Ba sokuru barayamaze bati : “intamenya irya ishano”. Ubumenyi buke cane mu bijanye n’indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka buranga urwaruka n’imiyabaga mu Burundi ni bwo butuma izo ndwara zibabangamira cane, inganda zigatikira. Turabire hamwe uko vyifashe n’icokorwa.
Icigwa cashizwe ahabona n’umugambi Menyumenyeshe, cerekana ko urwaruka n’imiyabaga (bafise hagati y’imyaka 10 na 24) bafise ubumenyi buke mu bijanye n’indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka. Iyizwi na bose ni Sida.
Muri ico cigwa, izo ndwara zizwi n’abashika 15,5% muri iyo miyabaga n’urwaruka. Uretse umugera wa Sida, indwara bitwa ko bazi muri zo ni Isofisi (syphilis) izwi n’umwe kuri batatu mu babajijwe. Bake cane ni bo bamaze kwumva havugwa iyitwa karamidiya (Chlamidiose); bashika 10,3%, mu gihe Agashangaza (Gonococcie ) izwi n’abari ku rugero rwa 8,3%.
Ab’igitsina gabo ni bo bitwa ko babiziko ikintu, kuko mu babajijwe, bari ku rugero rwa 74,3%, mu gihe abakobwa na bo bangana 68%.
Haracari agahaze
Twisunze ivy’ico cigwa, nk’uko biri ku rupapuro rwa 33, basanze umuhungu wese azi n’imiburiburi ikimenyetso kimwe co muri izo ndwara zitatu, akaba yavyumvise babivuga. Ikimenyetso kizwi cane ni ukubabara, umuntu akumva ubushe ariko arakoyora. Ababivuze bari ku rugero rwa 76,4% rw’ababajijwe. Ikindi bavuze ni ugusohora umukoyo urimwo amashira. Na vyo vyavuzwe n’abangana 53,8%, mu gihe abandi na bo bavuze ko wumva ubushe ku mutwe w’inzanyi; 41,3%. Mugabo rero, abahungu bari ku rugero rwa 19,1% ni bo bazi ko haza udukomere dutoduto tutazana ububabare ku gihimba c’irondoka.
N’abigeme barazi n’imiburiburi ikimenyetso kimwe muri izo ndwara zitatu aba yaruvumvise bavuga. Ibimenyetso bizwi cane ni ukwumva ubushe ku gihimba c’irondoka. Ababizi bashika 47,2%, mu gihe abazi ko wumva uguma ushaka kwiyagaza mu gisabo bari ku rugero rwa 46%. Abazi ko wumva ubushe mu gihe co gukoyora ni 44,7%, hamwe no kubabara cane iyo uriko uragira imibonano mpuzabitsina bangana 41,8%. Mugabo, abazi ko haza uduherehere bangana 3,9%, abazi ko haza udukomere tubabaza cane canke ntitubabaze, bashika 9% canke mbere ugasanga mu gisabo barakomeretse bizwi n’abashika 9,4%. Ni ibimenyetso bizwi na bake mu bakobwa bakiri bato.
Aha rero twobamenyesha ko urwaruka ruzi ibijanye n’indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka rushika 15,5%.
Ubutabazi
Ikintu cofasha urwo rwaruka kugira rushobore kurokoka, ni ukugwiza inyigisho ku bijanye n’izo ndwara, haba mu mashure canke mu kibano. Ivyo vyobakingira kuja baragwa mu ruzi barwita ikiziba. Ikindi c’ingirakamaro ni ukuja kwa muganga.
Indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka, barazipima kwa muganga. Hari izo batora bapimye amaraso (Sida, imigera ifata igitigu n’isofisi). Hari izindi batora bapimye umukoyo canke bagapima mu gisabo (agashangaza na karamidiya).
Umuganga arashobora gupima izindi ndwara aravye uko igihimba c’irondoka cifashe, agaheza akamenya ico umuntu arwaye (nk’iyo aravye udukomere turiko). Iciza co kuja kwa muganga, ni uko « ashobora kuvura indwara, akakubwira ibipimo wogirisha canke akakurungika ku muganga karuhariwe, w’izo ndwara nyene.
1) imiyabaga iharurwa mu rwaruka. Abatororokanya amakuru ni mwe abantu bigirako ikirundi. Ntibibatere umwikomo rero tugize aho dukosora. Ikindi burya mwomenya « imiyabaga » ni abakobwa gusa, abahungu ni » imyebeya »
Ijambo imyebebeya ntirikoreshwa cane kuko mu kirundi bagira ngo « agahungu ntikaba akana ».
2) indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka ziravugwa cane mu mashure. Jewe ubwanje iruhande y’ubumenyi nisumiye, mu mwaka w’icumi naravyize. Ico mwibagiye kuvuga rero ni ko urwaruka rukwiye kwiga ruzirikana, rukareka kwiga kugira ruronke amanota.
3) Ko bavuga bati : » intimenya ni yo ntinegura » , urwaruka na rwo nyene rurakwiye kwimenya, abarukurikirana barakwiye kurunegura. Burya ngo zikonwa ziboroga, n’aho urwaruka rwitwaza kenshi agateka k’abana canke aka zina muntu , abarukurira barakwiye kurugondoza, ni ku neza ya rwo ntakarenganyo koba harimwo.
Duhe igitabo birimwo
Ces maladies dites IST sont très dangereuses car elles peuvent même entrainer la survenue des complications telles que (stérilité,cancer, kystes,fibromes…).
Raison pour laquelle il est très important d’accentuer les moyens pour diffuser a la population jeune une bonne conduite devant ces cas.
Merci pour cette attention