article comment count is: 1

Igiturire kizocika ryari mu Burundi ?

Mu gihe abategetsi benshi b’igihugu cacu, uhereye ku bo hejuru gushika ku nzego zo hasi bama basemereye, eka mbere bakanagabisha abarya ibiturire, umuntu aribaza igituma igiturire kidahera canke ngo kigabanuke mu gihugu cacu. Oscar Niyonkuru aratuyagira uko abibona n’ico yiyumvira kugira ngo ako karanda karanduranwe n’imizi mu gihugu.

Ubutumwa bigize iminsi bushikirizwa n’abategetsi b’igihugu c’Uburundi burerekana neza ko hari umugambi wo kurwanya igiturire bimwe biboneka. Haba abashikiranganji hamwe n’aba buramatari baramaze kwemanga ko mu bo barongoye harimwo abarya igiturire. Akarorero  twotanga ni nk’umushikiranganji w’ubutungane. Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru, umushikiranganji Leontine Kanyana yaramenyesheje ko yaronse akanya gakwiye ko kumenya ingene igiturire kiribwa. Yaciye amenyesha ko, kuva uwo munsi, atanze ikigongwe c’kivunga ariko ko uwuzosubira kurya igiturire azohanwa vy’akarorero.

Hambavu y’ivyo, umushikirangnji w’umutekano nawe nyene yarafashe ingingo zikomeye. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru yaragabishije abapolisi hamwe n’inyamiramabi bazofatwa bariye igiturire. Yaciye afata ingingo yo gushira mu bibanza vyose bikorerwamwo n’igipolisi ivyapa vyanditseko ngo: «Igipolisi kizira igiturire». Eka n’umukuru w’igihugu, we nyene ubwiwe, mu majambo agize iminsi ashikiriza kw’iradiyo, aragaruka cane ku bantu barya ibiturire. Izo ngingo zose z’abo bategetsi zirerekana ko bazananye umurindi mushasha mu kurwanya igiturire.

None uwo mugambi uzoshobora kuranguka ?

Biragoye kwemeza canke guhakana ko uwo mugambi uzoja mu ngiro vy’ukuri. Mubisanzwe, gufata ingingo ni vyiza ariko igikenewe cane ni ishirwa mu ngiro ryazo. Kuba rero abategetsi bo hejuru bahagurukiye rimwe mu kurwanya igiturire n’ikintu co gushima. Ariko kandi icizere c’uko uwo mugambi uzoja mu ngiro ni gito cane bivanye n’ayandi majambo yari yarakoreshejwe mu kurwanya igiturire ariko bikaba impfagusa. Aha twovuga nk’igihe abategetsi bavuga ngo: «Ibisaka vy’imbwa birahiye, uwushaka kurya igiturire azocake umugore wiwe biherere mu nzu!» canke umugambi w’umukuru w’igihugu wiswe « ukutihanganira na gato abarya ibiturire ». Utwo twigoro twose nta kintu kiboneka twigeze duhindura.

Ibituma nyamukuru igiturire kiguma ciganza

Kurwanya igiturire bisaba kurya umutima amenyo ugafata ingingo rugabo. Mubisanzwe, ibiturire biragabuye: Hari ibiturire bito bito biribwa n’abantu babayabaye hakaba n’ibindi binini binini biribwa n’abantu bakomeye. Ivyo vya kabiri rero biragoye kurwanya kuko ababirya s’abantu basanzwe. Usanga bafise igitsure c’ubutegetsi maze bigatuma uwujejwe gushira mu ngiro iryo tegeko bimugora. Ni naho uza wumva ngo haciwe iza ngondagonde canke ngo ubutungane bwakoreshejwe.

Icokorwa kugirango ako kabi gasezererwe

Umuganwa atari umugani Ludoviko Rwagasore akaba n’incungu y’ukwikukira kw’igihugu cacu niwe yakunda kuvuga ngo: «Muzotumenyera kubikorwa vyacu». Kubwira amajambo meza abo urongoye ni vyiza ariko biraryoshe cane iyo agiye mu ngiro. Ico abantu banyotewe uwu munsi ni iyubahirizwa ry’amategeko. Biranditswe neza kandi biratomoye mu mategeko y’Uburundi ku buryo atawokwitwaza ko yariye igiturire k’ukutamenya. Abarongozi bari bakwiye kureka kurwiza amajambo ahubwo bagashira imbere ibikorwa. Ugutanga ikigongwe c’ikivunga canke ukugabisha abarya ibiturire ntivyoja imbere. Uwufashwe yohanwa hisunzwe amategeko, bishobotse agasubirizwa n’abantu b’umutima na rirya abatagira akazi ari benshi. Abarongozi bacu barakwiye gufata iya mbere mu kurwanya ako karanda kuko ni bo rumuri rwacu. Nibaturongora neza, tuzotera imbere. Bavyitwayemmwo nabi naho tuzosubira inyuma. Na kare bavuga ngo « umwera uva i bukuru ugashwara igihugu cose ».

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Murakoze Cane.ariko rero ntakintu kigoye kugwanya nk,ibanga ry,abantu babiri kuko ubuho n.ubuhinga bwaje uwutanga igiturire ashobora kuja gushira amafranga kuri compte yuwo agomba guha ico giturire.murico gihe biragora cane guhasha abo bantu babiri.ikindi naco nuko nabafatwa badaheza ngo bahanwe.