Intara ya Gitega iherutse kuba umugwa mukuru wa politike w’igihugu c’Uburundi. Hari ibintu bitari bike vyaranze iyo ntara Abarundi benshi batari bazi. Ng’ibi bimwe bimwe muri vyo.
Intwaro
Kahise : mbe Abazungu ba mbere mu Burundi, baje bate ?
Mu gice ca kabiri c’ikinjana ca 19, Uburundi bwashwawe n’abanyamahanga baturutse i Buraya: ba mukerarugendo hamwe n’abashakashatsi. Umuhinga muri kahise, Emile Mworoha, aratubwira uko umuzo wabo wagenze, n’uko Abarundi babakiriye.
« Kwa Ndadaye » : ivyo mutari muzi kuri iyo nyubakwa
Iyo nyubakwa ifise kahise kadasanzwe, mugabo imaze imyaka irenga mirongo ibiri ari umusaka, hagati na hagati mu gisagara ca Bujumbura. Iyo ni yo yabayemwo umutware mukuru wa Rwanda-Urundi, mu nyuma iba ikirimba c’umwami, ikirimba c’umukuru w’igihugu, ingoro y’igihugu yakira abashitsi […]
Amazina mashasha y’ibibanza rusangi: ntitwibagire n’izindi ndanga
Guhimbaza umusi mukuru w’ukwikukira kw’Uburundi ku ncuro ya 57 bizanye bishasha. Muri ivyo, harimwo uguhindura amazina y’amabarabara n’ibibanza bimwe bimwe hamwe n’inyubakwa rusangi. Ndetse ko ico gikorwa gikwiye kwisunga ingendo yo kunywanisha Abarundi, twibuke n’izindi ntore zagize ico zimarira igihugu.
Burundi Vs Gabon: « Ese coba icigwa no ku banyepolitike! »
Urukino rwahuje Uburundi na Gabon rwaratwibukije ko Abarundi turi bamwe. Abari hanze y’igihugu, mu gihugu hagati canke mu gisagara ca Bujumbura, bose imvugo yari: “Burundi bwacu”. Nibitubere icigwa !
« Burundi bwacu » : ururirimbo ruriko ruribagiranwa
Mu rukino ruheruka guhuza Uburundi n’igihugu ca Gabon, vyaragaragaye ko Abarundi batari bake batazi kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu cacu. Aho bipfira ni he ? Hokorwa iki, amazi atararenga inkombe ?
Kuki bamwe mu rwaruka bazotora Ego abandi Oya?
Kuri uyu wa 17 Rusama, Abarundi bahamagariwe kuja kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro rishasha. Benshi mu bazotora ni urwaruka. Egide Nikiza yaraganiriye na bamwe, aratubwira ico bamwe n’abandi bazokwisunga mu gutora “Ego” canke “Oya”.
“Ikirundi gusa mu manama?” Iyo nzira yoduhomvya cane
Naho hari abashigikiye iciyumviro c’uko “ururimi rw’ikirundi rwokoreshwa mu manama y’amashirahamwe mpuzamakungu abera hagati mu gihugu c’Uburundi”, Egide Nikiza we avyamirira kure. Aratanga insiguro.
Ugukoresha ikirundi mu manama : ingingo nyayo !
« Amanama y’amashirahamwe mpuzamakungu akorewe mu gihugu hagati yoja arakorwa mu kirundi ». Ni akamo k’umushikiranganji ajejwe ivy’intwaro yo hagati mu gihugu. Rivardo Niyonizigiye ati : « bene kubisaba nibabe akarorero ! »