article comment count is: 3

Amareresi y’urukozasoni: “Umwana wanje yayaravye akiri musi y’imyaka indwi”

Muri iki gihe c’uburuhuko, abavyeyi bazinduka baja ku mirimo, abana bakaguma i muhira. Bivanye n’aho bari canke abo basigarana, abo bana basigara barakora ibintu bitandukanye, n’ibitabereye bidasizwe inyuma; nk’ibi vyashikiye umwana wanje. Intahe. 

“Papa Gikundiro*, umwana wawe yaravye ibintu vy’abakuze.” Ayo ni yo majambo nakirijwe n’abana b’abo tubana mu rupangu, ku musi wa gatanu w’indwi iheze, ntashe mvuye ku kazi. Nkivyumva naradidaniwe; mu mutima nti: ivyo bintu vy’abakuze bivugwa ni ibiki? Na bo banyakuntunga bakaguma bitwengera; kurya nyene abana bayaga ata kibi biyotsa.  

Ni ko kubabwira ko ntariko ndatahura ivyo bariko barambarira. Erega uwukuze yariko arabumviriza aca arantomorera ati: “Yaravye porono mu mboneshakure kwa ba Joe*”

Kuva ubwo, ivyiyumviro biba birahindutse. Nca ndinjira mu nzu nzirikana ukuntu novyibariza neza umwana, ubona ko barundi bavuga ukuri bataguciye hirya.

Ati: “nabonye abagira ivya Shetani”

Tumaze kuganira n’umwana umwanya munini, mbere dukina, naramubajije uwaberetse umurongo uriko ubuhumbu. Yaciye ambwira ko yavyeretswe n’abandi bana babiri. Umwe w’umushitsi afise imyaka itanu, n’uwundi wo muri iyo nzu afise imyaka itandatu.

Ndamubajije ivyo yabonye n’uko yabibonye, yambariye ati : “nabonye ibintu bibi, nca ndisohokera. Abantu bagira Shetani !” “Ivya shetani”? Mbe hoho ni kuki umwana avyita uko? Yabikuye he? Vyoba bisigura ko yari amaze kubiraba, kugeza n’aho be na bagenzi we babiha izina? Sinatomokewe. Ntivyanakunze ko nguma ndamubaza ibindi.

Naciye ntangura kwiyumvira ukuntu ico umuntu abonye ari umwana kimuguma mu mutwe (kuko nanje n’ururirimbo nize ngana uko, ndacarwibuka ibitero vyose).

Icagiye kumbabaza, nasanze babiravye ari abana batandatu bamye bakina mu rupangu, uwitwa ko akuze muri bo, afise imyaka 6. Abandi bo bari bafise imyaka idashika ibiri, uwundi afise 3, uwundi ibiri n’igice. 

Ntaho ndereye !

Umwana yeretse abandi ingene vyuguruka, na we ngo yavyeretswe na mukuru we, kandi n’uwo nyene ntashikana imyaka umunani. Uravye ingene abinyegurura akoresheje ibiharuro vy’akabanga, urumirwa. Kandi abo bana bose baremeza ko bamaze kubiraba incuro nyinshi cane, kiretse uwo rwanje yabitinye, naho ntokwizera ko bizohora uko.

Naciye nibuka ikindi kibishe: abantu bakuze, harimwo abavyeyi, usanga bibereye ku mboneshakure iriko yerekana ibintu bitarekuriwe abana, kandi bicaranye na bo, kandi haba handitseko neza ko kizira ko abana badashikana imyaka iyi canke iriya babiraba (kenshi usanga ari munsi y’imyaka 10, 12, 16). 

Umuvyeyi wese abona ko hari umurongo uzana amasanamu adashaka ko abana biwe bawubona, yowugaza; abana biwe batarahabwa uburozi. Birashoboka, kuko n’uwo mubanyi yaciye akuzamwo uwo murongo.

*: amazina yahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)