article comment count is: 0

Akabaruwa ku mutambukanyi w’umukuru w’igihugu

Ku wa 7 Myandagaro 2020, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu arategekanya ikoraniro ry’ukuyaga n’urwaruka rwo mu gisagara ca Bujumbura ruri mu buruhuko. Uwu mwanditsi wa Yaga abona ko ikiyayuramutwe Boost ari ikibazo nkoramutima coshirwa ku rutonde rw’ivyo iryo koraniro rizoganirako. Ari ko kubicisha mu kabaruwa yandikiye uwo munyacubahiro.

Nyakubahwa mutambukanyi w’umukuru w’igihugu, ni nk’ubu nyene, mpejeje kubona ku mbuga ngurukanabumenyi, hakwiragizwa icapa kimenyekanisha ikoraniro muriko murategura ku bw’urwaruka ruri mu buruhuko, muri Komine Ntahangwa, i Bujumbura. 

Ica mbere coco, nta wutokenguruka ico ciyumviro. Mu nyigisho mutegekanya gutanga, ico capa kirerekana ko muzoganiriza ubwo Burundi bw’uyu musi n’ubw’ejo ku bwenge n’ubwitonzi, uburongozi, irondoka rijanye n’amagara meza be n’ukurwanya ikiza Sida. Ni vyiza cane. 

Nkibona umutwe w’amajambo yanditse kuri ico capa, ko ari ikoraniro rizoremeshwa n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, nkongera nkarabukwa ko vyerekeye canecane urwaruka rwo muri komine Ntahangwa y’igisagara ca Bujumbura, hari kimwe mu bibazo bihanze urwo rwaruka nari kunezerwa ndabibonye ku rutonde rw’ibizoganirwako. Ariko nyene, ntaco nasanzeko. 

Ikiyovyabwenge Boost

Nyakubahwa, mu buryo budasanzwe, urwaruka rwo mu gisagara ca Bujumbura, baba abakiri ku mashure, abayarangije n’abatahonyojeyo ikirenge, rurabangamiwe n’ikiyovyabwenge Boost. Mu kumenya vyinshi ku kugene ico kiza Boost kiriko kirasasika inganda, mworabira kuri kano gahora : #boost. Abobara inkuru ido n’ido ni abavyeyi bavyaye, bagaheka barerera kazoza, bigahera baburiye hejuru, bagahekurwa n’ako kaje karamana ngo ni Boost. 

Nyakubahwa, uyu mwanya ndabandikira, nta womenya bangahe muri urwo rwaruka mutegekanya kuganiriza batazokwibagira iryo sango, kubera ko na none bazoba bahonjeje, bagaca barabikwa n’ubwo bumara bwa Boost. Nta vyigwa vy’abahinga birakorwa ngo vyerekane umurindi ico kiza kiriko ciherako inkumbi, nta matohoza y’ababijejwe arakorwa ngo yerekane neza abakizana mu Burundi n’inyungu bagikuramwo zose, eka nta n’ingingo z’ababijejwe zirafatwa ngo hagire icohinduka. Uko ndabibona, si benshi bavyitayeho. 

Uwuja gukira…

Nyakubahwa mutambukanyi w’umukuru w’igihugu, ba sokuru barayamaze bati : “uwuja gukira indwara arayirata” ; urwaruka rw’Uburundi, na canecane mu bisagara, rugeze habi cane kubera ico kiyovyabwenge. Bazotabarwa na nde ? 

Barongera bati: “ikiyago ni ikindi” ; ese mwogirako muganira no kuri ako karanda ka Boost ! Nkumbure, vyogira ico bimara. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion