article comment count is: 0

Umuyabaga yatewe ubwoba n’ihinduka ry’umubiri, twomuganiriza gute ?

Umuntu ageze mu myaka y’ubuyabaga, hahinduka vyinshi kuri we, na canecane ku mubiri. Uwo bishikiye aragira ubwoba kuko biza bukwi na bukwi, adafise aho akura umuco bikamuvyimvya umutima. Yamara, ntivyategerezwa kugenda gutyo. Uyu umuco dukura ku rubugwa rwa Brunet uradufasha kubahumuriza.

Duhereye ku mwigeme, ikintu ca mbere gihinduka ni ugusonga amabere. N’ikiyunguyungu kiraguka muri ico gihe,  bamwebamwe bakanyabura mu nda. Ikindi kintu gikomeye kigaragara mu buyabaga, umwigeme atangura kuja mu ubutinyanka.

Ku muhungu, hari ibimenyetso bisanzwe vyigaragaza kuko n’uwumuravye wese canke uwumwumvise aca abona icahindutse : ibitugu n’igikiriza biraguka. Ijwi rigahinduka, rikaba rinini. Hari ibindi bimenyetso bishasha biza ku mubiri. Aha twovuga nk’ubwanwa, umugara ku gikiriza, ku muhungu, n’udushatsi haruguru y’ibihimba vy’irondoka kuri bose. 

N’ibijanye n’ubuzima ndorabitsina birahinduka. Umuhungu ageze mu buyabaga, aca agira igihimba c’irondoka kinini, co kimwe n’ibindi bihimba bisanzwe vyibonekeza. Muri ico kiringo, ni ho aheza agasohora intanga irya mbere. No ku mwigeme haraba ibihinduka bigaragara. 

Amadidane

Mu gihe c’ubuyabaga, ni ho usanga benshi batangurira kugira imibonano mpuzabitsina. Kubera aba yabonye ibihinduka vyinshi kuri we canke uko yiyumva, birashika akumva ashaka kugira imibonano canke akagira ibibazo vyinshi ku bijanye n’ubuzima ndorabitsina. 

Iyo miyabaga iba ikeneye mbere kumenya vyinshi ku bijanye n’ubuzima ndorabitsina, ku buryo abo babana canke abo bamana hafi kurusha babakenerako umuco ku bijanye n’inyifato bogira, kuko baba bari mu madidane. 

Muri ico gihe, abayabaga baguma bashaka kumenya neza ico bari n’ico bashoboye. Ni muri ico gihe rero usanga abavyeyi n’abana badatahurana. Umwana akabona ko yakuze, abavyeyi na bo bakaguma bashaka kumufata nk’uko vyahora.  Ni muri ico gihe nyene umuyabaga atangura kugira abagenzi, mbere ubwo bugenzi akabushimikamwo gose kurusha atarashika muri iyo myaka. 

Igihe co gushigikirwa

Mu bisanzwe, mu gihe c’ubuyabaga, inkabuzo zirahindagurika, bigatuma umubiri uca ugaragara ukundi, mbere na wa muyabaga nyene, ukabona ko mu maso atakiri wawundi. Kubera ivyo, haba mu kibano canke aho agendera, abantu bategerezwa kumutahura.  Igihe c’ubuyabaga gisanzwe kigoye, kuko ni ho umuntu afatira ingingo y’ukuntu agiye kwitwara mu buzima bwiwe nk’umuntu akuze. Bivanye n’uko avyitwayemwo, ashobora guhuba canke bikagenda neza.

Ni co gituma bikenewe ko umuyabaga wese aronka umuco ku bijanye n’ivyo bibazo afise. Ivyo na vyo bishoboka mu gihe afise uwukuze babiyaga bugurukiraniye. Naho biri uko, murazi ko kuvuga ibijanye n’ubuzima ndorabitsina ari ikintu kigoye na canecane mu mico yacu.  Birakenewe rero gutora ahabereye, uburyo bubereye n’umwanya nyawo, kugira ngo mushobore kuganira ivyo bijanye n’ayo mabanga kandi ivyo muyaze n’uwo muyabaga rikaba ibanga.  

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion