Igenekerezo rya 3 Rusama, isi yose yarahimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bw’umwuga wo kumenyesha amakuru. Reka turabire hamwe zimwe mu ntambamyi zidakunze kuja ahabona.
Intwaro
“Umushikiranganji wa mbere” : vyinshi kuri iyo ntebe igiye kugarukanwa mu Burundi
Inyuma y’amatora y’2020, aho kugira umukuru w’igihugu afise ivyegera bibiri nk’uko twari tubimenyereye, amabanga yo kurongora igihugu azoba yega abantu babiri bakomeye : umukuru w’igihugu hamwe n’umushikiranganji wa mbere. Reka turabire hamwe ivy’iyo ntebe yari yarigeze kuba mu ntwaro y’igihugu cacu, […]
Itorwa ry’uwuzoserukira Cndd-Fdd : hari zimwe mu nyifato ziteye amakenga
Umugambwe Cndd-Fdd waraye utoye uwuzowuserukira mu guhiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu mu matora Abarundi bimirije. Iyo nkuru imaze kumenyekana, hari inyifato n’imvugo zakurikiye. Umwanditsi Déo Ndayishimiye akazifatirako mu kuvuga ati : « Abarundi dukwiye guhinduka ».
Ibintu cumi mutari muzi ku ntara ya Gitega
Intara ya Gitega iherutse kuba umugwa mukuru wa politike w’igihugu c’Uburundi. Hari ibintu bitari bike vyaranze iyo ntara Abarundi benshi batari bazi. Ng’ibi bimwe bimwe muri vyo.
Kahise : mbe Abazungu ba mbere mu Burundi, baje bate ?
Mu gice ca kabiri c’ikinjana ca 19, Uburundi bwashwawe n’abanyamahanga baturutse i Buraya: ba mukerarugendo hamwe n’abashakashatsi. Umuhinga muri kahise, Emile Mworoha, aratubwira uko umuzo wabo wagenze, n’uko Abarundi babakiriye.
« Kwa Ndadaye » : ivyo mutari muzi kuri iyo nyubakwa
Iyo nyubakwa ifise kahise kadasanzwe, mugabo imaze imyaka irenga mirongo ibiri ari umusaka, hagati na hagati mu gisagara ca Bujumbura. Iyo ni yo yabayemwo umutware mukuru wa Rwanda-Urundi, mu nyuma iba ikirimba c’umwami, ikirimba c’umukuru w’igihugu, ingoro y’igihugu yakira abashitsi […]
Amazina mashasha y’ibibanza rusangi: ntitwibagire n’izindi ndanga
Guhimbaza umusi mukuru w’ukwikukira kw’Uburundi ku ncuro ya 57 bizanye bishasha. Muri ivyo, harimwo uguhindura amazina y’amabarabara n’ibibanza bimwe bimwe hamwe n’inyubakwa rusangi. Ndetse ko ico gikorwa gikwiye kwisunga ingendo yo kunywanisha Abarundi, twibuke n’izindi ntore zagize ico zimarira igihugu.
Burundi Vs Gabon: « Ese coba icigwa no ku banyepolitike! »
Urukino rwahuje Uburundi na Gabon rwaratwibukije ko Abarundi turi bamwe. Abari hanze y’igihugu, mu gihugu hagati canke mu gisagara ca Bujumbura, bose imvugo yari: “Burundi bwacu”. Nibitubere icigwa !
« Burundi bwacu » : ururirimbo ruriko ruribagiranwa
Mu rukino ruheruka guhuza Uburundi n’igihugu ca Gabon, vyaragaragaye ko Abarundi batari bake batazi kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu cacu. Aho bipfira ni he ? Hokorwa iki, amazi atararenga inkombe ?