Abatari bake mu Burundi barazi ko igihugu cacu kiri mu muryango wa Afrika y’ubuseruko. Ariko rero, baba urwaruka canke abakuze, si benshi bazi ukwo politike y’uwo muryango itunganijwe. Jean-Désiré Nduwayo araducira ku mayange ibijanye n’ibiyago vyari vyatunganirijwe n’abanyeshure biga muri za kaminuza kuri ico kibazo.
Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 10 Nyakanga 2016, muri kaminuza y’ubuvuzi INSP hahuriye abanyeshure baje baserukiye amakaminuza ashika 8 mu ntumbero yo kuyaga ku bijanye n’iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’Ubuseruko. Na cane cane ku kijanye no kugira politike imwe mu karere. Mwomenya ko iyo azoba ari intambwe ya 4 mu bijanye no kwubaka vy’ukuri Afrika y’Ubuseruko ikaba ari nayo izoba ari iyanyuma kugira ngo ako karere kabe umuryango wiyunze vy’ukuri. Ku batavyibuka, reka tubibutse ko izo zindi ntambwe ari: Gutoza amakori kumwe, isoko rusangi, gukoresha ifaranga rimwe. Urwo rwaruka rero rwayaze ibitari bike kandi vyaribonekeje ko intambwe igeze kure kuko ico kiyago cose cabaye mu rurimi rw’icongereza ari narwo rurimi rukoreshwa cane muri uwo muryango.
Ukwo bamwe n’abandi babibona
Umwe mu bari bavyitavye niwe yagize ati : « None twovuga gute ko turi mu muryango umwe kandi bishika ugasanga imigenderanire si myiza hagati y’ibihugu biwugize? Je nta karusho ndabibonamwo mu gihe nk’ubu ata bidandazwa biva mu Burundi ngo bije mu Rwanda canke ngo bize mu Burundi. Ivyo bikaba vyibonekeza rimwe na rimwe ku rubibe Uburundi buhana na Tanzaniya ku bijanyen n’ibifungurwa ». Ariko n’ubwo uwo abibona ukwo, yaranezerejwe n’intambwe urwaruka rugezeko mu gukurikiranira hafi ivy’igihugu cacu. Na cane cane ivy’iyinjira ryaco muri uwo muryangos.
Ku ruhande rw’ababiteguye, baremezako utugorane tutabuze ariko ko bo bazobandanya baremesha ibiyago mu rwaruka. Na cane cane uruciye ubwenge kugira ngo rumenye ukwo uwo muryango utunganijwe. Ngo basanze abatari bake muri urwo rwaruka batazi canke bataratahura ibijanye n’uwo muryango kandi bategerezwa kubimenya. Bmenyesha ko bazobandanya ico gikorwa no mu gihugu hagati mu gihe Leta canke ababishoboye boza barabafata mu mugongo. Umukuru w’abatunganije ivyo biyago ahereheza avuga ati : «N’ukuri umuntu aravye ingene bari bitavye ari benshi, biribonekeza ko urwaruka rwatanguye kwijukira kumenya inkuru zose zijanye n’uwo muryango».
Ku bwanje, nabonye ko biriko biraza. Ahubwo nosaba abatwara kino gihugu ko bogerageza bakayaga n’ibi bihugu dusangiye umuryango kugira ngo ya soko rusangi iboneke vy’ukuri. Gutyo umwe wese asumire aho ashaka. Ivyo vyofasha kugira ngo umugambi wo kugira ifaranga rimwe canke politike imwe bigende neza.
Je nsanga abarongoye igihugu cacu aribo bari mu makosa. None si bo babujije amabus kwambuka? Si bo babujije ibidandazwa gusohoka, bikaba biri kuborera mu ngo zacu kandi tutabasha no kuronka amahera yo kwivuza? Barakwiye kwibaza aho baganisha igihugu cacu vrmt.
NONE KO URWARUKA RURANGIZA AMASHURE RUGACA RUBURA AKAZI, NTA KUNTU HOSUBIRWAMWO AMATEGEKO AGENGA ABAKOZI N’AKAZI KUBURYO IMYAKA YO GUKUKURUKA IGABANYWA GUSHIKA KURI 55 ANS, MAZE KUVA KUBAFISE 55 ANS GUSHIKA 60 ANS BATAHE, KUGIRANGO LES JEUNES CADRES DYNAMIQUES ET COMPETENTS BARONKE AKAZI, BATEZIMBERE IGIHUGU, HO KUGUMA BICAYE KUMABARABARA ATA N’IMITAHE BAFISE NGO BABURE BADANDAZE????? EGA BISUBIYE, URAVYE AMASHIRAHAMWE YA LETA ( BRB, SOCABU, LES BANQUES, LES MINISTERES, …) ABAKOZI BENSHI BARI HAGATI YA 55 ANS NA 60 ANS KANDI BABA BAGEZE KUMISHAHARA MININI, KUBURYO, BARUNGITSWE MUHIRA HOCA HABONEKA IBIBANZA VYOKWINJIZAMWO URWARUKA. KANDI UBIRAVYE ABO BAGEZE MWIYO MYAKA NTA MWIMBU USHIMISHIJE BABA BAKIRONDERERA AMASHIRAHAMWE BAKORAMWO KUKO BENSHI USANGA BITAHO IMIGAMBI YABO. NDABABWIJUKURI AUSSI LONGTEMPTS QUE URWARUKA RUDASHIRWA IMBERE NTA TERAMBERE RIZONGENDA RIBONRTSE.
KUBERIKI LETA IGUMA IVUGA NGO URWARUKA NIRUJE KWIKORERA IVYARWO AHO KURUNGIKAYO ABAMAZE KURONKA FONDS DE PENSION YOBAFASHA GUSHINGA IMITAHE????? IMBABAZI KUBAZA GUKORWAKO N’IKI CIYUMVIRO CANJE.
Ntabwo mwatubwiye abo banyeshuri baturutse mu zihe kaminuza?! ni izo mu karere EAC cg ni izo mu Burundi gusa?
Ikindi njye nsanga inzira ikiri ndende kugirango Into bintu bitatu bizagerweho. Ndatanga urugero kuri Tanzania n’uburundi : dore kugeza ubu ntabwo bari bemera ikoreshwa ry’akarangamuntu Ku baturage Bo muri Eac!!! ubwo se koko ifaranga ryo kuzaryemera ndetse n’ibyo bindi ubwo ntibizafata energy nyinshi cyane turebeye Ku mpamvu kugeza ubu batari bemera gahunda y’ikoreshwa ry’akarangamuntu mu kwambukiranya imipaka?!!!
Gusa nibaza ko abayobozi bari bakwiriye kurushaho gushyira hamwe bashyira imbere inyungu z’abo bayobora kurusha ibyo bo bafitemo inyungu!!! Sinon ubwo izina ry’ubuyobozi baba batazi igisobanuro cyaryo!!!!! kandi ubwo nta kundi Eac yakomeza ikaba Reve ni me Sera jamais une réalité…
Murakoze.