Usesanguye imico, imigenzo n’imibereho iranga umubano w’Abarundi, usangamwo ibihushane injojo, hagati y’imvugo n’ingiro, ku bijanye n’ikibanza gihabwa abakiri bato. Ivyo bikaba bitabereye na gato, ahubwo bikaba bikwiye guhinduka nk’uko uyu mwanditsi abivuga muri uyu mwihwezo.
Ba sokuru barayamaze bati : “Ukuri ntikuvuga uwukuze, kuvuga uwukuzi” ; ahandi na ho ngo : “Ndacari muto ni bwo butindi”. Kandi ngo na none, “ubugabo si urucumu”. Iyo migani iragaragaza neza ko ubutore n’ugushiruka amazinda bitarinda ubusaza ; abakuze n’abakiri bato turashoboye kubisangira.
Yamara rero, ugiye mu ngiro, uhasanga ibihushane vyinshi cane. Hari inyifato n’ivyiyumviro indiri vyerekana ko ikibanza gihabwa uwukiri muto, haba mu muryango canke mu kibano, atari ico guterwa amashurwe.
Imbere y’uko dutandukira bimwe muri vyo, reka tubanze twibukanye ko mu kibano ndundi, uwukiri muto ari “uwo muntu wese atarubaka urwiwe”. Ukaja wumva ngo : “Nturaba umugabo, kuko ntaco ufise ugaba”, “nturaba umushingantahe, kuko ntaho ufise uyishinga”. Ku bakobwa hoho, twohateba.
Ng’ibi rero ibintu bitatu n’inyifato Abarundi twari dukwiye gusezerera, mu kugene tubona abo twita ko bakiri bato.
1. Uwutarubaka ni we aja kuramutsa incuti zimaze gushinga izabo
Twama twagipfuye n’incuti z’iwacu. Ukumva se naka canke mukiwe yinamuye ngo : “Mbe ko waduhevye ? Ntukiza kuturamutsa.”
Nibajije, nkarondera ryari nabo boba barateye iyo ntambwe ngo baze kungendera, mburira ! Kubera iki none umengo uwutarashinga urwiwe ni we itegeko ryo kugendera abandi rifata wenyene ?
Aho nyene, ugasanga turiko turaca imigani ngo : “Agafuni kabagara ubumwe ni akarenge”, “iminwe iryoha inyuranwa”, n’iyindi.
2. Uronse akazi, uwuguhaye indaro yitega ko uzohembwa umuzanira
Ni vyo vy’ivyo nyene. Ni ko, birumvikana ko amikoro ya muntu, iyo yiyongereye, yategerezwa guterera agacumu k’ubumwe mu kungura imibereho y’aho yatse indaro. Ariko abacu bo, si utwo ; ahubwo bitega ko uhembwe woca uterura twose, ukazana.
Hari rero bamwe mu rwaruka baca bahitamwo gusezerera indaro zo mu miryango, bakaja kwibako. Ariko no ngaho nyene, ahatari hake, aho kumukeza, iba intandaro y’urwanko ; ngo : “Ubu rero arayaronse, none aciye adutera akagere !”
3. Muri « komite » itunganya imanza mu muryango, uri n’amikoro make ntibagushiramwo
Imanza zo mu miryango ng’izo. Ukaba udafise amikoro afashe, bakubashe bakugira umutumire mu bandi, nk’aho womenga nyene nta kindi ufise woterera mu muryango.
Ariko naho biri uko, je ntahura ko urubanza ari nk’uwundi mugambi wose, uhera mu vyiyumviro, bigahereza mu bikorwa biciye mu kwegeranya uburyo buri bukoreshwe. None nyene, haba mu vyiyumviro, mu buryo canke mu bikorwa, umunyamuryango atararonka amikoro afadika, canecane uwutarubaka urwiwe, ntaco aba yoterera ? Kabaza.
Izo ngendo ziragisibije. Abarundi twari dukwiye kuvavanura na zo. Twese biradukorako. Bihera mu muryango, bukebuke tukisanga tubikora uko nyene mu kibano, ari na ho mu nyuma dusanga no mu mabanga y’igihugu, abakiri bato ata kibanza gifadika bashobora kuba bohabwa.
Ikibazo kihari ni kimwe : ko “indero iva hasi”, kandi akaba “ata wiga kubumba ngo ahere ku ntango” ; ayo mabanga umuntu ataba yarizewemwo n’umuryango umurera, yoheza akayazezwa mu buzima bw’igihugu ?
Ikibabaje ni uko uzoca usanga hari abariko baridoga, ngo “nta kazi k’abakiri bato” ; ntibatere intambwe ngo bamenye aho bihera, ari naho bipfira.
Turabaramukije,
Mwoshobora kudutiza iminota itarenze ibiri, mukishura kuri utu tubazo twerekeye ivy’imfashanyo mw’iterambere zihabwa Uburundi ? Ivyo mutwishura bizokingirwa, kandi bihejeje gukoreshwa bizoca bifutwa.
https://surveyr.datacoll.nl/uyloczloje