Haraheze imyaka myinshi Abarundi baba mu kiyaya ca Rusizi, ku ruhande rwa Kongo (RDC). Haciye imyaka umwami w’Abarundi atwara igice c’ubutaka bihariye, ari nawe n’ubu aharamutswa. Vyagenze gute ngo Abarundi bagire igice ca Kongo bitirirwa ku buryo aribo batunganya n’intwaro […]
Intwaro
Kayanza : bamwe mu barongoye amasengero agiye kwugarwa bavuga ko barenganijwe
Mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyasabwe n’umushikiranganji w’umutekano, intwaro yo hagati mu gihugu n’iterambere rusangi vyerekeye guhana amasengero atubahiriza amategeko, musitanteri wa komine ya Kayanza Gilbert Nyandwi yerekanye, kuri uyu wa kane, amasengero 23 agiye kwugarwa n’ayandi 6 agiye […]
Nyakubahwa, ubivuge ubisubire uwo muti ni ibamba !
“Uwo muti urarura kandi uranyobwa. Umuntu arawumira ugashikayo.” Ayo ni amajambo yakoreshejwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano igihe yariko ashikiriza umuti Reta yatoye kugira ngo amasanganya agabanuke mu mabarabara. Ejo hahise, abarongoye amakomine atatu agize igisagara […]
“Hindura ingendo”: akamo ku baporisi baraba uruja n’uruza mw’ibarabara
Bafatiye ku bintu bikorwa n’abagendesha imodokari, abantu benshi baribaza ibibazo vyinshi ku kazi igiporisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara “PSR” kijejwe. Bakagera n’aho bibaza bati: “Igikorwa cayo coba kigarukira ku gutanga impusha zo kugendesha imiduga, gupima iyo imiduga yagonganye canke […]
Igiturire mu Burundi : aho bigeze twimonogoje
“Birabe nawe, ugire ico uvuze.” Ako kajambo kagezweho. Haba mu bisata vya Reta canke mu bikorera utwabo, ku mabarabara canke mu bigo bitandukanye, ako kajambo canke udusa n’ako ni two “kabanga” (code) ko gusaba igiturire. Twama twatwumvise. Uno mwanditsi ati : “tugeze […]
Amajambo yagumye agaruka mu myiyamamazo yo mu 2020
Haraheze neza na neza umwaka mu Burundi habaye amatora. Umuntu yaja mu kazu k’itora rimwe, mugabo akavayo atoye umukuru w’igihugu, abashingamateka n’abahanuzi ba komine. Hari ku wa 20 Rusama 2020. Ico gihe, nk’uko vyama no mu bindi bihe vy’amatora, haraba […]
Itegeko rigenga ingo n’imiryango : harimwo agahaze !
Itegeko rigenga ingo n’imiryango rirahari. Kandi ririmwo ibintu bitari bike vyofasha gutunganya neza imibano, hubahirijwe agateka k’umwe n’uwundi. Ariko rero iryo tegeko rirafise uduhaze, hamwe twongewemwo ryotomora kandi rikagira akamaro kurusha.
“Bigeme, kubatera inda ni kimwe, kubatwara ni ikindi”: intahe
Hari abigeme bitega abahungu ngo babatere inda bibaza ko bayitwaye canke bamaze kwibaruka abahungu bazoca babatwara, bakagira ubugeni canke bakandikwa mw’ikomine. Yamara si uko vyama bigenda. Iyi ntahe ya Anita* iratwereka ko bishobora kugenda ukundi, nka ko, n’amategeko arabitomora.
Kwahukana: bisinzikaza umukenyezi kurusha umugabo
Bitananiranye ku rugero rurenze ubushobozi bwo kwumvikana, ntivyari bibereye ko abantu basaba kwahukana. Ico ni ikintu kibi cane ku muryango n’abawubayemwo bose. Ku mukenyezi hoho ni ibindi. Tubirabire hamwe.