article comment count is: 6

« Kugira umwana i mwaro », imwe mu ngendo zizingamitse Uburundi

Abenshi bavyita ikimenyane canke aka mwana wa mama. Abanje kudusigurira ico ari co ingeso yo “kugira umwana i mwaro”, Iradukunda Laude arerekana ingene iyo ngendo ari inkomoko y’ukurya ibiturire n’izindi ngeso mbi, maze agahamagarira umwe wese kugira ico akoze.

Ba sokuru bati “inzanyi y’amazimwe”; ‘ukugira umwana i mwaro’ canke ikimenyane ni imwe mu ngeso zifise inkomoko nyinshi, mbere nkuru nkuru muri zo zikaba ari bimwe mu bibangamiye iterambere ry’igihugu cacu.

Umuntu agitangura gukoresha ikimenyane, womengo ni inzira imwe yo gukomeza ubucuti n’abo basanzwe bazinanye. Ariko, iyo bimaze kuba akamenyero, ibintu bica bigenda vyunyuka, mbere ugasanga ingaruka zavyo biragoye ko umuntu azitura, igihugu kikahahombera.

Insiguro yo “kugira umwana i mwaro”

Bamwe bavyita “aka mwana wa mama” canke “ikimenyane”, abandi ngo ni “ugucishirizamwo”.

Iyo bishitse ukaja kurondera umutegetsi kanaka ngo agutunganirize, wamara kuhashika ukahasanga abandi, maze aho kwakirwa uko mwakurikiranye mu gushika, bamwe bakarengana imbere y’ababatanze kuhashika. Ivyo bituruka akenshi ku kuba uwitangiye imbere azinanye na nyakubahwa nyene kubatunganiriza.

Iyo rero umuhanuzwajambo kanaka afise iyo ngendo yo gushira imbere ikimenyane, bituma abamukeneye ariko batazinanye barondera ubundi buryo bwotuma abitaho kurusha abandi, ari naho haca handuruka ivyo kurya ibiturire n’izindi ngeso zitabereye.

Aho ibintu bigeze, novuga ko amazi amaze kurenga inkombe: urugero rwo gutanga igiturire tuza tumaze kururengana, mbere ugasanga bamwe mu bategetsi basigaye basaba abifuza gutunganirizwa ko babanza bakaryamana, iyo ari abigeme canke abakenyezi, maze ivyo bigasasagaza akaranda k’ingwara zica mu mibonano mpuzabitsina. Iyindi ngaruka ikomeye cane, ni hamwe uzosanga urwaruka mu mashure rwagiye “kwishikana” ku bigisha babo, ngo bikunde babahe amanota batakoreye, mbere umwigeme akahakura imbanyi atifuza, kumbure umuhungu nawe akaja mu ngeso zo kwiba ngo aronke amahera y’igiturire.

Uruhara rwa twese ni nkenerwa

Ba sokuru barayamaze bati “agatoke kamenyereye gukomba kama gahese”. Ivyo bigasigura ko iyo umuntu amaze kumenyera gukoresha aka mwana wa mama, haragera igihe kubivamwo bitaba bigishoboka. Iyo bene kubikora babaye benshi naho, ni aha usanga igiturire n’izindi ngeso vyariganje, maze igihugu kikagenda gisubira inyuma mw’ iterembere.

Uri uwundi ngo “umwera uva i bukuru ugakwira hose”, urugamba rwo kugwanya aka mwana wa mama n’ingaruka ziheza zikavyandurukamwo rukwiye kuba urwa twese, uhereye hejuru kugeza hasi.

Umukuru w’igihugu dufise ubu yarigeze gutanguza umugambi wo “kutababarira abarya ibiturire n’abasesagura itunga ry’igihugu”; ariko uwo mugambi wahereye mu majambo gusa, kuko na none ibintu vyagiye birunyuka no kugeza n’ubu.  

None ubukiriro bw’Uburundi mwumva buzonana hehe?  

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (6)

  1. Mu burundi biragoye kuko naho hatangujwe umugambi wokutihanganira ibiturire ntiwigeze uja mungira.none ko abari kuwushira mungiro aribo bacaka wumva turiko tujahe?iyo inzego nk’ubutungane zakorera kumategeko hobaye agahengwe none nabwo nyene butunganiriza uwufise guko amategekoyo ari mukaruhuko.

  2. ibintu vyarayogeye,abantu bamwe barabura ivyo bafitiye uburenganzira kuber ibintu nk ivyo.
    je mbona ko umukuru w Igihugu mu cubahiro ciwe yosubira akibutsa wa mugambi wiwe mwiza wo kugwanya ikibi ben ico hanyuma n amashirahamwe yafasha muri vyo ashigikigwe mu gukora ico gikogwa cayo neza.

  3. Birateye ubwoba hariho domaine vyica n’abantu. Jewe naragiye kwa muganga kuri hôpital ntavuze ndazinduka cane ntora numéro 3 ariko navuwe 17h kandi muganga yatonze 8h kubera aka mwana wa mama gusa. Umuntu wese azinanyi n’umukozi wo kuri ivyo bitaro wabona aza amufashe ukuboko bagatera binjira wewe ukaguma utonze ukarindira ko uzoshikirwa ugahebura. Ivyo bintu vyarambabaje cane. Kuri ivyo bitaro nyene umuvyeyi abura uwumwakira aba infirmier bari hanze mwirigara arakoma induru barihoza ngo ni agafyinyi gushikaho umwana akorokera hasi arapfa kandi barikumrokorera i kibondo. Hari ibisata vyaribikwiy kwirabwaho cane nk’ic’amagara y’abantu kuko ubuzima ni amazi aseseka ntibayore. Muri 2013 naho nagiye kwibaruka mû bitaro bimwe vyo mû gisagara ca Bujumbura mpurirayo n’umuvyeyi agiye kwibaruka umwana agira 3 kandi 2 bambere ntanumwe yarariho kuko yarafise ingorane ituma atavyara neza ugwiniriro rw’igitereko rwiwe ntigwuguruka bama bamubaga aruko bumvise umwana yamaze gupfa. aratakamba ati ntabara muntware muri bloc sinsubire kuruhira ubusa. Bose bakica amatwi kandi ikibazo bakibona. Yamaze imisi 2 ari kwisima imbere ya salle d’accouchement atanuwumuraba aborogera abatamwumviriza maze bumvise umwana atagihema baramutwara muri bloc. Narababaye cane mbonye ibimushikiye nubu iyo scène ntiramva mû mutwe. Rero bokora amanyanga yose basi bibuke ubuzima ari amazi aseseka ntibayore.