article comment count is: 0

Kwibonanya: ico uwo vyiziziye yokora ngo abihebe

Ku myaka 18 amaze yubatse, David* afise abana bane, kandi umuhererezi afise imyaka 11. Yemeza ko vyanse ko aheba kwibonanya, kandi yubatse, ata n’ico akema umugore wiwe mu mabanga y’urugo. Bimubabaza ku mubiri no ku mutima, ariko vyaramunaniye guheba. None akwiye gukora iki ?

Ndiyanka cane kubera ko kwibonanya (kwikinisha) vyanse kumperamwo. Abantu benshi barankenguruka, mbere ubu ni je mvuga n’ijambo mu manza zo mu muryango. Umupfasoni wanje arankunda, kandi nanje ndamukunda, n’ikimenyamenya sindarenga ibigo na rimwe. Mugabo iyo ngeso iranzingamitse. Muri make ndishisha.”

Ivyo bishikirizwa na David, umugabo w’imyaka 49 kandi akaba n’intore y’umutumwajambo. Mugabo ubwo butore bwiwe, we yumva butosekaye kubera ko afise ingeso yamunaniye guheba. Yemeza ko amaze kugerageza uburyo bwinshi yobivamwo, mugabo kuva igihe yabitangura agifise imyaka 14 kugeza ubu afise abana bari mu bigero, atarwaye ngo yama asanga yabigize, kandi ugereranije ngo ni nka gatanu ku ndwi (hari aho karenga naho kadashika).

Ico akubitirako akarema conyene, ni ukubona umugore wiwe atarabica n’ikanda. Akagira ati : “Murundikazi arampimbarirwa. Igitangaje rero coco kinsonga ni uko ivyo nama nca ndabigira iyo twaraye tugize imibonano na we. Ngiye kwoga mu gatondo, nzirikana uko vyagenze mw’ijoro, ngaca nsanga ndabigize.”

Nkumva najegenyutse…

Agaheza rero agatanga ubudasa hagati y’imibonano n’ukwibonanya. Iyo yikinishije, ngo arajegenyuka, akirirwa aragoyagoya. Mbere no mu mutwe ngo aba arushe, ku mutima na ho akiyanka cane. Bikaba bitandukanye n’imibonano kuko hoho ngo aba amerewe neza ku mubiri no ku mutima.

Ivyo bintu ngo yabitanguye ari mu mwaka wa gatandatu mfise imyaka 14, ahava aca arabandanya. Ngo hari n’aho yabigira kenshi ku musi, kandi ico gihe yumva umengo ni amaraha. Akicuza n’umubabaro mwinshi ati: “Sinarinzi ko nohezeyo nkaba ndiko ndicuza uyu musi. Naragerageje uburyo bwose nobiheba mugabo vyarananiye. Narasenze cane, ndisonzesha, mugabo sinishuwe. Ndavyimba umutima cane mugabo sinatutse Imana, yirundi yarantabaye nari nzi ko ntazoronka abana. Ikibabaje ubu umubiri urajegenyutse siniyumva neza.” 

Ubu ngo ageze aho yama asa n’uwurushe kenshi. Biranashika akinyavya mu bwiherero mu mwanya w’akazi kubera yisangije ibiro bituma hari aho ivyo vyiyumviro bimuzamwo. Iyo hagize uwumubona avuye muri ivyo bintu, ngo aguma yiyagiriza, ku buryo abura amahoro, abantu bakanamubaza igituma asa n’uwurushe kandi atameze neza bigaragara ku mubiri. Ati: “Hari n’uwumaze kumbaza ico mbaye kubera yaherutse nkeye mu maso, akabona mvuye iyo mva ata tuguvu. Ndamaramara cane, mugabo nkamubarira ko ata kibazo mfise, nitwengesha nyene.”

Nta mvura idahita…

Ku rubuga rwitwa Radio Eclat turahasanga icokorwa kugira ngo uwaboshwe n’ukwibonanya abivemwo, bakavuga bati: “Uwukeneye guhagarika kwibonanya abanza kuba afise iryo shaka muri we. Ni ugufata ingingo yo guhindura ubwo buzima, wewe nyene uba wumva buguhanze. Ica mbere rero yokora, ni ukugabanya incuro (urugero) usanzwe ubikora, bukebuke bizoteba bimushikane aho uheba burundu.”

Ikintu gikomeye umuntu yokwitwararika kugira ngo adendure, ni ukuraba ibintu uba urimwo canke ahantu uba uri, bituma agatima ko kwibonya kavyuka muri wewe.

Nk’akorero, woreka kuraba amareresi y’ubuhumbu canke ibintu vyose birimwo akaryoheramubiri. Ikindi rero gikenewe, ni ukwinonora imitsi kugira umerwe neza mu mubiri, maze ugire amagara meza. 

*:Izina ryahinduwe

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion