Moise Bukuru ntaca hirya no hino : kugira Abarundi basubire guhimbarirwa igihugu cabo, bakeneye indongozi nshasha. Afatira akarorera ku vyabaye mu mwaka w’2005.
Intwaro
Ibikorwa rusangi si ivy’abanyamigambwe gusa
Ibikorwa rusangi n’ibikorwa abanyagihugu canke abantu bose bbabishatse bitunganiriza maze bakabikora ku gushaka kwabo kubera intumbero bafise. Ivyo bikorwa rero iyo bitunganijwe neza, bikitabwa n’abantu benshi, birafasha cane mw’iterambere kuko bikorwa atamafaranga arinze gusabwa maze igihugu kikahungukira vyinshi. Ariko rero […]
Iduzwa ry’ibiciro bidaciye mu mategeko mu kwunguruza abantu
Mu gihe ibiciro vyo kwunguruza abantu bisanzwe bizwi ko kuva mu gisagara ca Bujumbura ahenshi mu ma zone acegereye ari amafaranga amajana atatu (300Frbu), ubu hariho abikika inyuma y’ugukena kw’amafaranga y’ingaru bakaduza ibiciro bidaciye mu mategeko. Iduzwa ry’ibiciro rero ritisunze […]
Ibanga ry’ubushingatahe ryaratitutse mu Burundi
Mu Burundi haramye umuco wo gutunganya neza umubano mu bantu. Ico gikorwa ahanini cakorwa n’abashingatahe. Abo nabo babihabwa n’ukwo batiwe maze bakamira akabuye k’abagabo. Ariko rero, muri ino minsi, ibanga ry’ubushingantahe ryaratitutse kandi vyari bikwiye ko rinagurwa nk’ukwo Rivardo Niyonizigiye […]
Mu Burundi ni nde afise ukuri mu myiyerekano ?
Mu gihe haheze iminsi, kuva mu mwaka w’2015, hibonekeza imyiyerekano itandukanye mu Burundi, abatari bake baribaza niba iyo myiyerekano iba iteguwe kumwe. Mu nzira yo kurondera inyishu, bamwe baribaza uwoba afise ukuri muri yo. Divin Dushime na we nyene aribaza […]
Urwaruka na politike ya Afrika y’ubuseruko
Abatari bake mu Burundi barazi ko igihugu cacu kiri mu muryango wa Afrika y’ubuseruko. Ariko rero, baba urwaruka canke abakuze, si benshi bazi ukwo politike y’uwo muryango itunganijwe. Jean-Désiré Nduwayo araducira ku mayange ibijanye n’ibiyago vyari vyatunganirijwe n’abanyeshure biga muri […]
Imburakimazi ni bande?
Mu gihe hari amajambo amwe amwe akoreshwa n’abanyepolitike ugasanga ntashimishije bamwe n’abandi, Jean-Marie Ntahimpera aragaruka ku mvugo yakoreshejwe n’umukuru w’umugambwe Cndd-Fdd mw’ikoraniro kaminuza ry’uwo mugambwe riheruka kuba. Jean Marie anagirako atanga impanuro ku bategetsi bakoresha imvugo itababereye.
Igiturire kizocika ryari mu Burundi ?
Mu gihe abategetsi benshi b’igihugu cacu, uhereye ku bo hejuru gushika ku nzego zo hasi bama basemereye, eka mbere bakanagabisha abarya ibiturire, umuntu aribaza igituma igiturire kidahera canke ngo kigabanuke mu gihugu cacu. Oscar Niyonkuru aratuyagira uko abibona n’ico yiyumvira […]
Yoba ari iyindi nzira yo kwiyamamaza ?
Mu gihe hari umugenzo abatowe bariko baramenyera wo kwegera ababatoye mu kubasanga ku kivi, Apollinaire Nkurunziza araducira ku mayange bimwe mu biranga ivyo bihe. Iruhande y’aho, aribaza niba atari umukenyuro wo kubandanya barondera amajwi n’imbere y’uko imyiyamamazo y’amatora akurikira itangura.