Igihe haca akareresi kuri Yaga kavuga ivy’ikiyago mu rugo, hari benshi bitwengeye, bakabona umenga ni ibikino. Ariko rero, hari abandi vyakoze ku mutima, maze babona ahubwo ko ibiri muri iyo reresi bisa n’ivyo baciyemwo. Baciye batugira ku muriri ukuntu bahatswe […]
Umuryango
Bigoranye gusama imbanyi : impanuro ngenderwako
Umuryango iyo utararonka umwana wavyipfuza, biratuma ugira umwitwarariko cane. Abo bubakanye baribaza vyinshi, bakabura inyishu. Mugabo rero, abahinga mu vy’amagara n’irondoka barerekana ivyo umwe wese yokwisunga kugira aronke ikibondo. Ng’izi zimwe mu mpanuro bogenderako, baba abakenyezi canke abagabo.
Kugira ubugeni: abavyeyi bakunze kuvyisukamwo ariko…
Uko imyaka yagiye iragenda, kurushinga vyagiye birahinduka haba mu nteguro eka mbere n’ababitegura. Aho hambere hahise, umuhungu bamuzanira umukobwa atazi, bakabonana ku musi wa rwo. Ubu si ko bikiri. Ariko n’aho vyahindutse, hari abavyeyi badashobora kwemera ko umwana wabo yubakana […]
« Subirayo ntihababa, nta mahwa ariyo » : barasukana !
Abakeza umuvyeyi ngo « Subirayo ntihababa, nta mahwa ariyo », abandi bagahezagira abageni ngo “muravyare mushikane kuri Ndayobewe”, bari mu batuma uwo muvyeyi yipfuza gusama hakiri kare. Kwoba ari ukwibagira canke ukwiyobagiza ingaruka z’intahekana ku buzima bw’umuvyeyi n’ubw’abana ? Canke ni ugusukana […]
Kwambikana impeta ntibihagije kugira urugo rusagwe n’iteka
Kwubaka bitandukanye n’ihiganwa ry’ugusiganwa. Kwambikana impeta ntibihagije kugira abubakanye bashinge urugo ruterwa iteka. Kuko inyuma y’aho, haza uruvyaro na kazoza k’urugo. Abihutira gusangira uburiri na mwene nde rero, musubize ameru mw’isaho !
Abagabo bakwiye guherekeza abagore babo gusuzumisha imbanyi
Naho ata tegeko canke ingingo ihari itegeka abagabo guherekeza abagore babo iyo bagiye gupimisha imbanyi, abagabo bari bakwiriye kwibiriza kuja kubafata mu mugongo.
Kurondoka : “Yanse kuja ku rushinge, nemera kwipfungisha atabizi”
N’aho abantu benshi bariko barijukira gukoresha uburyo bwo kugabanya imvyaro mu ntara ya Ngozi, nk’uko ishirahamwe UNFPA ribimenyesha, hari imiryango bikigora kuvyumvikanako. Gerevasi, wo mu Ntara ya Ngozi, aratuyagira ivyamubayeko*.
« Naratevye ndomoka kubera amabi umugore ankorera »
Iyo havuzwe amabi afatiye ku gitsina, abenshi babona abakenyezi bakubitwa canke bafatwa ku nguvu n’abagabo. Ariko, ntibiyumvira ku bagabo bagowe nk’ayo nyene. Ng’iyi inkuru y’uwubibayemwo.
« Hora nkwime muka so, muka so ni igikoko » : ni ko biri ?
Mu mayagwa y’ikirundi, hari akaririmbo ko guhoza umwana kavuga gati: «Hora nkwime muka so, muka so ni igikoko. Yogutuma kuvoma mu mvura y’igitondo.» None ni ko biri ? Kuki Abarundi bafise mwe n’iyo shusho kuri muka se w’umuntu ?