Kw’igenekerezo rya 22 Kigarama 2019, benshi mu banyagihugu baba mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura bikanguriye kuganya. Imvura y’isegenya yaraye iragwa yahitanye abantu n’ibintu, imiryango irahekuka. Harakwiye kugira igikozwe Uburundi ntibwame mu marira.
Iterambere
« Ukunanirwa ni intambwe idushikana ku ndoto zacu»
Umwaka ugiye kurangira. Benshi muri twebwe twawutanguranye imigambi myinshi. Bamwe vyagenze neza, abandi barananiwe. Igikunda gushika ni uko bene kunanirwa baca bihebura. Si uko vyategerezwa kugenda. Ng’uku uko twategerezwa kubona « uruhombo » mu vyo dukora.
Burundi : akaranga n’ubuhazampano vyoteza imbere igihugu
Akaranga n’ubuhazampano* ni ibintu bituma ibihugu bitari bike bimenyekana kw’isi. No mu Burundi, ico gisata cari gikwiye gufatwa nk’umutima w’iterambere nk’uko Ezechiel Ndayizeye abisigura.
#Ubukerarugendo: ng’iki icokorwa ngo ico gisata gitere imbere mu Burundi
Igenekerezo rya 27 nyakanga, uko umwaka utashe, isi yose irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe ubukerarugendo. Uwo musi ushitse ico gisata kikiri inyuma cane, mu Burundi, kandi cugarijwe n’ingorane zitandukanye. Ng’izi zimwe mu nyishu zotuma ico gisata cogorora.
« Gusaba irembo », « gutwikurura », … imanza dukwiye guheba mu Burundi
Ntivyoroshe. Mu gihe Abarundi bamwe batora kwihebera Imana kugira bahunge ubukene, twari dukwiye kurimbura imigirwa itabereye ibihe turimwo, tukayisezerera…
Muragabe ! Za Wasapu n’umwana w’uwundi !
« Kwigera mu barembe utari umurembe… » ; umugani wa ca gisokozo. Matayo, umutama w’imyaka irenga 60, akarungikira amasanamu y’ubushegabo Padiri ! Ng’uku uko vyagenze.
Burundi-EAC: ntiharagera ko turirimba ngo «caratuvunye»
Kuva ku wa 18 ruheshi 2007, igihugu c’Uburundi carinjiye ku mugaragaro mu muryango ugize ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko. Ntiharagera ko dushira agati mu ryinyo, nk’uko womengo nta kibuze, hari intambwe ivyo bihugu bigezeko tutokwizera gushikako mu gihe ibintu vyobandanya uko […]
Ibintu bine vyogukingira uruhombo mu mugambi wawe w’iterambere
Mu ntumbero yo gutorera umuti ikibazo c’ubukene bw’akazi gisigaye ari ndanse mu gihugu, usanga abatari bake bagerageza kwikorera imigambi mitomito yo kwikenura. Benshi rero bakaja mu rudandazwa rutoruto, abandi mu myuga. Ng’ibi ibintu bine bategerezwa kwisunga mu gushinga no kurangura […]
« Umutwa umuhaye amabati, aca ayagurisha ngo nta wokwifuka inrya » : hari kera
Mu Burundi, iyo tuvuze imiryango y’Abatwa, abenshi baca bayibona nk’imiryango itoshobora kwigurira amatongo, ititayeho ivy’amajambere, n’ibindi vyinshi babavugako. Ariko hari bamwe mw’iyo miryango baheruka kwerekana ubudasa.