Moise Bukuru ntaca hirya no hino : kugira Abarundi basubire guhimbarirwa igihugu cabo, bakeneye indongozi nshasha. Afatira akarorera ku vyabaye mu mwaka w’2005.
Ndibuka mu mwaka w’2005 igihe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatsinda amatora ukuntu abanyagihugu benshi bari buzuye umenezero. Aho uciye hose abantu bariruhutsa. Nagira mpeze amashure yisumbuye, kandi ubwanje sinari nshigikiye Cndd-Fdd kubera abavyeyi banje bari mu wundi mugambwe. Ariko akamwemwe Abarundi bari bafise karanyandukiye nanje ntangura guhimbarwa. Kukaba nkako, nari nakuriye mu ntambara, kuva ntangura ishure mu 1993, baca batubwira ngo kubona Petero Nkurunziza atsinze bisigura ko intambara irangiye, ko Uburundi bugiye kuruhuka, ko ibintu vyose bigiye guhinduka. Cari igitangaza kuri jewe kwumva ko Uburundi bushobora kubaho ata ndyane, utaza wumva umubanyi akubwiye ngo « vyuka duhunge », abo twahora twita « abasaya » (les assaillants) ngo bagiye kuba abasirikare b’igihugu,…Mu vyukuri ico gihe uretse ko Uburundi bwasa n’ubugira buronke amahoro, abanyagihugu bari bakeneye uburongozi bushasha buzanye inguvu nshasha. Hari haheze imyaka irenga 40 havugwa babandi nyene, ya migambwe nyene kandi ugasanga igihugu ntikiva aho kiri.
Ntaho twavuye, ntaho twagiye
Ntivyatevye ! Ca cizere abarundi bari bafise camaze umwanya urume rumara. Uko imisi yagiye iragenda, niko ubwicanyi bwagiye buriyongera kandi bukagirizwa abari bajejwe kudukingira. Gutyo twisanga mu gihugu kitarimwo intambara ariko ntikigire n’amahoro. Inyuma y’imyaka cumi, ubu tugeze aho umurundi apfa bakamuhamba kubera yabuze utwo ararira. Ubukene buzura inzara. Mu vyegeranyo vy’ubutunzi nka vyose twisanga inyuma kw’isi. Mu mashirahamwe mpuzamakungu atandukanye dusa n’abahariwe ivomo. Abarundi barayamaze ngo « iyigeze kure, ntayitayigera ihembe ».
Ubu tugeze aho abarundi bumva isoni bagiye mu gihugu kibanyi c’Urwanda mu gihe mu myaka mikeya irangiye ata kintu caturusha.
Aho ibintu bigeze jewe nibaza ko Abarundi badashaka ibintu binini. Bakeneye ikindi cizere nk’ico bari bafise mu mwaka w’2005. Bakeneye uburongozi bushasha, bipfuza kubona uwubatuma bizera ko imbere ari heza, naho yobahenda, ariko bagasubira bakamwenyura, bakibagira amagorwa bagowe uyu munsi bagahanga amaso kazoza. Abafaransa nibo bayamaze bati «l’espoir fait vivre ». Nibaza ko ari naco ciza ca demokarasi : kumenya ko ufise ububasha bwo kwikurako umurongozi ataco yakumariye ukahashira uwundi wizerako azogira ico ahinduye.
None ubwo turafise ububasha bwo gusezerera abatumye twihebura ? Umwe wese yokwiha inyishu, gutyo agatahura intambwe ya demokarasi duteyeko.
Nihatari
Erega igituma tuguma muntambara n’uko:
1 abagiye kubutegetsi bihutira itunga abasigaye bagaca babibonamwo ubuzima
2 abahora batwara ubu batacizewe bikanka ko basubira mu buzima busanzwe bagaca bahitamwo gukoresha inguvu kugira basubire kubutegetsi.
H O K O R W A I K I ?
Kuva kumishahara y’aba généraux aba députés n’abandi barenza 800 000/mois abafise duke nabo bakongererezwa. ndababwijukuri habaye équillible mu vy’imishahara ntabosubira kwirukira ivya politique ahubwo twese twokora dutezimbere igihugu.
DUHINDURE IVYIYUMVIRO, EJO NI HEZA CANE!
« Abarundi turarushe, dukeneye ihinduka » n’imvugo imwe mumvugo nyinshi zikunzwe gukoreshwa mu Burundi. Ikibazo n’uko umuntu atigera amenya neza abarundi barushe abaribo, canke abakeneye ihinduka. Ikindi gikomeye cari ngombwa kumenywa n‘iryo hinduka nyene benshi baririmba ariko badashobora kuvuga neza. Kuva na kera na rindi, mubisagara cane cane ku migwa mikuru, hamye hari utugwi tw’abantu basegerereza, abandi n’abo bakitwaza ibihe vy’umutekano muke bakifatira abantu mu gahanga biciye mungeso mbi yo gusahura no kwica. Kuva mu mwaka 2005, twagiye tubona ihinduka mu mice yose y’ubuzima bw’igihugu bitumwe n’indongozi nshasha uburundi bwari buronse. Vyinshi vyarakozwe n’aho bitari vyoroshe na gato. Kutavuga rumwe na reta kuri bamwe vyahavuye bicika umurimo. Iyo ngeso yatewe n’ibihe bishasha aho vyari bitagikunda ko umuntu ashikira ubutegetsi akoresheje igikenye canke amayeri atandukanye n’inzira ya demokarasi.
Ndi umwe mubarundi atavyinshi bazi ku mikino ya politike ariko bashoboye gukurikiranira hafi kahise canke ivyegeranyo vyagiye bitangwa n’amashirahamwe ku Burundi. Vyaragaragaye neza ko vyinshi muvyegeranyo bitangwa harimwo amakosa menshi avuye kumvo za politike, kandi ibivugwamwo bikaba bihushanye n’uko biba bimeze mu Burundi. Haravuzwe vyinshi ku bwicanyi bukorwa, mbere n’inzego z’umutekano zigacafuzwa gushika n’aho Reta yagirizwa gutegura ihonya bwoko. Nfatiye kuvyo umuvukanyi Moïse BUKURU yashikirije, nibaza ko gufatira muri rusangi ari ikosa rikorwa kenshi dukwiye gusezerera. Aho avuga ati “ Abarundi turarushe” bigaragara neza ko hari umugwi w’abarundi dushobora kumushiramwo kuko kuruha biva kuri vyinshi. Niyaba yibaza ko intwaro ya CNDD-FDD ari yo yoba imuruhishije, akwiye kumenya ko hari imiryango myinshi ishima kandi ikenguruka ibikorwa vyaranguwe n’umugambwe uri k’ubutegetsi kuva mu 2005. Ivyo vyagiye bigaragarira mu biganiro biheruka vyahuje abarundi isinzi aho umurundi wese yashikiriza ico agona. Mugendo Nyakubawa Umukuru w’Igihugu agira muntara nka zose biciye mubikorwa rusangi, n’aho nyene vyaragaragaye cane.
Arongera ati :”baca batubwira ngo kubona (Nyakubahwa Umukuru w’Igihugu) Petero Nkurunziza atsinze bisigura ko intambara irangiye, ko Uburundi bugiye kuruhuka, ko ibintu vyose bigiye guhinduka”.
Nibaza ko batigeze bamubesha nagato. None sivyo? Duterere amaso gato inyuma. Intambara none ntiyahagaze? Uburundi aho Umukuru w’Igihugu atamara kabiri, ntitwabusezereye? Mubisata bimwe bimwe vy’Igihugu, ibintu ntivyahindutse? Notanga akarorero nko mubijanye n’uburimyi n’ubworozi aho umwimbu wagiye urongerekana mu ntara zimwe zimwe (Rutana, Cankuzo…) bashoboye kwitaba akamo batewe ko kugwiza umwimbu no kwijukira ibikorwa vy’iterambere. Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi yaratangaje ko umwimbu mu mwaka w’ 2016 wagenze neza cane. Wavuye ku ma toni 19.000 mu 2015 ushika ku ma toni 29.000 mu 2016 ( amatoni 10.000 asa nayiyongeye) (saisons culturales A et B).Akarorero ka hafi. Abarundi bose s’ibinebwe. Ingorane yahabaye, n’uko twinjiye mu Burundi aho abari bamenyereye kurya bicaye vyabagoye cane. Aho hashingiwe ikigo kijanye no kugwanya ibiturire (Brigade anti-corruption), benshi mu batanga canke abari babeshejwewo n’ibiturire, ubuzima bwabo bwategerezwa guhinduka. N’ikigo OBR carafashije cane mw’itunganywa ry’urudandaza n’itozwa ry’amakori. Kubera izo ngingo nshasha, niho haciye haduka imigambi igayitse yo gutobera abari basanzwe bari ku kivi cane cane mu gisagara ca Bujumbura. N’aho vyagenze uko, Reta n’ayandi mashirahamwe yabikorera utwabo, Abarundi b’umutima, barashoboye gukora bishimishijije. Imigambi myinshi yagomba guta mukaga Uburundi yaraburijwemwo (imigambwe yikuye mu matora 2010, guhirika ubutegetsi 2015 n’ibindi).
Aho avuga ngo : “Ntivyatevye ! Ca cizere abarundi bari bafise camaze umwanya urume rumara. Uko imisi yagiye iragenda, niko ubwicanyi bwagiye buriyongera kandi bukagirizwa abari bajejwe kudukingira”.
Aho tugeze nibaza ko iyo mvugo idafashe na gato. Intambwe tugezeko mubijanye no gutahura iterambere rirama canke kwizera ko ejo ari heza, iragaragaza neza ko, n’aho hari abashatse guhungabanya umutekano, abarundi atari bake batigeze bata icizere. Ahubwo bashishikaye gukomeza ibikorwa.
Arabandanya ati:“Gutyo twisanga mu gihugu kitarimwo intambara ariko ntikigire n’amahoro. Inyuma y’imyaka cumi, ubu tugeze aho umurundi apfa bakamuhamba kubera yabuze utwo ararira.”
Aha harimwo ukwivuguruza. Nibaza ko yashatse kuvuga ko turi mugihugu kitarimwo intambara, kirangwa n’amahoro ariko umutekano ukiri muke. Ikibazo c’umutekano naco n’igikorwa ca buri munsi. Kandi umutekano muke uva kuri vyinshi: Ubusuma, ibiyayura umutwe, akaborerwe, gufata ku nguvu…n’ibindi. No kubura ico umuntu ararira, vyame biriho kuva na kera. Ahubwo dukwiye gushimira Imana ko atandwara zivyaduka n’ibiza biherutse.
Aho avuga ati : “Ubu tugeze aho abarundi bumva isoni bagiye mu gihugu kibanyi c’Urwanda mu gihe mu myaka mikeya irangiye ata kintu caturusha. Aho ibintu bigeze jewe nibaza ko Abarundi badashaka ibintu binini. Bakeneye ikindi cizere nk’ico bari bafise mu mwaka w’2005. Bakeneye uburongozi bushasha, bipfuza kubona uwubatuma bizera ko imbere ari heza, naho yobahenda, ariko bagasubira bakamwenyura, bakibagira amagorwa bagowe uyu munsi bagahanga amaso kazoza”
Abarundi bumva isoni ni bande? Igihugu c’urwanda gifise kahise kaco. Kuba umuntu yonezerererwa amavukiro yiwe, ntibiva kwiterambere ry’ikindi gihugu. N’akaranga mutima kadahindugwa n’ibihe. Nibaza ko uko ar’ukwihenda cane. Gusa dusanzwe tuzi ko kuva na kera na rindi hamye hariho abarundi bamwe bamye barangwa n’umutima wokwikengera no kugaya ubutunzi bwabo. Nimba yibaza ko ico kindi cizere ari uwundi mukuru w’igihugu, urugendo ruracari rurerure. Abarundi batari bake bari ku kivi. Abashimishwa n’umwimbu wabo, kazoza karabatwengera. Abidoga ntibazokwigera Babura. Kandi ukugorwa n’ikibazo ca buri murundi wese. Kimwe gusa, dukure amaboko mu mpunzu, tuve mu nsaku zidahera, twitabe akamo abadutwara badutera maze dutegura kazoza karusha kuba keza.