Aho bukera turahimbaza imyaka 63 Uburundi bumaze bwikukiye. Uno mwanditsi wa Yaga yahisemwo kugaruka ku bihe vyo mu bwana, aho ibirori vyaranga uwo musi mukuru vyaba ari akanyamuneza kenshi kuri we n’urunganwe rwiwe, ubona ko baba banatanguye ibiruhuko vyo mu ci.
Iyi ndwi irangiye, kw’ibarabaraba ryitiriwe Mwezi Gisabo, ryahoze ryitirirwa uwa 28 Munyonyo, abazinduka ku buzi ntiborohewe. Iryo bararaba ryariko riraberako imyimenyerezo gisoda, yo kwitegurira i « défilé » y’agakura y’abajejwe umutekano no kwivuna abansi ku musi mukuru wo kwibuka umusi Uburundi bukomoza intahe yo kwikukira. Imyidogo yari myinshi kuko hari ubuzi bwahungabanye, abana bacerwa ku mashure, ubona ko bari no mu bibazo birangiza umwaka.
Jeho vyanteye kwibuka kera nkiri muto, ingene twarara ntibuca kugira ngo twiyibe tuze kuraba iyo myimenyerezo. Twarahunja ishamba, harya mubona ibizu vyiza vyiza mu Kigobe ntihari bwubakwe. Hari imirima, amashamba, ibiti vy’ivyamwa vyimeza (ipapayi, imyembe, amapera, n’ibindi). Twaca dufyukira hafi y’ahabera iyo myimenyerezo, tukayiraba twinyegeje kuko bitari vyemewe kuhegera. Emwe, kaba ari akanyamuneza katagabanije kubona abasirikare bariko baratambuka, bisunga ivy’uwukomanda ababwira.
Ico gihe, no kuja gufungura twaravyibagira, gikweze mu nda tukaja muri ya myembe n’amapapayi vyimeza tukifungurira, hanyuma tugasubira kwirabira ibirori. Mugabo aho twaba « twisinye » ko dushikira ku giti aho dutahira, abavyeyi babonye ko tutatashe gufungura.
Kubona aba « para » ho, vyari ikindi
Ayayaya ! Ese twumvise kajuguju iri hejuru ! Akaruru k’umunezero twakavugiriza rimwe kuko twaba tugomba tubone ibirori vy’imbonekarimwe, n’ubwo twabibonera kure. Twarafyura amaso mu kirere, ku ruzuba rwa sasita, ariko ntawakubita n’urugoye. N’ubu ndacumva mu matwi yanje utujwi tw’urunganwe tugira tuti: “Ehe uwambere arakorotse. Uwakabiri. Rwanje ni urya afise akadarapo ku kirato. Nanje ni urya yavuye mu ndege ubwa kabiri.”, neza wamenga twokwiruka kuraba aho bashikira hasi.
Ico gihe, inkino zose twaba twahagaritse. Uwufise umupira w’amaguru yawugumana mu kwaha, kuko twakinira aho tubonye hatworohereza. Izindi nkino zo mu ci, nko kuduza itiyara (serf volant ku basirimu), twaba twaziboheye ahantu, ariko ya mabendera akaguma mu kirere, gushika tugarutse ku kirindiro cacu ngo dusubire dukine ata nkomanzi.
Duhejeje kuraba ivyo birori vy’aba « para » n’abasoda, twasubira iwacu turyohewe cane, ariko kuri bamwebamwe amaganya ari yose kuko twashikira kuri ca giti nababwira, dukubitwa buyoka.
Ku musi wa mbere nja kuri “stade”, naraye ntibuca
Aho niga twemererwa kuja kw’i « défilé » tugeze mu mwaka wa gatanu. Igihe ngerayo, sije nabonye ukwezi kwa gatandatu (Ruheshi) kuraheze ngo hagere twigire kuri “stade”. Sinari bwahonyozeyo ikirenge na rimwe. Numva umenga ngiye mw’ijuru. Tumaze kwinjira, mbona abantu benshi, abakozi ba Reta, abakuru, abasoda, abanyeshure bo ku mashure atandukanye, numva ndaryohewe cane. Batanguye ku « défila » hoho vyari birenze. Nabona abantu baryohewe ku maso, abakuru bahaguruka bakoma amashi, eka vyari akaroruhore.
Hari abashingantahe babiri b’aborosha babiryosha cane, Joseph Banyendeza na Emile Masabarakiza bavuga abashikiriwe ku « défila », bakabatera amashurwe menshi, bakanacishamwo bagatweza ikibuga cose. Aho hose mvuga, n’aho vyari biryoshe, mu mutima iwanje naguma ndi “sije mbona abasoda n’aba para barashikiriwe kugira ubu ndavyibonere amaso mu yandi.”
Kenshi, abasirikare babaherezako. Ukaja wumva ba borosha babiri bavuze ngo “ubu rero mwitegure, tugomba turabe ya défilé y’agakura y’abasirikare, bariko barikazanura, mugume hafi hagomba hace uwambaye.” Aho umukuru w’ingabo yaca aseruka, n’imbere y’Umukuru w’igihugu ngo ba. Akidondora, akavuga n’ibigomba bibe. Uravye irya n’ino y’ikibuga, abantu bose baba batekanye, ata n’umwe asamara, bumviriza ivy’uwo aserukira ingabo ariko aravuga, barindiranye igishika ko ikirenge c’umusirikare gitangura gukubita hasi bagatangura i « défilé ». Mu rutonde rwiza, amaboko n’amaguru bijana, bakubita i saluti, abantu bose bakoma amashi baryohewe. Jeho aho ndi, numva umenga uwonkorera iciza yonshira hagati y’abo tugatambukira hamwe. Ariko akabirya kaba hageze aho aba « para » bakoroka, kuko hari hageze aho mbona amaso mu yandi za ntwari. Kuva mu kirere gushika ku musezero w’ikibuga, mbere kugeza bashimiwe n’indongozi z’igihugu.
Ni vyo. Twataha turushe, uruzuba rwadukubise. Ariko twagenda twuzuye umunezero. Uno musi imyaka iranjanye. Sinzi uko vyifashe kuko ntaherutse muri ivyo birori. Ariko nizera ko akanovera kakiri kose, na canecane ku bakiri bato.