article comment count is: 1

Imbuga ngurukanabumenyi: bamwe bungukira aho abandi bahombera

Uko imisi igenda ni ko Abarundi bijukira gukoresha ubuhinga ngurukanabumenyi. Hari umugabane munini w’abazikoresha ibitagira mvura canke mu ntumbero yo kwisamaza, ariko hakaba n’abandi usanga bazikoresha mu bikorwa vy’ukwiteza imbere. Prosper Niyonkuru aratuyagira vyinshi.

“Ni akahe kunguko maze gukura kuri runo rubuga ngurukanabumenyi?”

Ng’ico ikibazo abenshi batibaza, ariko cofasha mu kwibutsa benshi ikibanza izo mbuga zifise mu buzima bwabo. Ugiye kuraba nko mu rwaruka, ni benshi usanga baziriko kugira babe barisamaza, canke bagata umwanya bariko bazandagazako amakuru y’ibihuha, ibinyoma canke ibiterasoni.

Nk’akarorero, kuva aho urubuga rwitwa “WhatsApp” rumenyekaniye mu Burundi, hari aho usanga umuntu kanaka yamaze hafi umusi wose ari kuri urwo rubuga atebura n’aba canke bariya, akibagira ko umwimbu w’uwo musi uhindutse ubusa.

Ariko kandi, hari n’abazikoresha kugira biteze imbere

Richard, umwe mu basore badandaza za ngendanwa mu gisagara ca Bujumbura yemeza ko imbuga za “WhatsApp na Facebook” zimufasha cane: “kare naja kurizo mbuga ngiye kwiyagira n’abagenzi gusa canke kuraba ibinsamaza kugira nduhurire umutwe. Sinari nzi ko ngendanwa yanje yoshobora kunzanira abakiriya. Nagiye kubimenya ari uko ndabiyagiwe n’umugenzi ari mu mahanga.”  

Turetse ukumenyekanisha ivyo bamwe n’abandi bakora, uguhanahana amakuru mu mwanya muto, ugukomeza imigenderanire hagati y’abasangiye inyungu, … ni bimwe muri vyinshi bigize akamaro k’imbuga ngurukanabumenyi. Kira noneho, hasigaye hari ubuzi ata handi bukorerwa atari kuri izo mbuga, canke mbere n’urudandazwa ata handi rukorerwa atari aho, bivana n’ico umwe wese agiye kuronderayo rero.

Hari abakwiye guhindura inyifato

Ukwisamaza, ugutangaza amasanamu atari mu ntumbero z’ibikorwa vy’ukwiteza imbere, ukugwiza ibiyago ata nyungu y’iterambere bifise, ng’ivyo ibintu bidakwiriye kutujana ku mbuga ngurukanabumenyi.

Ku bwanje, nibaza ko hari na benshi mu rwaruka bahigira ibiterasoni, mbere bikandurukiramwo ingeso mbi nk’ubuhumbu, ukunywa ibiyayuramutwe n’ibindi.

Noneho rero umwe wese yari akwiye kwiyumvira ku nyungu n’uruhombo agira mu mwanya amara ku mbuga ngurukanabumenyi. Atari uko, tuzosanga duhombeye aho twokwungukiye.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Ivyo nivyo.twaridukwiye kwicara tukiyumvira igikwiye nacanecane kuriz mbuga muvyoduteza imbere au lieu yoguhananahana inkuru idatanga inyungu.tugire vision nini yicotwipfuza gushkako.murakoze.