Umunyeshure arangije inyigisho za kaminuza, arandika igitabu cerekana mu ncamake ubuhinga n’ubumenyi aba yarize, canke kikaba nk’ikibazo canyuma kirangiza ivyigwa vyiwe. Muri ino minsi rero, hari ingendo nshasha iharawe, aho bamwe mu basabwa kwandika ivyo bitabu batakivyiyandikira ubwabo, ariko bagasaba bagenzi babo ko babafasha mu kubibandikira maze bakabahemba.
Urugero rw’abiyandikira ibitabo birangiza amashure ya kaminuza rutera rugabanuka cane, eka mbere ubu haramaze kuvuka n’umwuga w’abandikira ivyo bitabu amafaranga. Viyatori (yahinduwe izina), umwe muri abo babigize umwuga kuri kaminuza nderabigisha, avuga ati: « Abatwitura bagwirirana ku munsi ku munsi, natwe tukabitomboreramwo. Igitabu kimwe tucandikira amafaranga ibihumbi amajana ane, mu kiringo c’ukwezi ». Ariko rero ikibabaje kikongera kigatera n’ubwoba, n’uko « bene kwandika baheza bakandika ibidahuye n’ibiri mu karere umunyeshure aba yakoreyemwo icigwa kuko ibiharuro bakoresha babikura mu mutwe, ibindi navyo bakavyimura babikuye ku mbuga ngurukana bumenyi », nk’uko Viyatori ubwiwe abinegura.
Nta kabura imvo
Ndayisaba Yozefu, umwarimu muri kaminuza y’Uburundi, amenyesha ko iyo ngorane ituruka ku gutituka kw’ubumenyi mu mashure ya kaminuza. Uwo muhinga mu vy’imibano akagira ati: « Impamvu y’iryo tituka ni uburyo tubigishamwo butakijanye n’ibihe tugezemwo. Abanyeshure bararwiriye ariko inyubakwa ntizaguwe, abarimu benshi usanga banakuze cane ariko ntibanagurwe ngo bashire ivyo bigisha ku gihe. Ivyo bikiyongera ku bukene n’ibibasamaza vyarwiriye mu rwaruka bigatuma batiga neza ». Yamara rero, mbona ko n’abanyeshure babifisemwo uruhara. Kanatsinda, abo babibandikira baba bize kw’ishure rimwe na nyene kuvyandikisha.
Impinduka zikenewe hose
Ku barongoye amakaminuza, ni uguha akazi abarimu babishoboye, ndetse bakanagura ubumenyi bwabo buri gihe. Kuri Leta, yokora ibishoboka vyose ngo ubuzima bw’igihugu bwisununure kuko bigira n’ingaruka nziza ku bumenyi bw’abanyeshure, ndetse inguvu nyinshi zoshirwa mw’ishure shingiro nakare izija guhona zihera mu ruhongore.
Nayo abanyeshure n’abarimu babo, bamwe nobahanura kugira umwete n’ubwira bw’ukwiyandikira ivyo bitabu nk’uko babisabwa, abandi nabo bagakurikirana neza kugira bamenye nimba koko umunyeshure bahaye igikorwa ari we ariko aracikorera, ubona ko muri ico gikorwa c’ukwandika igitabu, umunyeshure wese aba afise umwigisha amukurikirana.
Soma kandi : Mu bigo vya kaminuza y’Uburundi : ubuzima bw’agasamazo
Commentaire *ivyo ni ivyamwa turiko turaronka vy’indero yatitutse kuva kera
Ivyo uwo mwarimu yavuze nivyo kabisa.