Kuva yimikwa, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yaremereye Abarundi ko kimwe mu vyo agiye gushira imbere, harimwo kurwanya igiturire uko kimeze kwose. Mu misi yakurikiye, ahatandukanye mu gihugu, twaragiye twumva abafashwe bariye igiturire, muri bo hakaba hagwiriyemwo abajejwe umutekano, abahora bidogerwa cane n’abatwara amapikipiki, amakinga n’izindi modokari. None uno musi mu mabarabara vyifashe gute ? Tubirabire hamwe.
Uriko uratembera mu mabarabara atandukanye, icigaragaza ni uko abapolisi bajejwe gusuzuma ivya ngombwa vy’imiduga n’amapikipiki bagabanutse. Aho ni mu gihe mu misi yahera washobora guhura n’imigwi nk’itatu y’abo bapolisi mw’ibarabara rimwe. Baguhagaritse, waja gukabakaba ivyangombwa ngo ubibahereze, nabo bakitwengera kuko, ku bwabo, ivyo ataco babikoza.
Ntabesha, jewe ivyo bintu vyarambabaza cane, nkamaramara nibutse uko muri bimwe mu bindi bihugu duhana imbibe, urwo rwego rw’umutekano rurangwa n’indero. Ariko iwacu hoho, waba ukwije ivya ngombwa canke utabikwije, kenshi ntiwarengana udasize bibiri. Ugize ivyago hoho ugasanga wabaguyemwo imodoka yawe ifise ico ibuze, warahasahurirwa. Ikibabaje, n’ayo mande vyarashika ntaje mu kigega ca Reta. Vyari biteye agahinda.
Uno musi ho bimeze gute ?
Inyuma y’ishingwa rya “Reta Mvyeyi” ari yo “Reta Nkozi”, ijambo ryo kurwanya igiturire ryaragarutse akatari gake mu bisata bitandukanye. Gerevasi Ndirakobuca, umushikiranganji w’intwaro yo hagati, umutekano n’iterambere ry’amakomine, ari naho hatwarwa ico gisata c’igipolisi kijejwe uruja n’uruza mu mabarabara, mu nama yagirishije abakozi bo muri ubwo bushikiranganji, yaragabishije bikomeye abarya ibiturire. Ijambo ry’uwo munyacubahiro ryarakwiragijwe ku mbuga zitari nke. Twihweje uko bimeze uno musi, turashobora kuvuga ko hariko haraba impinduka, ndetse n’abakora akazi ko kwunguruza abantu n’ibintu baravyemeza.
“Reka reka ibintu bisigaye bigoye. Kare warasanga itara ryazigiye, baguhagarika ugashira iporo (inoti ya 5000 fbu) mu mpapuro umuhaye ngo asuzume, akayatora nawe ukirenganira. None ubu vyarakomeye. Uretse ko abahora badusuzuma bahinduwe hakaza bashasha, ubu shaka utange iya cumi ntayakira, uhava akwandikiye igitansi” ; ivyo bivugwa na Ndayiragije Tarasisi atwara ingendeshwa muri zimwe twita tuku-tuku.
N’umupolisi w’umubanyi twayaze asanzwe akora muri ico gisata, aremeza ko bahawe gasopo ko, uwohirahira agafatwa ariko arya igiturire, azoca asezererwa, bibaye ngombwa akabanza guca mu buroko.
Kugira birame
Kimwe mu vyofasha kugira ico kibazo gitorerwe umuti urama, kandi n’izo ngingo zafashwe zigire ico zishitseko, ni ukwigisha abenegihugu bagatahura ico amatagisi, amakori, ndetse n’arya mahera barihira ibitansi aheza agakora. Ikindi ni uko agashahara k’abapolisi kokwongerezwa, gutyo bigatuma batigera bagira umutima wo kuja gusaba ibiturire kubera agashahara bafise katabakwiye. Ni bo bacungera umutekano wacu, barara bicaye iyo dusinziriye, baranyagirwa iyo turi mu mazu yacu, batanga inguvu zabo ku bw’ineza y’igihugu,… ico naco kiba gikwiye kubaha iteka ridasanzwe bagakora borohewe, batama bateruye umutima bibaza uko bafungurira imiryango. Ibi ni vyo vyoza biherekeza iyo ngingo kandi vyogira akamaro, bigatera iteka igihugu n’urwego rw’umutekano w’igihugu.
Iyi politiqwe yari iya gwassa? rere guha agashahara abapolice ryoba ariteka kugihugu none kumwe akwega yikwegerako twebwe abene gihugu nitwe turiko tuhabonera? Ubuho rero igiturire ubu niho ceze mtacahimdutse