article comment count is: 0

Iduzwa ry’ibiciro bidaciye mu mategeko mu kwunguruza abantu

Mu gihe ibiciro vyo kwunguruza abantu bisanzwe bizwi ko kuva mu gisagara ca Bujumbura ahenshi mu ma zone acegereye ari amafaranga amajana atatu (300Frbu), ubu hariho abikika inyuma y’ugukena kw’amafaranga y’ingaru bakaduza ibiciro bidaciye mu mategeko. Iduzwa ry’ibiciro rero ritisunze amategeko rituma haza icuka kibi hagati y’abiyunguruza n’ababunguruza nk’uko Caritas Ninziza abituyagira.

Mu minsi iheze, ingorane zo kwiyunguruza uva mu gisagara ca Bujumbura ku mugoroba zari zihanze abantu. Ariko aho ugutonda kugira winjire umuduga biziye, abatari bake bariruhukije. Abenshi bibaza ko ukuduza ibiciro vyakogwa na bamwe mu bunguruza abantu bitwaje umusunikano waba uhari bigiye guhagarara. Ariko rero, naho ingorana z’amafaranga y’ingaru zahagumye, ntivyari bikibereye ko umuntu ashobora kuriha amafaranga amajana atanu 500Frbu aho gutanga amajana atatu (300Frbu) nk’uko bisanzwe bizwi n’amategeko.

Ukwo vyari bisanzwe bimeze n’ukwo biriko biragenda

Igihe hari hakiri ingorane zo gufata umuduga ukwunguruza ku mugoroba uva mu gisagara, abatari bake mu bayigendesha bararihisha amafaranga arenze aburiye badafise 500Frbu avunje. Ubu rero biribonekeza ko hariho abihishije inyuma y’ubukene bw’amafaranga y’ingaru bakadugirizamwo ibiciro. Abantu biyunguruza bakoresheje bene iyo miduga nibo ubu bobishingira intahe kuko abo bitarashikira ko babatwara amafaranga menshi mu yo batanze baramaze kwumva induru n’ibitutsi bisigaye birangwa muri iyo miduga yunguruza abantu muri ino minsi. Ni gake woshobora kuja canke kuva mu gisagara ngo ushike utumvise umuntu ariko aratata n’urya arihisha amafaranga mu muduga. Ivyo vyose bikava kuko usanga ahantu hahora harihishwa 300Frbu harihishijwe 500Frbu ngo n’uko yatanze ayatavunje.

Ikindi na co n’uko vyari bisanzwe bizwi ko umuntu yuririye mu nzira hari ibiciro vyari bisanzwe bizwi nk’amafaranga amajana abiri (200Frbu) canke 100Frbu. Ariko rero ubu ivyo biriko birazimangana buke buke kuko hose ubu uza wumva ngo : « Nta modoka y’amajana abiri ! » Ivyo rero n’abazigendesha baravyiyemangira aho bavuga bati birazwi ko no mu mategeko ukwiyunguruza mu gisagara ari amafaranga majana atatu.

Ariko naho bimeze ukwo, n’ahandi mu bindi bihugu canke ibisagara, umuntu ariha amafaranga agereranye n’aho agiye bivanye n’aho bamutoye. Biratangaje cane nko kwumva umuntu ava kuri Ntahangwa aja kuri Roi Khaled ashobora kurihishwa co kimwe n’uwuvuye hagati mu gisagara aja mu Gasenyi canke mu Kamenge. Ivyo rero biratuma abenshi bidoga eka mbere bakavuga ko ari na twebwe abantu dutesa agaciro ifaranga mukuduza ibiciro bidaciye mu mategeko.

Igikwiye gukorwa

Nk’ukwo abaserukira abandi mu kwunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura biyumviriye bagatora inzira yo kwurohereza abantu mu kwinjira atamusunikano, bari bakwiye no guhagurukira iki kibazo. Mu bisanzwe barihishije abantu neza, bakora akazi neza maze imigenderanire ikabandanya ari myiza. Si vyiza ko baguma baza baratukana n’abo bunguruje umwanya uwariwo wose. Kiretse ko bishobora gutera n’impanuka rimwe na rimwe kuko hagira igihe ugasanga n’uwuriko aragendesha imodoka yabigiyemwo, haragera n’igihe bitevya abantu kubera habaye ukudadika kw’umwe canke uwundi.

Mu ntumbero yo kugwanya itakara ry’agaciro k’amafaranga rivuye kuri iryo duzwa ry’ibiciro ukwo umwe wese avyiyumviriye, na Leta yowiga ku muti wotoregwa ico kibazo gisa n’ikitaboneka neza ariko gihanze benshi. Gutyo, abantu bazokwiyunguruza neza, bashike iyo baja bafise umutima umeze neza kuruta iyo bagiye baraharira inzira yose n’ababunguruje.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion