article comment count is: 6

Ibintu 5 ab’iwacu bo hagati mu gihugu batwibazako iyo tuba i Bujumbura

Hari ukuntu ab’iwacu baba “ruguru” baba bibaza ko tubayeho, kandi atari ko bimeze kuri benshi muri twebwe. Naho wotombora ukaba ufise abaryango babaye i Bujumbura, haguma harimwo incuti ikubona ukwo kuntu. 

Je sinzi ico bivako. Kandi na je ni ko nahora niyumvira, ntaraza kuba i Bujumbura ngo ndavyibonere. Ab’iwacu mu gihugu bama bibaza ibitandukanye ku babo baba i Bujumbura, n’aho vyoba atari vyo. Ng’ibi rero ivyiyumviro bitanu uzosanga mwe n’izo ncuti zidufiseko. 

1. Bama biryoherewe, ku kayaga n’umusenyi vyo ku nkengera za Tanganyika

Ni co gituma uzoja wumva, kenshi iyo baguhamagaye kuri terefone ngo : “amakuru yanyu hiyo ku musenyi ?” Wokwibaza ngo ni uburyo bwo kwivugira gusa, muga ndamaze kubona ko vy’ukuri, inyuma y’iyo mvugo haba hari iciyumviro c’ukugene bibaza ko ubayeho. 

Babona ko Umunyabujumbura wese azindukira ku musenyi wo ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, kwiryohera n’akayaga gaherekejwe n’ikinyobwa. None ni vyo ?

2. Bamana amahera menshi mu mufuko

Ab’iwacu baba ruguru babona umengo twe ntidukena. Batubona nk’aho amahera ari akantu duhamagara, nk’uwo mwanya nyene kakaba kararengutse. 

Nk’akarorero, ntibazi ko hari imisore n’inkumi bazindukira ahitwa kuri Bata, canke mu masoko atandukanye kwa Siyoni gupagasa, bakirirwa ata n’isazi ibakoze ku munwa. 

Ikizobikumenyesha, igihe cose muzovugana kuri ngendanwa, uzokwama wumva ngo : “Hewe ! urandungikira iki n’iki none.

3. Abanyabujumbura bose baba hafi na hafi

Nyamba ari kurya kuntu bazi ko i Bujumbura hari imiduga yo kwiyunguruza rusangi, sinzi. Kandi ga, hari abatibuka ko n’izo modoka nyene umuntu ariha itike kugira azigenderemwo. 

Nk’akarorero, iyo uba mu Carama, nyokuru wa ruguru akakurungikira ibiro 3 vy’ingano ngo uze wisyeshereze, maze akabirungikana umugenzi nawe aba mu Kanyosha, agumana mu mutwe ko kuva mu Carama kugera mu kanyosha ari nk’aho hirya gato. 

Ntamenye ko ari urugendo rwo kuva mw’ikomine uja mu yindi. Kandi naho wobimusigurira ntabitahura ; aguma abona umenga ni ubugaba. 

4. Mu mfungurwa zawe ntihigera haburamwo umukeke

Hari Abanyabujumbura benshi umwaka ushobora kubaherana batazi icitwa umukeke mu kanwa ; bitavuye ku kubera batawukunda, ariko kubera ata buryo bwo kuwugura baronka. 

Ku b’iwacu baba ruguru rero, bazi ko mu gitondo twiyugumuza umukeke, ku muhingamwo tukawukoza umuceri n’utundi tuntu turyoshe, bugorovye tukarara tuwufunguye. 

Siko bimeze kuri benshi, ariko ni ko babitwibazako. Ikizobikubwira, uzoza wumva, igihe cose muvuganye, ngo : “uraturungikira agakeke rero !

5. Umwanya wose, tuguma dushajije

Impuzu zitameshe canke zitagoroye ku Munyabujumbura ? Ikitavuzwe co ni izitabutse. “Ivyo ntibibaho” ; ni ko bibaza. 

Ntibazi ko hari abantu ngaha batunzwe n’akazi ko gukora mu bintu bibanduza. Na ko ni akazi, kandi gatunze benshi, ariko ni bake biyumvira ko ivyo bintu bibaho ngaha. 

Ntibamenya ko hari abantu bamwebamwe usanga bafise nk’impuzu nka zibiri canke zitatu, maze ku musi ku musi bakama bamesa, kugira baronke iyo bazokuranya bukeye. Abandi na bo bakagira imwe, bakayimesa bagiye kuryama, bukeye bakayambara uko.  

Ic’agasunuzo : “Abanyabujumbura bose ni incabwenge”

Ntimurabona ko ab’iwacu baba ruguru, iyo hagize ico bapfa canke ico badahurizako, baca baguhamagara ngo ubuzurize ? Womenga ni we ubakurira bose mu bwenge. Ntimumbaze ico babikurako. 

None nyene harya ababa i Bujumbura twese turi incabwenge ? Ko je atari ko ndabibona !

Ongerako namwe ibindi muzi ko batwibazako, ariko bitari vyo.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (6)

  1. Ivyo nivyo abari ruguru bibaza l’un à y’a Bujumbura kuko nanje naragiriwe amahirwe yo kuhasimbira mvuye ruguru baraheza barabimbwira.