Uburundi bwaraye buronse uwundi mukuru w’igihugu, inyuma y’ikiringo cababa imisi 10 uwahahora ashengeye. Hagati y’abifumbereje ku bw’umubabaro w’ikigandaro n’abakoze ubudahumeka kugira basubirize nyakwigendera, hari abamaze hafi amajoro 10 n’imirango 10 bari muri : « mbega biragenda gute ? » Muri abo, umwanditsi Déo Ndayishimiye ari mwo, aratuyagira uko yabaye muri ivyo bihe.
Si iryambere Uburundi bubuze umukuru w’igihugu. No mu 1993 vyarabaye ; igihe nyakwigendera Ndadaye Melchior yagandagurwa. Nari maze imyaka 3 mvutse. Abandika baravuga ko haciye imisi 6 umusubirizi ataraboneka. Maze Umukenyezi Siliviya Mariya Kinigi aba ari we asa n’uwutwara vy’imfatakibanza kuva ku wa 26 Gitugutu 1993. Uwu mwaka, Uburundi bwamaze neza na neza amasaha yababa 2 400 tutazi uwuri ku butegetsi.
Iyo misi yambereye miremire. Buri saha, buri munota, ndi mw’ibarabara canke nicaye hamwe, sinahengeshanije kwibaza. Nkihweza na ntaryo, hirya no hino aho ngeza amaso, ubuzima igihugu kirimwo. Nahigiye vyinshi. Muri vyose, hari ibintu 3 nyamukuru nasigaranye.
1. Ni igihugu cifashe
Haciye imisi yababa itatu nganiriye n’umugenzi ivy’ubuzima igihugu kirimwo, nza numva arihanukiriye ati : « Abarundi twarakuze ni ukuri. Tukamara imisi 3 ata mukuru w’igihugu ahari, hakabura ‘‘n’agakapiteni’’ kagisimbirako muri ba basoda bose dufise ? » Nanje nsanga namwishuye nti : ibaze nawe ! Tuza kurangiza tuvuga nka ba bandi ngo : « kirimwo abagabo. »
Kukaba nkakwo, « ukubise umwungere, intama zirasanzara » ; aho mu njahe no mu mvahe nyene, amabingira n’idubu bishobora kwiyadukiza, bigasimbana izicumbagira canke imyagazi. Kuba rero kizigenza yarashengeye, ariko Uburundi bukaguma buhagaze, ni ikimenyetso kidasanzwe ko inzego z’igihugu zihagaze neza mu mabanga yazo. Na kare ngo « ntihatwara umwami, hatwara abagabo. »
2. Umwera uva i bukuru…
Nimba hari abantu nshobora kuba narihweje cane kurusha abandi muri iyi misi, ni abaporisi bakurikirana uruja n’uruza mw’ibarabara. Hari akajambo hagarawe “k’ibiranga ingendeshwa”. Baraguhagarika, wikangata ngo ubibahe ibiranga umuduga, ukaja wumva ngo : « reka ivyo ntavyo nkeneye sha. We ntubona runo ruzuba ko rutwishe ? » Ugaca umenya ko agusavye ka kanoti k’2000. Ubu mbere n’1000 baragitora.
Muri iyi misi, ako kajambo nakumvise gake. Eka noneho, banampagaritse gake cane. Sindashobora kumenya nimba ivyo bitoba vyatumwe n’uko igihugu kiri mu kigandaro, maze umwanya munini ugasanga abantu bari mu mwitwarariko wo kuzirikana urupfu rwa nyakwigendera gusumba ikindi kintu cose.
Ico bikoze, vyampaye icigwa ko ingendo y’ukurya ibiturire atari umuco w’Abarundi ; hamwe indongozi zikomeye nk’umukuru w’igihugu zogaragaza ishaka rikomeye ryo kuyituza, ntibwoca kabiri. Ariko, uko uno atagira ico abivuzeko, ni ko igihugu gisinzikara. Bibwiwe benshi, vyumve benevyo.
3. Ubwiza bw’umugore…
Ngo « ubwiza bw’umugore ububona agiye » ; ntivyari biryoshe kugenda mw’ibarabara mfise mu mutwe ko ata mukuru w’igihugu ahari. Umwanya umwe, wamengo ikirere kireyutse birengeje, umwidegemvyo ni wose ; uwundi mwanya, ukamengo imbere n’inyuma canke irya n’ino, nkikijwe n’ibihengeri (ibinogo bigaragara), nshobora kumva naguyemwo umwanya wose. Ni ukuri, biragoye gusigura uko nari niyumva muri ico gihe cose.
Mu kurangiza, hari abantu ntigeze mpengeshanya kwiyumvirako. Abatebura barakunda kwivugira ngo : « umwana apfuye, umuyaya aca ataha » ; « mbe abahora ari abahanuzi, abavugizi n’abandi basuku ba nyakwigendera, igikorwa cabo gica kiba ikihe mu bihe nk’ivyo ? » Ico kibazo nta nyishu nigeze ndakironkera. Kimwe gusa, sinkekeranya ko bari mu batorohewe kurusha abandi.
wariyumviriye bihagije
ico nicerekana ko tumaze gutera intamw muri democratie aho ibintu bitorerwa umuti ataguterana agakokora! Iyo umuvyeyi ashengeye yarateguye abana biwe ntibasigara barapfa amatungo asize ahubwo barushiriza gukwirikiza amajambo yasize abamenyesheje mugutunganya ivy’umuryango
Kabisa twaramaze kubona démocratien icarico