Aha mu Burundi, muri ino minsi, tuguma twumva mu nsamirizi canke tugasoma ku mbuga nibinyamakuru ko igihugu c’Ubushinwa caduhaye imfashanyo kanaka. Ikibazo kihari ni ico kumenya ingene izo mfashanyo Abarundi tuzoziriha, na rirya ata vya gusa tumenyereye ku banyamahanga nk’uko […]
Iterambere
Bujumbura : ubukene bw’amazi ya Regideso burabangamiye abatari bake
Ukwo umwaka utashe, mu mezi amwe amwe, usanga hakunda kwibonekeza ubukene bw’amazi ya Regideso mu turere tutari duke tw’igisagara ca Bujumbura. Abatari bake baribaza igituma ivyo biba kandi bikaguma vyisubiriza.
Igisagara ca Rumonge coba kibuze iki kugira gitere imbere ?
Igisagara ca Rumonge cahoze kiza ubwa gatatu mu bisagara vy’Uburundi, ariko ubu kigeze mu kibanza ca kane. Kigenda gisubira inyuma. Yamara, « nimba hari igisagara cari coroshe guteza imbere, ni Rumonge », Ndayisenga Pascal arerekana ingene vyogenda.
Twotera imbere gute bamwe bubaka abandi bagasambura ?
Hirya no hino mu gihugu, hari inyubakwa rusangi nk’amabarabara usanga ziriko zirubakwa, muga ntiziheze ngo zirame. Nijimbere Thierry akidogera ingendo y’abanyagihugu bamwe bamwe bisamburirako nk’intungwa.
Amakoperative yodukura mu kaga k’ubukene
Kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro, ni ho Uburundi bwahimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe amakoperative. Egide Nikiza yakurikiranye ihimbazwa ry’uwo musi, akaba yahakuye icigwa c’ukugene Abarundi twova mu kaga k’ubukene biciye ku gukorera muma koperative.
Amashure atabandanije, ubuzima ntibuhagarara: « Twiyungunganye »
Imvo zishobora gutuma umunyeshure atabandanya ivyigwa vyiwe ni nyinshi. Iyo bidatewe n’ubukene, bishobora kuva ku kunanirwa. Hari rero urwaruka rutashoboye kubandanya amashure, ariko rugakomeza kuvyifatamwo neza mu kwiteza imbere mu buzima. Hariyongabo Martial araturatira akarorero k’ishirahamwe « Twitezimbere ».
Imbuga ngurukanabumenyi: bamwe bungukira aho abandi bahombera
Uko imisi igenda ni ko Abarundi bijukira gukoresha ubuhinga ngurukanabumenyi. Hari umugabane munini w’abazikoresha ibitagira mvura canke mu ntumbero yo kwisamaza, ariko hakaba n’abandi usanga bazikoresha mu bikorwa vy’ukwiteza imbere. Prosper Niyonkuru aratuyagira vyinshi.
« Kugira umwana i mwaro », imwe mu ngendo zizingamitse Uburundi
Abenshi bavyita ikimenyane canke aka mwana wa mama. Abanje kudusigurira ico ari co ingeso yo “kugira umwana i mwaro”, Iradukunda Laude arerekana ingene iyo ngendo ari inkomoko y’ukurya ibiturire n’izindi ngeso mbi, maze agahamagarira umwe wese kugira ico akoze.
Ukugene abagenda n’amaguru barenganywa n’abiyunguruza n’imodoka
Amaze kubona incuro zibiri aho abagendesha imiduga bashiburira ibiziba ku bagenda n’amaguru maze bikamubabaza, Nduwayo Jean Désiré yahisemwo kwibutsa ico amategeko avuga kuri mwe n’ivyo vyaha, mbere yerekana n’uburyo agateka k’abiyunguruza n’amaguru kokingirwa n’inzego zibijejwe.