Itegeko rigenga ingo n’imiryango rirahari. Kandi ririmwo ibintu bitari bike vyofasha gutunganya neza imibano, hubahirijwe agateka k’umwe n’uwundi. Ariko rero iryo tegeko rirafise uduhaze, hamwe twongewemwo ryotomora kandi rikagira akamaro kurusha.
Umuryango
“Bigeme, kubatera inda ni kimwe, kubatwara ni ikindi”: intahe
Hari abigeme bitega abahungu ngo babatere inda bibaza ko bayitwaye canke bamaze kwibaruka abahungu bazoca babatwara, bakagira ubugeni canke bakandikwa mw’ikomine. Yamara si uko vyama bigenda. Iyi ntahe ya Anita* iratwereka ko bishobora kugenda ukundi, nka ko, n’amategeko arabitomora.
Kwahukana: bisinzikaza umukenyezi kurusha umugabo
Bitananiranye ku rugero rurenze ubushobozi bwo kwumvikana, ntivyari bibereye ko abantu basaba kwahukana. Ico ni ikintu kibi cane ku muryango n’abawubayemwo bose. Ku mukenyezi hoho ni ibindi. Tubirabire hamwe.
Itegeko rigenga ingo n’imiryango : ivyo tutari dukwiye kwiyobagiza
Haba mu gushinga umuryango, ukwahukana n’ibindi, itegeko rigenga ingo n’imiryango rirafise uko ribitunganya. Ikibabaje, benshi ntibabizi kandi ari kirumara. Ng’ibi ibintu bitatu biri muri iryo tegeko tutari dukwiye kubaho tutazi.
Itegeko rigenga ingo n’imiryango: ryahishijwe abarigenewe ?
Si rimwe si kabiri. Turabona ibintu biba mu muryango no mu kibano, umuntu agatangara ukuntu bishika kandi itegeko rigenga ingo n’imiryango ryabibuza canke rikabiha iyindi ntumbero ibereye rihari. Ku ruhande rumwe biratahuritse kuko ibihe biha ibindi. Iryo tegeko ryabayeho mu […]
Ibintu 5 ab’iwacu bo hagati mu gihugu batwibazako iyo tuba i Bujumbura
Hari ukuntu ab’iwacu baba “ruguru” baba bibaza ko tubayeho, kandi atari ko bimeze kuri benshi muri twebwe. Naho wotombora ukaba ufise abaryango babaye i Bujumbura, haguma harimwo incuti ikubona ukwo kuntu.
Ingendo 3 Abarundi twohindura mu kugene tubona urwaruka
Usesanguye imico, imigenzo n’imibereho iranga umubano w’Abarundi, usangamwo ibihushane injojo, hagati y’imvugo n’ingiro, ku bijanye n’ikibanza gihabwa abakiri bato. Ivyo bikaba bitabereye na gato, ahubwo bikaba bikwiye guhinduka nk’uko uyu mwanditsi abivuga muri uyu mwihwezo.
Amakuba y’umwigeme yatanzwe na murumunawe kuja kwubaka urwiwe
Uruvugo, gutungwa intoke, n’ibindi bidahimbaye, ni vyo bishikira umukobwa atarubaka urwiwe, mu gihe umwe canke benshi muri barumunawe bamutanze kwubaka izabo. Kuki iyo umuhungu mukuru atanzwe na mutoya wiwe kwubaka bifatwa nk’ibisanzwe, ariko bibaye ku mukobwa umengo ni agahabwa ?
« Mon mari a volé toute mon épargne et s’est enfui avec une autre femme »
Même si la loi interdit et punit la violence économique, certaines femmes en subissent et gardent le silence. Combattre ce fléau demande, non seulement un cadre juridique adapté, mais également une sensibilisation et un fonds pour accompagner les victimes.