article comment count is: 0

“Bigeme, kubatera inda ni kimwe, kubatwara ni ikindi”: intahe

Hari abigeme bitega abahungu ngo babatere inda bibaza ko bayitwaye canke bamaze kwibaruka abahungu bazoca babatwara, bakagira ubugeni canke bakandikwa mw’ikomine. Yamara si uko vyama bigenda. Iyi ntahe ya Anita* iratwereka ko bishobora kugenda ukundi, nka ko, n’amategeko arabitomora.  

Nkimenya ko nibungenze, nararyohewe cane. Niyumvise ndi mu kirere. Narabona ko mu misi mikeya nzoba nsigaye ndi umugore wa Didace*, umusore yari yayintwaje. Uwo abigeme twabana bose nta n’umwe atipfuza kuryamana na we. Yari yifise, adandaza impuzu zigezweko mw’isoko i Gitega. Aje ku gatumba iwacu bose bacanako kumuraba. Uwo yaramutsa wewe wamenga ni imihezagiro ahawe. Ni ho nanje nigira uw’amarere nca ntangura kumwiyegereza, maze arateba aramenyera, imigenderanire ikomeza iba myiza cane turagera n’aho turyamana, ndateba ndasama. 

Umusi uri izina, nditora ngo ngiye kumubwira iyo nkuru nita nziza. Narashitse, aho aba muri karitiye Nyamugari ( mu Giswahili). Twarateramye, ariko kubera igishika cinshi numva nomubwira ningoga iyo nkuru kuko nibwira ko ica imuryohera. Nabimubwiye niteragura, narirya nashaka ko duca twigirira ubugeni vyihuse, sinatevye kumutegeka ko twotegura ubugeni vuba bwango. 

Nasanze narihenze…

Acumva ijwi rimubwira ivy’imbanyi, yaciye agira ngo cwe ! Arandeka ndiyamamura, mpejeje, ijambo ryonyene yambwiye yagize ati: “Sohoka inzu yanje ! Sinsubire kukwumvana ayo matiku yawe. Jewe Didasi ntushire no mu mutwe ko nshobora kwemera ko nateye inda wewe wa roko we. Ikitavuzwe co ni ukwubakana nawe. Sohoka ntihagire n’abakubona.” 

Ni ko guca ansohora ngenda ndarira, aca arugara yifatira ipikipiki. Amaso ni ayo. Namaramaye nsubira iyo navuye, n’intuntu ku mutima nibaza uko nzokora ngo basi mpfume ndayikorora.

Nahora mbona benshi bakundana iyo bishitse umukobwa agatwara inda baca bagira ubugeni vyihuse. Akarorero sinakarabira kure, umubanyi wanje akimenya ko yibungenze, baciye bategura ubugeni be n’umusore yamuteye inda. N’ubu barabana mbere bibarutse gatatu. Nanje nashize agati mu ryinyo nibwira ko ariko bizogenda. 

Uwugowe nta vyo atageza. Naranateye itwe ngo ndamujane mu butungane, maze nshikanyeyo dosiye abambona baritwengera kuko bambwiye ko ivyo nagize bitemewe n’amategeko. Nca ndasubira muhira ndindira ko nibaruka nta kundi. 

Hubakana abavyemeye

Kuba umwigeme yararyamanye n’umuntu maze agatwara imbanyi ntibisigura ko baca bubakana. Itegeko rigenga ingo n’imiryango mu ngingo yaryo ya 87 rivuga ko “kwubakana biva ku gushaka kw’umuhungu hamwe n’ukw’umukobwa”. 

Harimwo umwe atabishaka, ntibikunda ko bubakana kandi umwe wese arabifitiye uburenganzira. Bamaze kuvyemeranya baca baja imbere y’uwuserukira Reta bakabisinyira bari kumwe n’ivyabona mu biro vy’ibitabo ndangamuntu. 

Aho ni ho baba abagize ubugeni buciye mu mategeko. Ivyo rero ni vyo vyama vyateranije imiryango yiyumvira ko umwigeme atewe inda n’umusore azoca amutwara. Ivyo nta kindi kibituma atari uko amategeko abivuga atazwi. Kumbure hamwe abantu bohimirizwa bakayamenya, nta muvyeyi canke imiryango yosubira gupfundikanya ibintu mu rufuri bubakanisha abantu batiyumvanamwo, bamwe batazomarana kabiri canke naho babanye, ukamenga umuryango wabo ni muri gihenomu. 

*: izina ryahinduwe 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion