Amaze kubona incuro zibiri aho abagendesha imiduga bashiburira ibiziba ku bagenda n’amaguru maze bikamubabaza, Nduwayo Jean Désiré yahisemwo kwibutsa ico amategeko avuga kuri mwe n’ivyo vyaha, mbere yerekana n’uburyo agateka k’abiyunguruza n’amaguru kokingirwa n’inzego zibijejwe.
Jean Désiré Nduwayo
Blogueur du collectif Yaga
Abahejeje amashure ntibakwiye kurera amaboko
Ukwiga ni kimwe, ukuronka akazi kajanye n’ivyo wize n’ikindi. Ubukene bw’akazi ni ingorane izigirije urwaruka mu Burundi. Ariko, bamwe bamwe bahisemwo kwiyungunganya. Jean Désiré Nduwayo araduha uburorero, agaheza akerekana ingene Leta yoshigikira utwigoro twa be n’urwo rwaruka.
Abapfungakiwani babaye umurengera
Abatari bake baramaze kwumva ijambo “abapfungakiwani” rikunze gukureshwa mu bisagara ariko rikaba risanzwe risigura abakoresha ububeshi mu kwiba. Abo rero babaye umurengera kandi barageramiye abantu batazi kwiyubara kuko bama bivye abatari bake nk’uko Jean-Désiré Nduwayo atuyagira ivyamushikiye.
Urupapuro rutoroshe kuronka
Mu Burundi, abantu bamaze gusaba akazi ka Leta canke bakarondera izindi mpapuro zikomeye mu biranga ubuzima bwabo, hari urupapuro rudahara muri izo. Urupapuro rwerekana ko umuntu ataronderwa n’ubutungane ruri muri zimwe iyo uzironse wiruhutsa. Urwo rupapuro, kugira ururonke utegerezwa kwihangana […]
Ingaruka z’uburyo bwo kwirinda gusama ku bigeme bataravyara
Mu buzima bwa minsi yose, umukobwa atwaye inda y’indaro aramaramara akongera akamaramaza umuryango. Ubu rero, abigeme benshi baratinya gutwara inda z’indaro gusumba izindi ngorane zose bokura mu mibonano mpuzabitsina. Jean-Désiré Nduwayo aratuyagira ingaruka mbi z’uburyo bwo gutandukanya imvyaro iyo bukoreshejwe […]
Kanyanga yoba ari mbi ku magara yacu ?
Inzoga ya kanyanga iri mu binyobwa bitemewe n’amategeko ngaha mu Burundi. Ariko rero n’aho biri ukwo, abatari bake, kubera ukutamenya, barabandanya kuyenga, kuyidandaza no kuyinywa mu mpisho. Iyo nzoga rero, naho benshi bayikunda, ni mbi ku magara yacu mu buryo […]
Ikibazo c’amafaranga y’ingaru mu gisagara ca Bujumbura
Mu gihe muri ino minsi, mu gisagara ca Bujumbura hibonekeza ubukene bw’amafaranga matomato, hariho ikibazo gikomeye ku bagenda n’imiduga yunguruza abantu. Amafaranga y’ingaru ubu asigaye akwega imitongano hagati y’abiyunguruza n’abakozi b’iyo miduga nk’ukwo Jean Désiré Nduwayo abituyagira.
Urwaruka na politike ya Afrika y’ubuseruko
Abatari bake mu Burundi barazi ko igihugu cacu kiri mu muryango wa Afrika y’ubuseruko. Ariko rero, baba urwaruka canke abakuze, si benshi bazi ukwo politike y’uwo muryango itunganijwe. Jean-Désiré Nduwayo araducira ku mayange ibijanye n’ibiyago vyari vyatunganirijwe n’abanyeshure biga muri […]
Inzara irarembeje abantu mu gisagara ca Bujumbura
Mu gihe abantu basabiririza mu gisagara ca Bujumbura baguma biyongera uko imyaka ihera, abantu benshi baribaza nimba ababayeho nabi muri ico gisagara ari abo babona ku mabarabara hamwe no mu bindi bibanza bihuriramwo abantu benshi gusa. Jean Désiré Nduwayo aratuyagira […]