Uruhongore kama rwo mu kiyaya ca Rusizi ni kimwe mu bibanza bikingiwe mu gihugu cacu. Ariko ikibabaje, rurabangamiwe n’ibikorwa bitandukanye vy’abantu bahegereye baguma bakivogera ku musi ku musi bikorera ibikorwa bibaza ko bibagirira akamaro, ariko batazi ko bariko baca ishami […]
Iterambere
Audace Bukuru : umuyobozi asize izina ryiza
Ntimuhave mwibaza ko ari bimwe vy’Abarundi bakunze gutera amashurwe uwashengeye i bukama. Uwo yarongoye ishirahamwe SOSUMO akaba yari arongoye ibanki BNDE yari intwari, umurongozi mwiza kandi w’akarorero. Sindamuziko vyinshi cane, ariko ivyo nagize amahirwe yo kumubonako vyaranshitse ku mutima.
Burundi: tuzoronka iyarara ry’imiduga ishaje ryari ?
Mu gihugu cacu, hari ibibanza vyagenewe kwakira imyanda yakoreshejwe ahantandukanye mu mihana yacu, ndetse n’amashirahamwe abikora arahari. Ariko, hari imiduga ishaje, kugeza uyu musi ata na hamwe ku butaka bw’Uburundi hagenewe kuja ibisigarira vyayo. Maze, bigaragara ko ata wuvyitayeho; nk’uko […]
Isuku mu bisagara: kumbe twisigira ubukwe gusa ?
Isuku mu bisagara bigize igihugu cacu ntirishemeye cane. Ariko, umusi mukuru twaraye duhimbaje, uwa mbere Mukakaro, waraye werekanye ubudasa. Iyo ngendo yo kwisigira urubanza gusa si imberagabo.
Isegenya yaraye itikije inganda: “igiti kigume kidukora mu jisho?”
Kw’igenekerezo rya 22 Kigarama 2019, benshi mu banyagihugu baba mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura bikanguriye kuganya. Imvura y’isegenya yaraye iragwa yahitanye abantu n’ibintu, imiryango irahekuka. Harakwiye kugira igikozwe Uburundi ntibwame mu marira.
« Ukunanirwa ni intambwe idushikana ku ndoto zacu»
Umwaka ugiye kurangira. Benshi muri twebwe twawutanguranye imigambi myinshi. Bamwe vyagenze neza, abandi barananiwe. Igikunda gushika ni uko bene kunanirwa baca bihebura. Si uko vyategerezwa kugenda. Ng’uku uko twategerezwa kubona « uruhombo » mu vyo dukora.
Burundi : akaranga n’ubuhazampano vyoteza imbere igihugu
Akaranga n’ubuhazampano* ni ibintu bituma ibihugu bitari bike bimenyekana kw’isi. No mu Burundi, ico gisata cari gikwiye gufatwa nk’umutima w’iterambere nk’uko Ezechiel Ndayizeye abisigura.
#Ubukerarugendo: ng’iki icokorwa ngo ico gisata gitere imbere mu Burundi
Igenekerezo rya 27 nyakanga, uko umwaka utashe, isi yose irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe ubukerarugendo. Uwo musi ushitse ico gisata kikiri inyuma cane, mu Burundi, kandi cugarijwe n’ingorane zitandukanye. Ng’izi zimwe mu nyishu zotuma ico gisata cogorora.
« Gusaba irembo », « gutwikurura », … imanza dukwiye guheba mu Burundi
Ntivyoroshe. Mu gihe Abarundi bamwe batora kwihebera Imana kugira bahunge ubukene, twari dukwiye kurimbura imigirwa itabereye ibihe turimwo, tukayisezerera…