article comment count is: 0

“Twibaruke ku rugero ku neza yacu”: urwaruka rwo si ko ruvyumva !

Si agaseseshwarumuri, igitigiri c’abenegihugu kibandanya ciyongera mu Burundi. Mu gihe Reta, amashirahamwe n’amashengero bahimiriza kwibaruka ku rugero, urwaruka rubibwirwa rworwo, bica mu gutwi bigaserukira mu kundi.

Nk’uko ibiharuro dukesha ikigo ISTEEBU bivyerekana, mu Burundi urugero rw’abenegihugu rugeze hafi ku miriyoni cumi na zibiri. Dufatiye ku biharuro vyitezwe muri kazoza hamwe ata cokorwa, birerekana neza ko bizoba vyiyongereye incuro zibiri mu mwaka w’2050. Umuzi w’ikibazo, ni urugero rw’ukurondoka ruduga uko bukeye uko bwije na canecane mu rwaruka.

Nk’uko icegeranyo co mu mwaka wa 2016 ushira uwa 2017 c’ikigo ISTEEBU gifatanije n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ukurwanya ikiza ca Sida kivyerekana, abigeme bashika 8% bari hagati y’imyaka cumi n’itanu na cumi n’icenda baramaze kugira imibonano mpuzabitsina. Muri abo, abashika 6% barafise abana, mu gihe 2% bibungenze. 

Ntakabura imvo

Muganga Juma Ndereye, atuyagira ati: “Urugero rw’urwaruka rwishora mu mibonano mpuzabitsina rwariyongereye cane mu gihugu cacu, kandi benshi muri bo ntibibuka kwikingira, ari na yo mpamvu igitigiri c’abibaruka ciyongera”. 

Ibiharuro birerekana ko abana b’abigeme hamwe n’imiyabaga bari hagati y’imyaka cumi n’itanu na mirongo ibiri n’ine bagira imibonano batarubaka izabo. 

Nk’uko ivyigwa bivyerekana, mu Burundi, urwaruka ni ibice birenga 60%. Muri abo, igice 1% c’abafise imyaka 16 hamwe n’ibice 31% vy’abafise imyaka 19 baramaze kwishora mu mibonano mpuzabitsina. 

Ibiharuro biguma vyiyongera

Mu 2015, urwaruka rugera ku 2424 rwari rwibungenze. Muri rwo, 761 bari abanyeshure bo mu mashure y’intango nayo 1663 bakaba mu mashure yisumbuye. 

Mu 2016 bari 2208. Muri abo 1519 bari abanyeshure bo mu mashure shingiro, 689 bakaba mu mashure yisumbuye . Mu 2018 na ho, abanyeshure 1421 bari bibungenze.

Uwo murindi ni munini cane. Ata gikozwe, abenegihugu bazokwiyongera incuro zibiri mu myaka mirongo ibiri. Ivyo na vyo nta kindi bizozanira igihugu atari ingorane ku butunzi ndetse no mu kibano ( aha twovuga nk’indyane z’amatongo).

Umuti urama…

Kurandurana n’imizi ico kibazo kijanye n’igwirirana ry’abenegihigu ni kimwe vyo Reta yanishinze ibicishije mu mugambi wiswe 2025, aho ishaka kugabanya uwo umurindi ukava ku bice 2,5% ukaja ku bice 2%, be no mu mugambi w’igihugu w’iterambere 2018-2027. 

Ariko kuba biri mu nyandiko gusa ntibikwiye. Hari hakwiye gushirwaho ibigo vyigisha urwaruka ibijanye n’irondoka ndetse n’ingaruka mbi zo kwibaruka batarubaka, haba ku giti cabo, eka mbere no ku gihugu. Harakwiye kandi kwongerezwa amasekeza mu rwaruka kugira birinde inda z’indaro bakiri bato mu kubahimiriza kwirinda kugwa mu mitego y’abagabo bamwebamwe babata mu rudubi, ndetse no gukoresha uburyo bwo kwa muganga. Reta kandi yari ikwiye gufata mu minwe ico kibazo mu gukomeza wa mugambi w’uburyo bwo kugabanya imvyaro, amazi atararenga inkombe kuko, “Wanka kugarura impene ikiri hafi, yamara kurenga imirambi ukabira nka yo”.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion