Umuganwa Rudoviko Rwagasore yakoreye ivyiza vyinshi Uburundi, ku buryo bitazokwigera vyibagirwa. Yaharaniye intahe y’ukwikukira atako arayizira, ivyo Abarundi batigeze bahengeshanya kuyaga. Turabire hamwe “amateka” yiwe Abarundi batazokwibagira, yaririmbwe na bamwe mu baririmvyi batandukanye.
Intwaro
Nkurunziza vs Ndayishimiye : ko umengo intango y’intwaro yama ari imwe ?
Turi kuwa 20 Myandagaro, 2020. Iyo uwahoze ari umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza atitaba Imana, ibirori vyo gushikiriza icese uburongozi bw’igihugu Varisito Ndayishimiye, vyobaye kuri uwu musi nyene. Ntivyakunze. Ariko, mu ntango z’intwaro zabo, biboneka ko amajambo bompi bashikiriza afitaniye isano […]
Igiturire mu mabarabara: twoba tugiye kwiruhutsa ?
Kuva yimikwa, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yaremereye Abarundi ko kimwe mu vyo agiye gushira imbere, harimwo kurwanya igiturire uko kimeze kwose. Mu misi yakurikiye, ahatandukanye mu gihugu, twaragiye twumva abafashwe bariye igiturire, muri bo hakaba hagwiriyemwo abajejwe umutekano, abahora bidogerwa cane […]
Akabaruwa ku mutambukanyi w’umukuru w’igihugu
Ku wa 7 Myandagaro 2020, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu arategekanya ikoraniro ry’ukuyaga n’urwaruka rwo mu gisagara ca Bujumbura ruri mu buruhuko. Uwu mwanditsi wa Yaga abona ko ikiyayuramutwe Boost ari ikibazo nkoramutima coshirwa ku rutonde rw’ivyo iryo koraniro rizoganirako. Ari ko […]
Ibintu 8 tugiye kurabirako amezi 3 yambere y’intwaro ya Ndayishimiye
Ba sokuru bati : “ubuja gusha buratagata”. Ahenshi mu bihugu bitandukanye, iyo haje umutegetsi mushasha, hama haba impinduka zigaragara, maze ivyo bikabonekera mu ngingo zifatwa n’ishirwa mu ngiro ryazo. Kukaba nkako, aba azanye amaraso mashasha. Umwanditsi Deo Ndayishimiye yatororokanije ibintu bikurubikuru […]
Imisi 10 ata mukuru w’igihugu : ibintu 3 nasigaranye
Uburundi bwaraye buronse uwundi mukuru w’igihugu, inyuma y’ikiringo cababa imisi 10 uwahahora ashengeye. Hagati y’abifumbereje ku bw’umubabaro w’ikigandaro n’abakoze ubudahumeka kugira basubirize nyakwigendera, hari abamaze hafi amajoro 10 n’imirango 10 bari muri : « mbega biragenda gute ? » Muri abo, umwanditsi Déo Ndayishimiye […]
Kumenyesha amakuru : ubwingenge bwo mu nyandiko gusa ?
Igenekerezo rya 3 Rusama, isi yose yarahimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bw’umwuga wo kumenyesha amakuru. Reka turabire hamwe zimwe mu ntambamyi zidakunze kuja ahabona.
“Umushikiranganji wa mbere” : vyinshi kuri iyo ntebe igiye kugarukanwa mu Burundi
Inyuma y’amatora y’2020, aho kugira umukuru w’igihugu afise ivyegera bibiri nk’uko twari tubimenyereye, amabanga yo kurongora igihugu azoba yega abantu babiri bakomeye : umukuru w’igihugu hamwe n’umushikiranganji wa mbere. Reka turabire hamwe ivy’iyo ntebe yari yarigeze kuba mu ntwaro y’igihugu cacu, […]
Itorwa ry’uwuzoserukira Cndd-Fdd : hari zimwe mu nyifato ziteye amakenga
Umugambwe Cndd-Fdd waraye utoye uwuzowuserukira mu guhiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu mu matora Abarundi bimirije. Iyo nkuru imaze kumenyekana, hari inyifato n’imvugo zakurikiye. Umwanditsi Déo Ndayishimiye akazifatirako mu kuvuga ati : « Abarundi dukwiye guhinduka ».