiroreza Abana Biwe Cank Nababandi, Ntibanakimaramara! Ahubwo Nibabanz Bikebuke Vrt, Ivyovyokuyaga Navyo Ahubwo Muba Murikomuratuma Batinyuka Kuko Ntibareka Kugira Pratique!Ahubwo J Mbony Ahohamber Umwana Wasanga Akura Atungany Kuko Batinya Abavyeyi Hamw Nokuja Baravuga Ibintu Vy’ubusutwa Mugabo Ubu Ngo Niterambere Ugasanga Umuvyeyi Canke Umwigisha Cank Nuwundi Ariko Abwira Ivyabwira Umwana Wimyaka Indwi Kuduga None Azotinya Kubikora Guteeee?Ubwo Ntazokwiyumvira Ati Burya Naka Koyabimbujije Usanga Yarabikora Atirekananje Ngez Ndabe? Ahohambere Ko Batabibabwira Mubona Nicokimw Nubu Mubibatera Nkinkuru!! Murabe Muvyiyumvireko Cank Mufute N’imbuga Z’abantu Bashirako Amafoto Nkayo Mubahane!! Ok. Yari.Cyprien 62936047 Mrakoz