article comment count is: 5

Yoba ari iyindi nzira yo kwiyamamaza ?

Mu gihe hari umugenzo abatowe bariko baramenyera wo kwegera ababatoye mu kubasanga ku kivi, Apollinaire Nkurunziza araducira ku mayange bimwe mu biranga ivyo bihe. Iruhande y’aho, aribaza niba atari umukenyuro wo kubandanya barondera amajwi n’imbere y’uko imyiyamamazo y’amatora akurikira itangura.

Uko amezi ane aheze abashingamateka n’abakenguzamateka batowe baraja mu karuhuko kugira ngo bagarukane inguvu baba bakoresheje mu kiringo kitari gito biga amategeko hamwe n’imigambi vya Leta.

Umuntu avyumva yokwibaza ko muri ako karuhuko baba bagiye kwicara, bakanezerwa mu babo no mu vyabo. Ariko kuvy’ukuri kaba ari akaryo keza ko gushikira ababizeye bakabahunda amajwi kugira bashobore gushikira ibibanza barimwo. Bene izo ngendo bagira mu benegihugu zifise akamaro kanini cane. Mu gihe ku ntwaro zaheze abashingamateka n’abakenguzamateka bakorera mu biro vyabo i Bujumbura gusa, bigatuma abenegihugu bidoga ko « baheruka kubabona baje kubasaba amajwi mu gihe c’amatora bakongera kubabona inyuma y’imyaka itanu mu kiringo c’ayandi matora », ubu hoho rero siko bimeze kuko babasanga ku kivi bagasangira ibikorwa vy’iterambere, bakababona amaso mu yandi, bakanababaza ibibazo bibahanze mbere bakanatanga imfashanyo kuri bamwe bamwe muri ba ntahonikora.

Bimwe mu biyagwa hagati y’abenegihugu n’ababaserukira

Zimwe mu mvugo abo barongozi bakoresha iyo bakoraniye hamwe n’abenegihugu, cane cane mu bikorwa rusangi, barerekana ko bari intumwa zabo. Mbere bamwe baragera kure bakavuga ko abenegihugu ari basebuja babo kuko ngo aribo babatoye bakabarungika mu nama nshingamateka na nkenguzamateka. Ari naho bahera bakavuga ko baba            baje ku gicaniro, mu babizeye bakabagomwa kurondera inkomezi zo kubandanya barangura amabanga bashinzwe.

Umuntu arashobora kwibaza rero ko bari koko intumwa z’ababatoye nk’ukwo bavyivugira narirya batowe biciye ku ntonde zugaye, gutyo umuntu ntashobore gutora uwo yipfuza. Ikindi n’ukwo, mu bibazo vyinshi abenegihugu bababaza, usanga harwiriyemwo ibibazo bito bito kenshi na kenshi vyega umuntu umw’umwe ukwiwe. Akarorero ni nk’ibijanye n’ubukene mu miryango,  amatati y’amatongo, n’ibindi. Aha rero umuntu akagira amakenga ko bene ivyo bibazo bishikirizwa bizohava bishika mu nama nshingamateka na nkenguzamateka kugira ngo vyigwe mu gihe bizwi ko hama hariyo ibibazo nkoramutima bohangana navyo. Aha twotanga akarorero nko kwemeza canke guhakana integuro y’imigambi ya Leta, ihinyanyurwa ry’amategeko, kwiga integuro y’amafaranga Leta ikoresha ku mwaka ku mwaka, n’ibindi.

 Bwoba ar’ubundi buryo bwo kwiyamamaza ?

Nk’ukwo twabibonye, kera abo banyakwubahwa baheruka kwiyamamaza gusa, batowe ubucuti bari bafitaniye n’ababatoye bukaba buhereye aho. Baca bigumira mu murwa mukuru, eka n’iyo bagize ngo baratembereye mu gihugu hagati bakazunguruka mu miduga y’ibiyo bitabona. Ubu hoho vyarahindutse. Barakora ibishoboka vyose kugira ngo biyereke kandi biyegereze abenegihugu mu bikorwa vy’iterambere mu kubaha agafashanyo, mbere rimwe na rimwe bakabavuna n’akanyota. Ubwo none ntiyoba ari iyindi nzira abo banyepolitike batoye yo kurondera amajwi y’ikiringo gikurikira hakiri kare? None nivyaba ari ukwo biri, iyindi migambwe idafise abayiserukira mu nama nshingamateka bobo bazobigenza gute mu kwitegurira amatora akurikira ? Ubwo ntibazogera kubironkera akaryo imyiyamamazo yaramaze guhera?

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (5)

    1. Bo je nibaza batanz akaruhuko kubashingamateka,uwo mur comune cank province ntabarimw.shats kuvuga ko naw kwugwo ruhusha atarwo afis!kimw gusa numva ashobora kuja kwakira abo bashitsi biteka bashobora kuza kumugendera.

  1. Bo a mon avis sinibaza ko boba bihenz kanin kuk umunt arabafis ukwo abona ibintu.kubagendera c bo,gutanga imfashanyo c bo.gukora ibikorwa rusang c bo… Mwavuz.kib gusa nuk bogenda batang inyigish zidatomoy,zugutandukany abant.hama sinzi ukwo inama shingamatek ikora,sinz ko itanga akaruhuk kur bamw?kimw gusa ndibaz kumukur wabo ababwira bose hamw ivyobobandany bakora mukaruhuko.kurya mwishur haba uw1 nuwanyuma ni nkuko harabac bafata program zabo.abatabikora,umunt yobegera akababaz imvo,si no tugiz apreciation sans les consultes twohava tubabeshera.murakoze

  2. Appolinaire ,birashika Akaba Ari Ubundi Buryo Bwo Kwiyamamaza Canke Kukaba Ari Ugukunda igihugu n,abarundi,ariko ico umuntu atokwiyibagiza nuko nyene intambi ari uwuyifashe ikirindi.