article comment count is: 0

Mu Burundi ni nde afise ukuri mu myiyerekano ?

Mu gihe haheze iminsi, kuva mu mwaka w’2015, hibonekeza imyiyerekano itandukanye mu Burundi, abatari bake baribaza niba iyo myiyerekano iba iteguwe kumwe. Mu nzira yo kurondera inyishu, bamwe baribaza uwoba afise ukuri muri yo. Divin Dushime na we nyene aribaza niba Leta yakira kumwe ababa bariko baragira ico biyamirije.

Haraciye umwaka urenga mu Burundi hateye intureka za politike ndetse n’umutekano ugahungabana. Imyiyerekano yarabaye myinshi cane gusumvya uko yahora ikorwa mu minsi ya hera. Abaja muri iyo myiyerekano, muri rusangi, baba bariko biyamiriza iki canke kiriya. Haragera igihe umuntu yibaza uwufise ukuri n’uwutagufise.

Mu kwezi kwa kane kwo mu 2015, harabaye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo c’Umukuru w’igihugu. Iyo myiyerekano yaheranye n’ico nokwita inkina mico ya politike yo gutembagaza ubutegetsi. Ariko hanyuma, harabaye n’iyindi myiyerekano ya politike. Igitangaje muri ivyo vyose, n’uko bamwe batoroherejwe abandi na bo bakoroherezwa mbere bagatako bagacungerwa. Ivyo rero bigatuma nibaza ikibazo co kumenya nimba mu Burundi Leta yumviriza bose kandi kumwe. Inyishu z’ico kibazo zisa n’izo naronse mu vyo mbandanya mbona.

Mbega ni nde yiyerekana mu nzira ibereye ?

Biragoye cane kandi noneho ntibikunda ko umuntu agaragaza akababaro kiwe atavyerekanye. Abategura imyiyerakano hamwe n’abayijamwo bose bafata inzira yo mw’ibarabara canke kwugariza ahanaka. Itandukaniro n’ukugene bayitunganya. Igisigara kigoye kumenya n’uwufise uburenganzira bw’iyo myiyerekano. Mu bisanzwe, nta n’umwe atari uwo kwubahirizwa mu gihe nk’ico. Ariko rero, ku vyo mbona n’ivyo nabonye, n’uko uwo Leta yemereye canke uwo ishaka ariwe yoroherezwa.

Ni ikihe gitigiri cokwemeza ko abiyerekana bari mu kuri?

Mu gihe c’imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo c’Umukuru w’igihugu, Leta yavuga ko abiyerekana ari abagumutsi kandi ko badaserukira abarundi bose. Kuko, ahanini, yabereye mu gisagara ca Bujumbura. Muri kino gihe, mbona ko hari abandi biyamiriza ibindi. Eka nabo nyene bakaba bari i Bujumbura na cane cane. Mugabo Leta ikavuga ko ari abarundi bariko bariyamiriza abacafuza igihugu.

Uturorero ni twinshi, hari abiyamiriza ivyegeranyo biba vyakozwe n’ibisata vya ONU, n’utundi turorero twinshi. None ngaho hose s’Abarundi bose biba bikenewe ko berekana ko biyamirije ivyo batishimiye? N’ikihe gitigiri nyaco cofatirwako kugira Leta ikingire canke yemere ko abiyerekana bavuga ukuri ?

Ico mbona kibereye

Muri rusangi, Leta yari ikwiye kwumviriza bose. Igafata kumwe Abarundi. Ni vyo ko hariho abategura kwonenera igihugu, eka bakanabikora. Uri imirwi irwana, canke n’ibindi, ariko igihe cose hama hariho imvo. Nimba Leta ari umuvyeyi wa bose vy’ukuri, ntiyari ikwiye kwumviriza abayishigikiye gusa. Ico nibaza ciza Abarundi dukeneye kandi ubwanje nkeneye, n’amahoro n’ugutunganirwa  mu gateka kanje no mu two ngezemwo. Amahoro ni yo nkingi ya vyose.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion