Kuri uyu wa 14 Mukakaro 2020, Uburundi bwaraye bubuze inararibonye, umunyakaranga rurangiranwa yateje imbere umuziki kama w’igihugu kuva mu myaka y’1970, Augustin Ndabagumije. Uwo muhumure yitavye Imana afise imyaka 61, yarakoze birashimwa, ibikorwa vyiwe twama tuvyumva ku maradiyo. Ng’ibi ibintu bine mwomenya kuri iryo tara ryera rihejeje kuzima.
Inkuru y’urupfu rw’uwo munyakaranga yababaje benshi, na canecane uruganda rwa Yaga, kuko na none agiye yari ku rutonde rw’abariko barakorerwa ibiganiro vy’abiguze akaranga k’ Uburundi ; ica mbere kikaba cakozwe kuri mwene wabo n’uwo muhisi, Mijuriro Mathias, nk’uko mushobora kugikurikirana ng’aha.
Ku batari bamumenyereye, Augustin Ndabagumije, mwene Baroga François n’umupfasoni Nkwirikiye, yari se wabo w’umuririmvyi Bernard Ndoricimpa yaheruka kwitaba Imana muri Nzero uyu mwaka, akaba yari mu mugwi umwe na mwene wabo Mijuriro Mathias, uwitwa Orchestre Nakaranga yari asangiye na Joseph Torobeka, Anaclet Bazirinyakamwe Mvukiye Gaspard .
Muti none iyo nararibonye mu karanga, haba mu buzima busanzwe, eka mbere no buzima bw’umuziki yaranzwe n’iki ? Ibi ibintu bine nyamukuru.
1. Umukozi wa Reta
Uwo mushingantahe yitavye Imana yaheruka gukukuruka; yakora mu bushikiranganji bw’imico n’akaranga. Co kimwe na ba Torobeka Joseph, Mijuriro Mathias, na Rose Marie Twagirayezu twaheruka kuganiriza, uwo muntu agiye ari mu buzima butameze neza kuko, nk’uko Torobeka Joseph abivuga, “Ubuzima bw’Umukukuruke, na canecane uwakoze mu gisata barimwo, ntibworoshe na gato.”
Yakoze mu bushikiranganje bw’imico n’akaranga kuva mu mwaka w’1977 ari muri ballet National, arakora birashimwa, afasha ibendera ry’igihugu guhungaba ahatari hake.
2. Ubushimwe
Abamuzi bavuga ko yari umucuraranzi karuhariwe. Yavuza na canecane umuduri n’ikembe. No kw’isanamu aho agaragara mu 1977, bagitangura umugwi w’igihugu wiswe Ballet National, aboneka afise umuduri, be na mwene wabo; umengo ico gicurarangisho baconse mw’ibere.
Mu murwi ndangakaranga NAKARANGA naho, yaritabiriza akongera akavuza “aherekeza”, ivyo bita “accompagnement” mu Gifaransa. Basohotse imbibe z’igihugu kenshi, baja mu bihugu bitandukanye vya Buraya nko mu Bufaransa, mu Budagi, mu Bubiligi, eka mbere no muri Amerika, i Dormund ville muri Canada n’ahandi henshi, batahukana ubushimwe butandukanye.
Indirimbo z’uwo mugwi yarimwo yavugijemwo ni nka « Abantu barakuza amajambo« , » Rufuku « , » Rugeraka”, “Agateka ka zina muntu”, n’izindi.
3. Kwiyungunganya
Nk’uko n’abandi bakoze hamwe babikora, n’uwo munyakaranga w’inararibonye ashaje atazi kurera amaboko. Yiyungunganya, akirwanako, kugira ashobore kubaho. Hambavu yo kuvuza umuziki kavukire, Augustin yari azi umwuga w’ubufundi, aho yashobora kwubaka amazu y’abantu, agashobora kwibako.
N’uno musi, asezeye isi ari kwiyungunganya, aho yakora mu kigo Village Health Works, ikigo kiri i Vyanda mu ntara ya Bururi, aho yari afise akazi ko kwigisha ibicurarangisho kavukire abana barezwe n’ico kigo.
4. Umunyamahoro
Umushingantahe bagendanye kenshi, Torobeka Joseph, ashingira intahe uwo yaraye yitavye Imana ko kuva amubona, atigeze amwumva atongana canke akorana mu gahanga n’abo babana, eka mbere n’abo bakorana. “Yari umunyamahoro, akaba umunyamwete n’uburyo budasanzwe mu gucuraranga. N’igihe yaba yasomye agacupa, nk’igihe twari mu Bufaransa tukanywa inzoga ikaze, ntiyatongana. Ahimvye, yaca yigira kuryama”; uku ni kwo Torobeka abivuga. Vyongeye, yarakunda ikiyago.
Umusi wo gushingurana iteka nyakwigendera Petero Nkurunziza, Denise Nkurunziza, umutambukanyi w’umuhisi yasavye abantu kwama basaba kugira iherezo ryiza. Iryo sengesho ni ryo.
Muri kino gihe, kugira abo bahumure bakoze bigashimwa mu guteza imbere akaranga k’Uburundi bagire iherezo ryiza, twese twobibafashamwo, na Reta bakoreye ikabishiramwo ishaka ntangere.
Uwo mucuraranzi, mu buzima bubayabaye yarimwo, yitavye Imana ahitanywe n’indwara y’umutima, iyo yari mu ntara ya Bururi kwisumamwo. Akaba asize umutambukanyi n’abana batanu.
Imana imuhe uburuhukiro bwiza !