Leta y’Uburundi iheruka gufata ingingo zijanye n’ukuzibira abanyeshure bagenda kwiga mu bihugu nk’Ububirigi, Amerika n’Ubufaransa. Kubwa Chançard Abimana, “ukwongera imishahara n’ukugwiza ubuzi ni zo ngendo zari zibereye”.
Leta y’Uburundi iheruka kwiyamiriza ingendo y’ibihugu bimwe bimwe, yo kugumya abanyeshure baja kwigayo, maze ivyo bihugu bigaca bibaha ubuzi, aho kubarungika ngo bagaruke mu Burundi. Imvo zashikirijwe ni uko muri ivyo bihugu ari ho hari igitigiri kinini c’urwaruka rw’Uburundi ruherezayo amashure, hama ntirugaruke mu gihugu nkuko baba bavyemeranije na Leta imbere y’ukubarungika.
Ikosha rifise nde?
Abamaze gushikiriza impamvu zituma bagenda mu bihugu vyo hanze y’Uburundi hama ntibashobore kugaruka, baremeza ko ahanini bitumwa n’ukurondera igisumba ikindi. Basanga iyo bagiye baharonkera ubuzi, mu gihe amahigwe yo kuburonka mu Burundi, waba incabwenge canke ntuyibe, ari ku rushi. Vyongeye, ngo basanga hari n’akarusho, ufatiye ku gashahara baronka iyo baba bari, gusumba ako boronka bari hano mu gihugu iwabo.
Abidoga burya ntibarira busema. Kanatsinda, haraciye imyaka irenga gato ibiri, ibiciro vy’ibintu hafi vyose bidasiba kwisubiriza mu kuduga ku masoko. Vyagiye kunyuka, n’ukwiyunguruza vyaraye bisubiye kuduzwa igiciro.
Aho hose, hari uwoba acibuka ryari umukozi, na cane cane uwa leta, aheruka kwongerezwa agashahara? Abakorera amashirahamwe yigenga bo ngira yoba ari mitende, kuko kenshi usanga umukozi waho ahemberwa ibikorwa yakoze.
Ni uko rero birakwiye kandi biratunganye, ko umwana w’umuntu aja kuronderera aho bikironkeka, mu gihe aba aronse ako karyo ko kuhashika. Mbere kuva na kera, ukuja gupagasa mu mahanga vyamyeho, mu gihe kanaka abonye ko aho abaye ata kunguko hariko haramuzanira. Nta gishasha kirimwo rero.
Uruhombo rwo ni ntangere nyene
Benshi mu bagenda ni urwaruka. Rujanwa n’ukurondera canke ugukarisha ubwenge. Kandi rero benshi usanga bahavuye bavamwo abahinga, abashakashatsi ndetse n’abigisha muri za kaminuza z’iyo baroye. Burya hari n’abatavugwa kenshi, abadandaza bahitamwo kuja gukorera urudandazwa rwabo mu bindi bihugu. Gutyo rero, igihugu gihomba ku ngero nyinshi: mu nguvu, mu bumenyi no mu buhinga vyokoreshejwe mu kugiteza imbere. Ivyo navyo bitera uruhombo rusangi, igihugu cose kiratakaza.
Kwima akaryo abaja kurahura ubumenyi niwo muti ubereye?
Ku bwanje, hari izindi ngingo zari kuba zibereye gusumba iyo, aho novuga nk’ukwiga ingene yoduza agashahara k’abakozi bayo muri rusangi, kugira ikibirukana, ni ukuvuga ubuzima buzimvye, gisezererwe.
Bitayeko, ngo “akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze”, kandi ngo “uwudatembereye ntaca ubwenge”. Ni uko rero, igihugu cari gikwiye kurungika incabwenge zaco kurahura ubwenge ahenshi mu mahanga hashoboka, aho kuzibira bamwe n’abandi.
Ikindi na co, kwoba ukwongereza uburyo bushirwa mu gisata c’inyigisho n’ubushakashatsi, kugira abahinga n’abashakashatsi dukeneye bigishirizwe aha nyene. Ntihokwibagirwa kandi ukugwiza amahinguriro n’inganda, kugira ubuzi ku baheza amashure buboneke, maze ugutakaza ivyizigiro vya kazoza keza kwoye gutuma hagira abata igihugu, bakaja gupagasa mu mahanga.
Hagat’aho, notera akamo abamaze kugenda ndabamenyesha ko uguteza imbere kino gihugu ari ivya bo, na kare ngo “nta wanka kwonka nyina ngo agwaye amahere”; ni uko rero bokubita i bweru bagaca ubwenge, maze bakikora ku bumenyi barahuye kugira bashigikire igihugu cabibarutse mw’iterambere.
Soma kandi:
- « Amashure atazoshikana amanota 20% mu kibazo ca leta azoca afutwa »
- Ubuzima bw’abahejeje amashure ya kaminuza mu Burundi
- Abahejeje amashure ntibakwiye kurera amaboko
KUJA KWIGA MUMAHANGA NI IVYAGACIRO KUWUGIYEYO KANDI MUGIHE ARONSE UBUMENYI NI INYUNGU KURI UWO ABURONSE KANDI NI INYUNGU CANE KUGIHUGU CAMWIBARUTSE.ARIKO NOGARUKA NKIBAZA:ABAJA HANZE BOSE BARIBUKAKO ARI IGIHUGU CABARUNGITSE?UBWO IZO NGINGOZIFATWA NTIZOBA ZIFISE INTANDARO KURI UKWO KUNTU HOBA HARI ABAGENDA NTIBAGARUKE GUFASHA IGIHUGU CABIBARUTSE?CANKE KANDI ;UBWO IMIGENDERANIRE YOBA ARI MYIZA HAGATI Y IGIHUGU NIVYO BINDI BABUZA KUJA KURAHURAMWO UBWENGE?NONE MBE UMUNTU YOBA AFISE UBURENGANZIRA BWO KUJA AHO ASHAKA KW ISI YOSE?GUTE?
JEWE RERO KUBWANJE KUBERAKOIVYO BIBAZO NTARABIRONKERA INYISHU NOVUGA ATI UMUNTU NARABE ICATUMYE IRYO HAGARIKWA HANYUMA AMENYE IMPAMVU ZITOMOYE HAMA TWESE HAMWE TUMENYE ICABITEYE