article comment count is: 0

Intahe: “Uko narongowe n’inzoga nkiri ikibondo”

Kuri bamwe kunywa inzoga ni kugira winezereze.  Ku bandi ni kugira uje mu bandi, kuba umugabo, guteramana n’abo mungana, eka n’ibindi. Akenshi, ivyo kunywa abantu babijamwo bisumbuye gato, nk’iyo bari canke begereje ubuyabaga. Kuri Raoul wo mu ntara ya Rumonge ariko, yavyisanzemwo, abikuriramwo, ni nako yabitanguye. Intahe.

Ubu mfise imyaka 28. Navukiye nongera nkurira ku mutumba wa Mugara, muri komine n’intara ya Rumonge. Ndazi ko benshi mu runganwe rwanje twabana batanguye  kwihereza urukanywa bakuze ariko jeho siko vyagenze kuko narutanguye niga mu mwaka wa gatanu w’amashure y’intango. Abavyeyi banje ntibari bafise amikoro akwiye kugira bashobore kundihira na bashikanje amahera y’ishure. Ico bakora kwari ukurangura ibitoke vyo gukanya bivuye mu ma zone agize komine Vyanda, tugakanya hanyuma ihiye tukayishora jewe na bashikanje, kuko ari twebwe twashobora kwikorera. Kubera rero nari umuhungu umwe iwacu, abavyeyi nabo bakaba bari bakuze, ni jewe nabanza guhonja kugira ndabamenyeshe ko rwamose (rwaryoshe). 

Akamenyero kabi…

Nsanze rwamose twaca tuzisombera kw’isoko rya Mugara ahari ibirabo vyinshi n’abazinwa, kuko hariho igisagara. Uko niko natanguye kunywa, nta kundi nari bugire.

Iyo twashoye rero urwarwa kw’isoko, twaha abandi na jewe ndiko ndasoma. Rimwe na rimwe ugasanga rwanamfashe. Bukebuke nisanze nazimenyereye mbere ntangura gushaka kugura mu mahera twaba twaciye izindi nzoga, nk’ibiyeri tutaba twikorera. Ivyo tutahurizako na gato na bashikanje ubona ko kwaba ari gusesagura. Rimwe na rimwe mbere baranankarira. Mu majambo nibuka, bambwira bati: »Emwe! Na wewe inda yawe ntihaha! Kuva mu gaturuturu uriko uranywa n’ubu nturahaga ? » Kandi vyaba ari vyo kuko natangura kunywa mu gatondo ka kare nkiriko ndazikura mw’irudipe, ndazirongera mu bidumu twashoramwo.

Ariko n’ubwo vyari uko, nagumana inyota y’akayeri. Niho naca ntangura kwirangurira ivyanje, kwishorera izavuye mu bitoke niranguriye, ngaheza nkihereza ico nshaka. Abandi bahungu bo mu runganwe babonye ko nshora inzoga rwanje, nkigurira impuzu n’akayeri bibaye ngombwa nkakanywa, baca batangura kurangura ibitoke vy’iwabo. Mbere twahavuye tugira ishirahamwe ry’ugufashanya kwikorera dushora iyo hagize uwuhisha urwarwa. Aho rero twashoye, twaba turi nka batanu, kandi twategerezwa kunywa tugahaga, uwashoye yaraba gusa ko umutahe wiwe usigaye.

Niko kuba imbohe ya zo

Ivyo kudandaza nabikora niga. Mpejeje igice ca mbere c’amashure yisumbuye, nahavuye nja kwiga mw’ishure ry’indaro i Kiremba mu ntara ya Bururi. Kubera ryari ishure ry’indaro, narabura amahoro kuko nari naramenyereye kunywa kenshi. Icambabaza ni uko hageze ikiruhuko twasubiye guhura na ba bagenzi tuvuka hamwe, twaca tuja turitaba imanza naho tutatumiwe, canke tukaja kwicara mu kabare ata ruhera na rumwe dufise, kugira turonke agacupa. 

Abavyeyi banje babonye ntaha imisi y’ikiruhuko yose mu kaborerwe narirya batari bifise bakabona ndi sindabinezwe, bati: » Mbe burya wishinga bene Kanani na Malaki ngo uzohava woroherwa aho wodufashije kwiruka ukadufasha kugira uronke ikizogusubiza kw’ishure ? ».

Izo mpanuro sinazumva na gato, kuko nabona ko ndengeye kwikorera ibido y’urwarwa canke ngo nkoreshe amaboko. Nibwira ko ata mu « Lycée »(uko twita umunyeshure yiga mw’ishure ry’uburaro) yokwikorera ikidumu. Ivyo rero nabiterwa n’uko nabona ko ntova muri ba bagenzi twamenyerana, bamwe twaja turajana kuvumba canke bakansororera. 

Eka n’ubu twahejeje amashure, ubonako benshi ataho turigeza, ata bushobozi turaronka, usanga turi mu kabare turindiriye uwotugomwa akaduha kamwe, imanza nazo turazitaho cane kurusha benezo.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion