Inyubakwa yagenewe kwakira ingenzi y’umushingamateka Yohani Minani, iri mu ntara ya Kirundo, iheruka gusamburwa no kwibwa urukombamazi. Afatiye ku masanamu y’ukuntu iyo nyubakwa isigaye imeze ubu, Niyonkuru Oscar arerekana amakenga kuri mwene ubwo bugizi bwa nabi, agatera ivyatsi ababifisemwo uruhara.
Intwaro
« Umugabo si urucumu » : kuki amakungu arinda kudufatira ibihano ?
Naho nyene ba sokuru bagendera ibanga ry’umwumvikano nugutatura amatati bidaciye mu nguvu, « biboneka ko Abarundi ba kino gihe dusa nk’aho twatakaje ako karanga keza ». Thierry Nijimbere akabona ko bitaboneka neza kuba turindira ko amakungu adufatira ibihano kugira dushobore kwicara hamwe […]
Intahe y’ukwikukira s’ukwirukana abazungu gusa
Buri genekerezo rya mbere mukakaro, Uburundi burahimbaza intahe y’ukwikurako intwaro za ba kavamahanga. Hari bamwe rero bashobora kubona umengo ukwikukira bigarukira mu kuyoborwa n’Abarundi bene wacu. Ngabo Spageon we abibona ukundi.
« Caratuvunye ntituzokirekura » : twoba turiko turasezera demokarasi?
Afatiye kuri kahise kabi Uburundi bwaciyemwo, akihweza icuka ca politike tubayemwo, Ndikumwenayo Rénovat abona ko, muri kazoza ingendo ya demokarasi itazoba ikivugwa, kuko ivyivugo vy’abanyepolitike ata kazoza keza vyerekana.
« Inama y’imvukira » canke amacakubiri afatiye ku ntara ?
Amategeko n’amateka agenga igihugu c’Uburundi ararekurira abavyifuza, abasangiye inyungu canke ivyiyumviro kugira amakoraniro. Ariko kuba hari abashobora gukorana nk’imvukira z’akarere kanaka ngo bige ibibazo vyo muri ako karere, maze bagakumira abandi Barundi bari n’ico baterera mu buzima bwa ho, Ndereyimana […]
Ubukene bw’ibitoro mu Burundi: ni kuki abategetsi badashaka kuvugisha ukuri?
Abarundi baramaze ukwezi kurenga mu ngorane z’ubukene bw’ibitoro. Iruhande y’ingingo zitandukanye zigenda zirafatwa mu ntumbero yo gufasha abanyagihugu gusangira bike bihari, abategetsi batandukanye baratanga insiguro z’ubwo bukene. Ndayishimiye Déo akakira izo nsiguro nk’ibinyoma bikoreshwa mu mayeri y’abanyepolitike yo guhuma amaso […]
Utwara neza ugaheza neza, watwara nabi bikakugarukako
Naho nyene intwaro za cami zavuyeho, birashika ko usanga uko intwaro ziswe iza demokarasi zigenda zibisikanya, harimwo izigomba kugarukana inyifato rwami. Rukundo Landry ati « abategetsi bacu bokwirinda gutwara nabi ku bwa kazoza keza kabo ».
Kwinjira mu mugambwe Cndd-Fdd kugira urokore igufa
Bitewe n’uko umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi utorohereza iyo bitavuga rumwe ku rubuga rwa politike, abanywanyi b’iyo migambwe bahitamwo guhunga igihugu. Hari rero abatoye ubundi buhinga bwo « guhungira muri Cndd-Fdd » nyene. Ndayirerere Francis aratubwira uko abo babisigura, […]
Abadasangiye ivyiyumviro vya politike ngo biragoye ko bubakana
Haraciye imisi mike, Abarundi barahimbaje umusi mukuru w’abakundana, naho uwo musi wabasanze mu bihe vya politike bigoye. Wa wundi ngo « amagorwa ntasiga ayandi », amatati ya politike ari mu gihugu ntabuze kwononera abakundanye. Landry Rukundo we yibaza nimba « […]