Imvo zishobora gutuma umunyeshure atabandanya ivyigwa vyiwe ni nyinshi. Iyo bidatewe n’ubukene, bishobora kuva ku kunanirwa. Hari rero urwaruka rutashoboye kubandanya amashure, ariko rugakomeza kuvyifatamwo neza mu kwiteza imbere mu buzima. Hariyongabo Martial araturatira akarorero k’ishirahamwe « Twitezimbere ».
Bose hamwe ni mirongo itatu, bahurikiye mw’ishirahamwe bise Twitezimbere, maze bakaba basangiye ukuba batashoboye kubandanya amashure yabo. Abo basore bo mu ntara ya Ngozi muri komine ya Gashikanwa, bamaze gushikana amashure yabo mu mwaka w’icumi na gatatu, ntibashoboye gutora ca kibazo ca Leta kibaha uburenganzira bwo kubandanya inyigisho za kaminuza.
Hari benshi rero iyo bananiwe n’ibibazo vya Leta, woca umengo isi irubamye. Ariko, urwo rwaruka ruhurikiye muri Twitezimbere ntirwaciye rucika intege, kuko rwaciye ruja hamwe ruhitamwo gukubita inzu ibipfunsi, maze ruregeranya uburyo bukeya bworufasha gutanguza umugambi wo kubumba amatafari.
Haraciye amezi atandatu batanguye, ariko intambwe bagezeko irashimishije cane : “amafuru” y’amatafari agera kuri atanu, umwimbu w’amatafari arenga ibihumbi mirongo itatu bamaze kugurisha, n’ibindi…
Amafaranga bakura muri ivyo bikorwa vyabo, ni yo abafasha mu bitari bike nko mu kwironsa utwo baba bakeneye, maze bikabakingira kuzera inze, canke mu guterera mw’iterambere ry’imiryango bakomokamwo.
Bakwiye gushikirwa
Mu gihe hari benshi baheza amashure yabo bagaca bishira mu biganza vya Leta ngo barindiriye akazi, abandi nabo bagahurumbira ibikorwa « bikiza bake bigasubiza inyuma benshi » nka kwiruka inyuma y’abanyepolitike, nta wodeha gukeza abo bandi bashiruka umwete bagakura amaboko mu mpuzu.
Uko ndabibona, nimba Leta idashoboye guha akazi urwo rwaruka rwose ruba ruhejeje canke n’urutarangije mashure, yogerageza igashiraho imigambi yo gushigikira ababa bafise ivyiyumviro vy’akanovera mu kwiteza imbere.
Vyongeye, turazi twese ko « tubiri tuvurana ubupfu », kandi ko « imiti ikora ikoranye », urwaruka rurakwiye kwijukira amashirahamwe y’ibikorwa vyo kugwiza umwimbu, mbere Leta n’amashirahamwe yigenga bigashiramwo intererano mu gufata mu mugongo abashoboye kuja hamwe.
Tubigize uko, twese twotera imbere, ubutunzi muri rusangi bukisununura.
Nuko biri….