Ni igenekerezo rya 31 Rusama, amakungu arahimbaza umusi wahariwe kurwanya amabi aturuka ku kunywa itabi. Mu mugwi w’abihereza itabi mu Burundi, harimwo n’abana bakiri bato. Ariko ivyo bizi bake. Muti none biterwa n’iki? Abo bana bo biraheza bikabashikana he? Divin […]
Divin Dushime
Contributeur du collectif Yaga
Ikibanza c’umushingantahe coba ari icahe mu muryango?
Hari abibwira ko akamaro k’umugabo mu rugo kagarukira mu kurondera ibirutunga. Ihibambe we! Hari n’ibindi. Dushime Divin arabitwiganira, ashimikira ku buzima bwa Akimana, umwana yakuze nk’uwutagira se kandi uno ari muzima.
Ngozi: nyabarega rusangi zaroye he?
Mu mwaka w’2011 ushira 2012, mu gisagara ca Ngozi harabonetse nyabarega rusangi. Zino ntizamaze kabiri, kuko zose zahereje kuzimira. Dushime Divin aratubwira vyinshi ku bijanye n’akahise k’ivyo bikoresho rusangi.
Ibiyovyabwenge mu rwaruka: abavyeyi ntibera
Ibiyovyabwenge ni imwe mu ngorane zibangamiye urwaruka rutari ruke mu Burundi. Afatiye ku ntahe za Sano na Mugisha, Dushime Divin arerekana uruhara rw’abavyeyi kugira abana barinde bashika mu kwihereza ibiyovyabwenge.
Ukwikukira55 : abaririmvye indirimbo zihayagiza igihugu ntitubibagire
Mu gihe duhimbaza imyaka mirongo itanu n’itanu Uburundi bumaze bwikukiye, « ni vyiza ko abategetsi batanguye guha iteka abaririmvyi ». Dushime Divin arakenguruka agashimwe umukuru w’igihugu yaraye ahaye umuririmvyi Natasha, ariko agasaba ko bitogarukira aho.
Nta mwana n’ikinono, abakobwa botorana nk’abahungu
Iciyumviro c’uko umwigeme yotorana ku rugero rungana n’urwa basazawe ntikibonwa kumwe. Bamwe biyumvira ko bose bakwiye kunganya, abandi bati « nta kuntu na kumwe abahungu n’abakobwa bonganya ». Dushime Divin aradushikiriza uko bamwe n’abandi babibona.
Mu ntara ya Gitega, inzara irabica bigacika mu mashure y’uburaro
Ivy’uko ubuzima buzimvye mu Burundi ntibikiri agaseseshwarumuri. Twari tumenyereye kwumva aho bishika imiryango igafungura rimwe ku musi, ubu iyo nzara y’inzaragiza yatandukiriye no mu mashure y’uburaro. Divin Dushime aratwiganira amayobera yasanze mu mashure yo mu ntara ya Gitega.
Ubukene n’indwara ikira
Mu gihe abantu benshi bugarijwe n’ubukene hirya no hino mu gihugu, mu ntara ya Gitega, hari umuti abanyagihugu bamwe bamwe bagerageje kubutorera. Uwo muti ushimikiye ku gushinga udushirahamwe duto duto maze abanywanyi bakaza baraziganya bongera baguranana hagati yabo. Gutyo rero, […]
Ukwemera Imana mu Burundi bw’aho hambere
Abarundi bamye bemera Imana kuva kera na rindi. Mu Burundi bw’aho hambere, Imana yari izwi, igasengwa, igasabwa inka n’ibibondo kandi ikizigirwa cane biciye kuri Kiranga, umuhuza wayo n’abantu. Naho rero ubu benshi bahakwa gusuzugura ukwemera kw’Abarundi ba kera, hari vyinshi […]