Umunyeshure arangije inyigisho za kaminuza, arandika igitabu cerekana mu ncamake ubuhinga n’ubumenyi aba yarize, canke kikaba nk’ikibazo canyuma kirangiza ivyigwa vyiwe. Muri ino minsi rero, hari ingendo nshasha iharawe, aho bamwe mu basabwa kwandika ivyo bitabu batakivyiyandikira ubwabo, ariko bagasaba […]
Indero
Mu bigo vya kaminuza y’Uburundi : ubuzima bw’agasamazo
Abicishije mu kwerekana itandukaniro ry’ukugene yibona mu buzima bwiwe akiba mu bigo vya kaminuza y’Uburundi n’uko yiyumvira ubu aba hanze y’ivyo bigo, umunyeshure Ndayishimiye Déo aratanga impanuro ku banyeshure bamwe bamwe bo muri iyo kaminuza.
Burundi: hari abana bahevye ishure kubera ingingo itegeka kwimosha
Mu gihe umwaka w’ishure turimwo usigaje hafi amezi abiri ngo urangire, hari abanyeshure bagumye bicaye muhira, biturutse ku kutumvikana hagati y’amategeko ya leta n’ukwemera kw’amadini abo bana basengeramwo. Ndorukwingira Franck Arnaud yaraganiriye na bamwe muri abo bana.
Ibiyovyabwenge : « Ntore yarahevye ishure, asigaye ari umugwayi wo mu mutwe »
Tumaze imisi twumva canke tubona urwaruka rwononekara kugeza no ku bugwayi bwo mu mutwe, biturutse ku biyovyabwenge ruba rwihereje. Afatiye ku karorero k’umugenzi wiwe Ntore, Bamuhaye Chancelle aratwiganira ingene ivyo biyayuramutwe bigisibije mu rwaruka.
“Rurahinda”, “Ndimubansi”,…kuki twita abana amazina uko tubonye kwose?
Barayamaze ngo « izina ni ryo muntu ». Ni kuki none abavyeyi b’Abarundi babandanya kwita amazina agera ibibi abana babo? Ntahimpera Jean Marie ati: “Ivyo bintu bikwiye gusezererwa”.
Burundi: « Ongera imishahara, gwiza ubuzi, aho kuzibira abagenda kwiga mu mahanga! »
Leta y’Uburundi iheruka gufata ingingo zijanye n’ukuzibira abanyeshure bagenda kwiga mu bihugu nk’Ububirigi, Amerika n’Ubufaransa. Kubwa Chançard Abimana, “ukwongera imishahara n’ukugwiza ubuzi ni zo ngendo zari zibereye”.
Burundi: abana b’abigisha boba bagiye kuriha amahera y’ishure nk’abandi bose ?
Ubushikiranganji bw’indero mu Burundi buheruka gufata ingingo yo kongereza amahera y’ishure. Imwe mu nkurikizi z’iyo ngingo: mu mice imwe imwe y’igihugu abana b’abigisha barasusubiriye kuriha nk’abandi bose; atariko vyahora. Masumbuko Bède ati: “umwigisha arahotowe pe!”
Indero : muragwize amategeko, ariko ntimwibagire n’uburyo
Ubushikiranganji bujejwe indero bwatanguje uyu mwaka w’ishure shingiro n’ingingo nshasha, ahanini zerekeye ku nyamabaro n’inyifato biranga abanyeshure. Nikiza Egide ati: “hari ibindi vyihutirwa atari mwe n’izo ngingo”.
Ibiciro vy’amakaye : « amaborogo y’intare ntabuza ishamba gusha »
Haraciye ikiringo kirenga gato iyinga rimwe, umwaka mushasha w’amashure shingiro n’ayisumbuye utanguye. Nk’uko vyagaragaye ku masoko, uko umusi wo gutangura amashure wegereza, ni ko ibiciro vy’ibikoresho vy’ishure vyagenda biraduga. Félix Ndereyimana ati : « leta ntiyitayeho umunyagihugu mw’iyo misi ».