Buri genekerezo rya mbere mukakaro, Uburundi burahimbaza intahe y’ukwikurako intwaro za ba kavamahanga. Hari bamwe rero bashobora kubona umengo ukwikukira bigarukira mu kuyoborwa n’Abarundi bene wacu. Ngabo Spageon we abibona ukundi.
Imyaka mirongo itanu n’itanu irarangiye Abarundi bagiye hamwe mu gusezerera intwaro z’abazungu, zarangwa n’ikimoko, ugucura bufuni na buhoro, “zana amagi zana amasoro”, n’ibindi…
Ariko, mu ntwaro zakurikiye iz’abazungu, naho nyene bene gutwara batashikiriza kavaburaya, turasanga bahakwa kwitwara nka bo muri bimwe bimwe. Ari na ho ngera nkagira nti: ukwikukira ntivyogarukira mu kwirukana abazungu gusa.
“Ubunyonyezi, amacakubiri”, bimwe mu vyaranze intwaro za gikoloni
Igihe c’abakoloni uwaba yiswe umutware wo mu karere kanaka, canke ndetse zina muzungu wese, yaba afise uburenganzira bwo kwegeranya amatungo y’igihugu canke ya senaka, akitwarira ata camira. Uwagira ngo aradugije umutwe, yakubitwa ikimoko, bibaye ngombwa akicwa.
Mu ntwaro zagiye zirakurakuranwa mu Burundi kuva twikukiye rero, hama havugwa ibiturire, ukunyonora amatungo y’igihugu be n’uguhohotera agateka ka muntu, ukaza wumva ngo “impene irisha aho iziritse”. Ubwo si ubundi buryo bwo kugarukana ivyakorwa n’abazungu none ?
Ku rundi ruhande, biramaze kumenyekana ko abazungu ari bo bazanye ivy’amacakubiri afatiye ku moko mu gihugu. Ayo yaratumye abasangiye igihugu bacanamwo, mbere na n’ubu bikaba bitaribagirwa, naho nyene bitagikaze nko mu myaka iheze.
Ariko, iruhande y’amacakubiri afatiye ku moko, hari ubundi bwoko bw’amacakubiri bugenda buvuka: aho twovuga nk’ayafatiye ku migambwe, nk’uko womengo abadasangiye umugambwe ntibokwiyumva ko ari bamwe kuko imbere ya vyose baba basangiye igihugu.
Intahe y’ukwikukira dukwiye kuyigendera
Ukuba dushobora kwitunganiriza amatora, mbere tukayoborwa n’abo dusangiye igihugu, ivyo ntibikwiye. Kanatsinda, sinibaza ko ari co nyamukuru catumye ba sokuru bava hasi ngo birukane intwaro za kavamahanga. Ahanini, nnemeza ko ba sokuru bahagurukijwe n’ingene babona igihugu ata kazoza gifise, bigatako n’abakivuka ntibabe bagifisemwo uburenganzira bwisanzuye.
Ludoviko Rwagasore, incungu y’ukwikukira ati: “imihimbiri, ibisuma n’abambuzi, nibamenye ko nibafatwa bazohanwa nya guhanwa”. Aha nca nibaza igituma ukunyonyeza amatungo y’igihugu bikivugwa, mu gihe tuzi ko twaronse intahe y’ukwikukira.
Ndadaye Melchior, incungu ya demokarasi nawe ati: “gupfungira umuntu ubusa, ugutabagaza ubuzima bwiwe, kumurenganya ngo ni uko atifise,… tugiye kubisezerera”. Aho yari ahejeje gushikana Uburundi ku ntambwe ya demokarasi, kimwe mu biranga ingendo y’igihugu cikukiye.
Ku bwanje, iruhande y’ukunezererwa intahe y’ukwikukira Uburundi bwacu bwaronse, buri wa mbere mukakaro, kari gakwiye no kuba akanya keza ko kwisuzuma, tukaraba koko nimba ingendo ituranga ata ho ihuriye n’iya za ntwaro za ba kavamahanga.