Ni agaterantimba kubona ingene abasegerereza badasiba kugwira mu bisagara. Ariko kandi, biba akaroruhore iyo ubonye uwo benshi bibaza ko ataco yohereje iminwe, ari we abereye akarorero abandi. Martial Hariyongabo araturatira akarorero ka Jocelyne Itangineza.
Iterambere
Habuze iki kugira ubukene bw’umuyagankuba burangire?
Ico ni ikibazo Nijimbere Thierry abaza ubuyobozi bw’ishirahamwe Regideso hamwe n’ababukurira. Aho ni mu gihe umuyagankuba utakiragama mu gisagara ca Bujumbura, bene kuwukoresha bakahahombera.
Nta mwana n’ikinono, abakobwa botorana nk’abahungu
Iciyumviro c’uko umwigeme yotorana ku rugero rungana n’urwa basazawe ntikibonwa kumwe. Bamwe biyumvira ko bose bakwiye kunganya, abandi bati « nta kuntu na kumwe abahungu n’abakobwa bonganya ». Dushime Divin aradushikiriza uko bamwe n’abandi babibona.
Eric Nshimirimana, umusore yakoze imbabura ya kijambere
Mu gihe urwaruka rwugarijwe n’ikena ry’ubuzi, umusore Eric Nshimirimana we asa n’uwatoye inyishu kw’ico kibazo: yiyumviriye umugambi womubeshaho, ugateza imbere n’igihugu cose. Prosper Niyonkuru aratuyagira ku mugambi wa Eric wo gukora amashiga ya kijambere benshi bita “Imbabura”.
Ugukorera Leta ni ukwitangira abanyagihugu
Mu bisata bimwe bimwe vy’ubuzi bwa Leta, naho ababijejwe bama basemereye, haribonekeza abakozi batarangura neza amabanga baba bajejwe. Aho ni nk’abakozi batonda ku kazi batevye canke n’iyo batonze bakagakora nabi nabi. Renovat Ndikumwenayo ni we atuyagira ko ugukorera Leta ari […]
Ubukene n’indwara ikira
Mu gihe abantu benshi bugarijwe n’ubukene hirya no hino mu gihugu, mu ntara ya Gitega, hari umuti abanyagihugu bamwe bamwe bagerageje kubutorera. Uwo muti ushimikiye ku gushinga udushirahamwe duto duto maze abanywanyi bakaza baraziganya bongera baguranana hagati yabo. Gutyo rero, […]
Ingorane z’umushahara uje imbere y’igihe
Akenshi, iyo himirije iminsi mikuru irangiza umwaka, Leta n’abikorera utwabo bamwe bamwe barahemba abakozi imbere y’igihe. Birashika rero umushahara w’ukwezi kwa 12 ugasanga ushitse nko mu matariki ya 15 na 20. Ariko rero, naho abo bakozi bawakirana akanyamuneza ntangere, uvyihweje […]
Vyoba ari vyiza kubika amafaranga i muhira?
Muri kino gihe, mu Burundi, amabanki yaragwiriye co kimwe n’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana. Ariko rero bamwe n’abandi ntibabona kumwe akamaro ko kubitsa amafaranga yabo. Niho bamwe bahava bakibwira ko ari vyiza kubika amafaranga i muhira nk’uko Désiré Sezikeye abituyagira.
Amakori y’umurengera, umutwaro ku banyagihugu
Mu ndinganizo y’ubuzima bw’ibihugu harimwo ugutoza amakori aja mu kigega ca Leta kugira agire ico afasha mu butunzi. Ayo makori rero atozwa ku bintu vyose bishobora kuba vyinjiriza amafaranya n’inyungu ku babikora harimwo n’imiduga n’ibindi. Ariko rero, iyo ayo makori […]