Haraheze iminsi Abepisikopi katolika b’Uburundi basohoye itangazo rihanura abakristu b’abanyepolitike ngo bareke gushigikira abadashaka ibiganiro kugirango umutekano ugaruke. Ariko rero Leta y’Uburundi ntivyakire neza bivanye n’uko yo ibona ko ayo matangazo agumura abenegihugu bari basanzwe bafatanye munda. Jean Désiré Nduwayo […]
Intwaro
Uburundi ntibuzwi mu mabi gusa
Ingorane Uburundi buhitiyemwo kandi n’ubu zikaba zitararangira zatumye abantu benshi, abarundi ubwabo n’abanyamahanga batinya iki gihugu. Ariko Apollinaire Nkurunziza, naho abona izo ngorane, aragaruka agashima akanishimira ivyiza bikogwa n’abarundi bamwe bamwe mbere bigahayagizwa no mu makungu.
Ngo hakumena womeneka !
Inyuma y’urugendo umurwi w’abakuru b’ibihugu ba Afrika wo ku rwego rwo hejuru mu Burundi urongowe n’umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo, Jacob Zuma, n’amatangazo yarukurikiye, Jean-Désiré Nduwayo aribaza ibibazo vyinshi vyokorwa kugira Uburundi bwogorore.
Amavoka n’ikena ryayo ridatahuritse mu Burundi
Mugihe ivyamwa vy’amavoka bisa n’ibiguma bikenye mu Burundi, Felisi Ndereyimana we asanga iyo ngorane iterwa n’uko Abarundi badatahura neza iterambere rusangi