article comment count is: 0

Nkurunziza vs Ndayishimiye : ko umengo intango y’intwaro yama ari imwe ?

Turi kuwa 20 Myandagaro, 2020. Iyo uwahoze ari umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza atitaba Imana, ibirori vyo gushikiriza icese uburongozi bw’igihugu Varisito Ndayishimiye, vyobaye kuri uwu musi nyene. Ntivyakunze. Ariko, mu ntango z’intwaro zabo, biboneka ko amajambo bompi bashikiriza afitaniye isano cane. Tuyagarukeko.

Umusi abagize Reta barahira mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, izina ni ho ryatangura kuvugwa cane. Nshimikire kuri “Reta nkozi”. Nk’uko abarongozi babisigura, ni intwaro iri ku kivi ku bw’ineza y’abenegihugu. Ni Reta kandi ifise  

Ico ciyumviro co kwiha intego yo kuja ku kivi turagisanga kandi mw’ijambo Petero Nkurunziza yashikirije igihe asubirira Domisiyo Ndayizeye mu 2005. Imbere y’Abarundi n’amakungu, nyakwigendera yatangarije Abarundi ko “igihe co kwicara no kuryamira kirangiye”.  

Muri ayo majambo yose, ingendo yo gukura amaboko mu mpuzu, gukora no guteza imbere igihugu yagumye agaruka. 

“Turi hamwe twese, birashoboka”: ca civugo nyene

Umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye arashimikira kandi ku bumwe bw’Abarundi, aho avuga ko Abarundi bari hamwe bose bazorangura ibintu bikomeye mw’iterambere. Kukaba nkakwo, “birashokoka” ni co civugo ciwe mu kwiyamamaza.  

Nyakwigendera Petero Nkurunziza na we, mw’ijambo ry’umukwanguro, yavuze ibitari kure y’ivyo. Yari yasavye Abarundi ko atawokwega amaguru canke ngo yigire sindabibazwa mu bikorwa vy’iterambere. Yagize ati: “Ntihagire umuntu yigira sindabibazwa, canke yikumire mu bikorwa vyo guteza imbere igihugu cacu”. 

Muri iryo ryungane uwahoze ari umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yashikirije, wihweje neza usanga, inyuma y’imyaka cumi n’itanu,  twokuramwo ca civugo c’umukuru w’igihugu Ndayishimiye ati : « Turi kumwe twese, birashoboka ».   

Gutuza ingeso mbi y’ibiturire

Mu majambo bamwe mu bagize “Reta mvyeyi, Reta Nkozi” bashikiriza, harimwo ko intwaro nshasha yipfuza mu Barundi. Aha twoshimikira canecane kw’ijambo ryashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe umutekano n’intwaro yo hagati mu gihugu, mu mubonano yagiranye n’abakozi bakurubakuru bo mu bushikiranganji ajejwe. 

Ku bijanye n’ibiturire, Nyakwigendera Petero Nkurunziza, umusi ashikira amabanga yo kuramutswa igihugu mu mwaka w’ 2005, nawe yavuze ko igihugu casasiye indava ibiturire. Ni ko guca yiyemeza kurwanya abonona ubutunzi bw’igihugu mu gushikiriza ati : “ntituzobihanganira.” Mbere yahavuye anashiraho umugambi witwa “Tolérance zero”  wari ugamije kurwanya ingeso yo kurya ibiturire; hari muri Myandagaro 2010 . 

Umubano n’ibihugu bibanyi  

Reta mvyeyi, Reta nkozi” ibicishije ku mushikiranganji w’imigenderanire, yashikirije ko yipfuza ko imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, n’ibihugu bibanyi bidasigaye inyuma, isubira uko yari imbere y’ingorane igihugu carimwo kuva mu mwaka w’2015. 

Petero Nkurunziza nawe, ku vyerekeye imigenderanire n’ayandi makungu yaciye umugani ati : “Bugabo bwa jenyene yambuwe ni imburu”; aho yariko yerekana ko umubano mwiza ari ngirakamaro hagati y’Uburundi n’ibihugu duhana imbibe. Ni ko guca atangariza Abarundi n’amakungu ati: “Natwe ntitugomba kuba ba Bugabo bwa jenyene”.

Ayo majambo abiri afise vyinshi ahurirako. Gutyo, ivyo abo barongoye twitega kuri izo ndongozi bikaba nka bimwe. Ariko nyene, kumbure hari ivyo Reta yahahora itashoboye gushira mu ngiro mu vyo yemeye. Maze nkipfuza ko indongozi nshasha zitogira aho zinanirwa, ahubwo zigashitsa ivyo zemeye vyose, ku neza ya bose. Na kare ngo: “umugabo yihindukiza mu kirago, ntiyihindukiza mw’ijambo.” 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion