Duherutse kubona ingabo z’Uburundi ziri kumwe n’izindi zo mu bihugu vya EAC mu Rwanda mu bikorwa vyo gufasha abanyagihugu. Aho ni mu gihe imigenderanire y’Uburundi n’Urwanda itifashe neza. Ivyo birashika kuko abavukana ntibabura ivyo bapfa kandi nta ho bashirana. Ikibabaje, ni ukuntu bamwe mu rwaruka rw’ivyo bihugu hari abatuka abakuru b’igihugu, imiryango yabo n’abo barongoye. Twamire abo bana batuka abangana canke basumba abavyeyi babo.
“Umusi umwe umugabo wanje yariko aratata na murumunawe bapfa umurima wahozemwo urugo rwa mabukwe. Vyatandukiriye twe n’umugore wiwe (mwenewacu) twaduka gutukana. Umukobwa wiwe na we andengerako arantuka yibaza ngo ariko aramufasha. Nyina ntiyaravye ko turiko turaterana amajambo, yaciye amurengerako aramukubita cane rwose ngo kirazira ko umwana atuka umuntu akuze. Muramwanje na we yahitanye inkoni aradukubita n’umugore wiwe. Baradushishuye kubera twitaye mu vyo ba serugo bariko barapfa, kandi bitarabananira”. Ayo majambo nabwiwe n’umuvyeyi ari hano yantumye kuzirikana ku nyifato bamwe mu rwaruka rw’Uburundi n’urw’Urwanda bamazemwo imisi.
Izo nkoni uwo mwana yariye, zigaragaza indero umwana ategerezwa kugira, inyifato yo gusonera uwukuze naho yoba atumvikana canke yankana n’umuvyeyi wiwe. Aho ho si abakuze gusa, ni abaramutswa ibihugu. Mu Kirundi, gutuka uwukuze ni uguta indero. Nibaza ko n’indero batanga mu Rwanda isa gutyo. None turakenyeye urwaruka rwacu rurekagure ibijambo bidashobotse, rutuka abavyeyi? Jewe nakuze bambwira ko hari indwara yitwa “Intukabakuru”, yafata umuntu yatutse uwumusumba. Nibaza ko abaganga mu vyo bigishwa itarimwo, mugabo abize ibijanye n’imico barayitahura kandi boyitorera umuti.
“Kirapanze reka kwipanga”
Mu misi iheze, kuri za mbuga nyene hanyuragiranwa ukuntu bihambaye abasirikare b’Uburundi bari mu Rwanda kumwe n’abandi mu muryango wa EAC bafasha abanyagihugu baho mu buvuzi n’ibikorwa vy’iterambere rusangi nko kububakira amazu n’ubuvuzi. Ni mu ndwi iharirwa imigenderanire y’abasirikare ba EAC n’abanyagihugu ( CIMIC). Uyu mwaka hari haramukiwe Urwanda. None ko twabonye Général Gaspard Baratuza yaserukiye ubushikiranganji bw’Ubwikwivuna abansi mu Burundi ariko yambika imidari abakinyi mu Rwanda, ntivyari bihimbaye? Aho simvuze abandi basirikare twabonye bari kumwe na bagenzi babo bo mu Rwanda bashikiriza abanyagihugu amazu.
Si ivyo gusa, mu misi yahera haravuzwe ko hari intumwa z’Uburundi zagiye kuganira n’Urwanda, buca kabiri twumva ngo izo mu Rwanda zaje mu Burundi. Aho hose ni mu ntumbero yo gutorera hamwe umuti w’ikibazo c’imigenderanire. None ga bibondo vy’Uburundi n’Urwanda mwirirwa muriyamamura mutukisha ababareze, mwomenyera barabagishije inama canke mwari muzi ko ivyo biganiro biriko biraba? Mbandanye?
Ukuntu Uburundi n’Urwanda vyarabanye ribi inyuma y’2015, hari uwari azi ko Paul Kagame yoje mu Burundi akakirwa ukuri hano? Ese amasarudi ari hano, umurisho w’ingoma, amashi, guhoberana na mugenzi we w’Uburundi Evariste Ndayishimiye! Bukeye kabiri, abatambukanyi babo bahurira mu makoraniro. Uw’Uburundi yagiye i Kigali muri Mukakaro 2023, haciye hafi amezi atatu, uw’Urwanda yaje mu Burundi, ari na co gihugu camureze. Abategetsi b’Uburundi baragendera Urwanda ukabona bihimbaye. None ga bibondo, ayo manyembwa mwirirwa muravuga kuri izo mbuga hwaniro ntimwogeza aho? Birekere abarongoye igihugu, mureke guta indero ku babasumba.
Iyo mu mugambwe uri ku butegetsi mu Burundi bavuze ngo “kirapanze”, jewe ntahura ko ibintu vyose babiha intumbero. Birekere ababipanga. Bishitse tukabona iyo ntumbero ntibereye, hariho uburyo bwo gukebura, gushikiriza ibitagenda neza.
“Baraduhenze”
Bibondo vyacu, si ndi inararibonye mugabo ibara ryo mu 1993 ryaguye nkuze. Urwaruka ruraja mu bwicanyi butagira izina. Bukeye kabiri haje ukwicuza. Bamwe bahenzwe ubuhutu abandi bahendwa ubututsi canke imigambwe. Aha n’ibi naho biri mu majambo bishobora kuvyara ukwicuza. Amirwa, amirwa !
None aho ga benewacu, muribagiye ko dufise incuti n’abagenzi mu Rwanda no mu Burundi dukeneye kuramukanya? Aho simvuze ivyo gutembera, kurahura ubumenyi n’ibindi. None ko nzi bitazoguma uku bimeze, uzoza mu Burundi canke uje mu Rwanda uce he warahaburiye isoni gushika ku wuharamutswa? Geze aho.
Umuvyeyi asa n’uwundi. Kandi umwana akosheje, uwuri hafi ni we yamira kuva na kera. Ntimwumvirize uwoba akokeza ngo muvuge uko, jewe ndabamiye, ndabipfuriza ineza. Uwobibosha na we ni umusukanyi. No mu 1993, abahurudutse bakagwa mu rudubi, n’ubu baricuza. Benshi inyishu ni “Baraduhenze”! Baraguhenda nyene kuko inyungu baba bazibona. Aba kera barayamaze ngo: “Umukuru musangira guteka inkono y’ikibi, yamara gusha akayigutana”.

Muvuze ukuri caane ese bose boshikirwa niyi message
Muriko murabikora neza Cane